Yesaya 49:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Nayo jewe, navuze nti: “Nacumukuriye ubusa+. Inkomezi zanje nazimariye ku bitabaho no ku vy’ubusa+. Vy’ukuri, urubanza rwanje ruri kwa Yehova+, impembo yanje na yo ku Mana yanje+.” Abagalatiya 2:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Mugabo naduze bivuye ku guhishurirwa+. Ndaheza nshira imbere yabo+ inkuru nziza ndiko ndamamaza mu mahanga, ariko ndabigira mu mwiherero imbere y’abagabo bari bakomakomeye, kugira ngo simpave nsanga nariko nirukira+ ubusa canke ngo nsange nari nirukiye ubusa+. 1 Abatesalonika 3:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Ni co gituma rero, igihe ntari ngishoboye kuvyihanganira, narungitse intumwa kugira ngo menye ivy’ubwizigirwa bwanyu+, kubera ko kumbure wa Mugerageji+ ashobora kuba yarabagerageje, maze ukubira akuya kwacu kukaba impfagusa+.
4 Nayo jewe, navuze nti: “Nacumukuriye ubusa+. Inkomezi zanje nazimariye ku bitabaho no ku vy’ubusa+. Vy’ukuri, urubanza rwanje ruri kwa Yehova+, impembo yanje na yo ku Mana yanje+.”
2 Mugabo naduze bivuye ku guhishurirwa+. Ndaheza nshira imbere yabo+ inkuru nziza ndiko ndamamaza mu mahanga, ariko ndabigira mu mwiherero imbere y’abagabo bari bakomakomeye, kugira ngo simpave nsanga nariko nirukira+ ubusa canke ngo nsange nari nirukiye ubusa+.
5 Ni co gituma rero, igihe ntari ngishoboye kuvyihanganira, narungitse intumwa kugira ngo menye ivy’ubwizigirwa bwanyu+, kubera ko kumbure wa Mugerageji+ ashobora kuba yarabagerageje, maze ukubira akuya kwacu kukaba impfagusa+.