ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ezekiyeli 8
  • Bibiliya y’isi nshasha

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Ezekiyeli 8:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 14:1; 20:1
  • +Ezk 1:3; 3:22

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga),

    2/2018, rup. 3

Ezekiyeli 8:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 1:27
  • +Dn 7:9
  • +Ezk 1:4, 27

Ezekiyeli 8:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 2:9; Dn 5:5
  • +Ezk 3:14; Heb 1:7
  • +Ezk 40:2
  • +Yr 20:2; Ezk 9:2
  • +Kv 20:5; Gus 32:16; Yos 24:19; Zb 78:58

Ezekiyeli 8:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 40:34; Ezk 1:28

Ezekiyeli 8:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 7:20

Ezekiyeli 8:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 36:14
  • +Zb 78:60; Yr 26:6

Ezekiyeli 8:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 23:24; Heb 4:13

Ezekiyeli 8:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 7:10

Ezekiyeli 8:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 20:4; Gus 4:18
  • +Lw 11:10; Ivk 10:12; Rm 1:23
  • +2Bm 23:24

Ezekiyeli 8:11

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke, “ububani.”

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 24:1; Gh 11:16
  • +2Bm 22:3; 25:22; 2Ng 34:8; Yr 26:24
  • +2Ng 26:16; Yr 7:9; Ezk 16:18

Ezekiyeli 8:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yb 24:16; Yoh 3:19
  • +Zb 73:11; 94:7; Yes 29:15; Ezk 9:9

Ezekiyeli 8:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 9:3

Ezekiyeli 8:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 36:14

Ezekiyeli 8:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 4:9
  • +Yw 2:17
  • +Ezk 11:1
  • +1Bm 8:29; Yr 2:27; 32:33
  • +Gus 4:19; 17:3; 2Bm 17:16; 23:5; Yb 31:26; Yr 8:2; 44:17

Ezekiyeli 8:17

Utujambo tw'epfo

  • *

    Nta gukeka ko ako gashami kakoreshwa mu vy’ugusenga ibigirwamana.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 6:13; 2Bm 21:16; Yr 19:4; Ezk 9:9; Zf 1:9

Ezekiyeli 8:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 5:13
  • +Ezk 5:11; 7:9; 9:10
  • +Img 1:28; Yes 1:15; Yr 11:11; 14:12; Mik 3:4; Zk 7:13

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Ezk. 8:1Ezk 14:1; 20:1
Ezk. 8:1Ezk 1:3; 3:22
Ezk. 8:2Ezk 1:27
Ezk. 8:2Dn 7:9
Ezk. 8:2Ezk 1:4, 27
Ezk. 8:3Ezk 2:9; Dn 5:5
Ezk. 8:3Ezk 3:14; Heb 1:7
Ezk. 8:3Ezk 40:2
Ezk. 8:3Yr 20:2; Ezk 9:2
Ezk. 8:3Kv 20:5; Gus 32:16; Yos 24:19; Zb 78:58
Ezk. 8:4Kv 40:34; Ezk 1:28
Ezk. 8:5Ezk 7:20
Ezk. 8:62Ng 36:14
Ezk. 8:6Zb 78:60; Yr 26:6
Ezk. 8:8Yr 23:24; Heb 4:13
Ezk. 8:9Yr 7:10
Ezk. 8:10Kv 20:4; Gus 4:18
Ezk. 8:10Lw 11:10; Ivk 10:12; Rm 1:23
Ezk. 8:102Bm 23:24
Ezk. 8:11Kv 24:1; Gh 11:16
Ezk. 8:112Bm 22:3; 25:22; 2Ng 34:8; Yr 26:24
Ezk. 8:112Ng 26:16; Yr 7:9; Ezk 16:18
Ezk. 8:12Yb 24:16; Yoh 3:19
Ezk. 8:12Zb 73:11; 94:7; Yes 29:15; Ezk 9:9
Ezk. 8:13Yr 9:3
Ezk. 8:152Ng 36:14
Ezk. 8:162Ng 4:9
Ezk. 8:16Yw 2:17
Ezk. 8:16Ezk 11:1
Ezk. 8:161Bm 8:29; Yr 2:27; 32:33
Ezk. 8:16Gus 4:19; 17:3; 2Bm 17:16; 23:5; Yb 31:26; Yr 8:2; 44:17
Ezk. 8:17It 6:13; 2Bm 21:16; Yr 19:4; Ezk 9:9; Zf 1:9
Ezk. 8:18Ezk 5:13
Ezk. 8:18Ezk 5:11; 7:9; 9:10
Ezk. 8:18Img 1:28; Yes 1:15; Yr 11:11; 14:12; Mik 3:4; Zk 7:13
  • Bibiliya y’isi nshasha
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
Bibiliya y’isi nshasha
Ezekiyeli 8:1-18

Ezekiyeli

8 Nuko mu mwaka ugira gatandatu, mu kwezi kugira gatandatu, ku musi ugira gatanu w’ukwo kwezi, igihe nari nicaye mu nzu yanje, abagabo b’inararibonye ba Yuda na bo bakaba bari bicaye imbere yanje+, ukuboko kw’Umukama Segaba Yehova kwanguyeko ng’aho+. 2 Maze ntangura kubona, hanyuma ngize ntya, mbona igisa n’ishusho y’umuriro+; uhereye kw’ishusho y’amafyinga yiwe kumanuka hari umuriro+, kandi uhereye ku mafyinga yiwe kuduga hari ikintu kimeze nk’ishusho y’ukwakaka, nk’uguca ibibatsi kw’uruvange rw’inzahabu n’ifeza+. 3 Araheza atuma igifise ishusho y’ukuboko+, amfata ku kagundu k’imishatsi y’umutwe wanje, maze impwemu+ irantwara hagati y’isi n’amajuru inzana i Yeruzalemu mu vyo nariko nerekwa n’Imana+, ku bwinjiriro bw’irembo ry’indani+ riraba amaja mu buraruko, ahari ikibanza cabamwo ikimenyetso c’ishari gitera ishari+. 4 Maze, ehe ubuninahazwa bw’Imana ya Isirayeli bwari ng’aho+, bumeze nka ya shusho nari nabonye mu kiyaya c’umubande.

5 Nuko ambwira ati: “Mwana w’umuntu, ndakwinginze uraramurire amaso amaja mu buraruko.” Ndaheza ndaramurira amaso amaja mu buraruko, maze ngize ntya mbona mu buraruko bwa nya rembo ry’igicaniro hari ico kimenyetso c’ishari+, mu bwinjiriro. 6 Maze abandanya kumbwira ati: “Mwana w’umuntu, urabona ibintu bikomeye biteye ishishi bariko barakora+, ivyo inzu ya Isirayeli iriko ikorera ng’aha kugira ngo mbe kure y’aheranda hanje+? Yamara kandi, urongera kubona ibintu bikomeye biteye ishishi.”

7 Nuko anzana ku bwinjiriro bw’ikigo, maze ntangura kubona, hanyuma ngize ntya mbona igitoboro mu ruhome. 8 Ambwira rero ati: “Mwana w’umuntu, ndakwinginze utobore mu ruhome+.” Nuko ntobora mu ruhome, maze ngize ntya, mbona ubwinjiriro. 9 Ambwira kandi ati: “Injira ubone ibintu bibi biteye ishishi bariko bakorera ng’aha+.” 10 Nuko ndinjira maze ntangura kubona, hanyuma ngize ntya mbona hari amashusho yose+ y’ibikwega inda hasi n’ibikoko bishisha+, n’ibigirwamana vy’umwanda vyose vy’inzu ya Isirayeli+, bishushanijwe ku ruhome irya n’ino. 11 Kandi abagabo mirongo irindwi+ bo mu bahumure b’inzu ya Isirayeli, Yayazaniya mwene Shafani+ akaba yari ahagaze hagati muri bo, bari bahagaze imbere yavyo, umwe wese afise icotezo ciwe mu kuboko kwiwe, akamoto k’igicu c’imibavu* kakaba kariko karaduga+. 12 Maze ambwira ati: “Mbega wabonye ga mwana w’umuntu ivyo abahumure b’inzu ya Isirayeli bariko barakorera mu mwiza+, umwe wese mu vyumba vy’igishusho ciwe c’indatwa? Kuko bavuga ngo: ‘Yehova ntatubona+. Yehova yarahevye igihugu.’”

13 Abandanya kumbwira ati: “Urongera kandi kubona ibintu bikomeye biteye ishishi bariko barakora+.” 14 Nuko anzana ku bwinjiriro bw’irembo ry’inzu ya Yehova, iriri amaja mu buraruko, maze ngize ntya, mbona abagore bari bicaye ng’aho, baririra imana Tamuzi.

15 Ambwira kandi ati: “Mbega wabonye ivyo bintu ga mwana w’umuntu? Urongera kandi kubona ibintu bikomeye biteye ishishi+, bibi kuruta ivyo.” 16 Nuko anzana mu kigo c’indani c’inzu ya Yehova+, maze ngize ntya, ku bwinjiriro bw’urusengero rwa Yehova, hagati y’ibaraza n’igicaniro+, mbona hari abagabo nka mirongo ibiri na batanu+ bahaye imigongo urusengero rwa Yehova+, mu maso habo haraba mu buseruko, bakaba bari bunamye baraba mu buseruko, bunamiye izuba+.

17 Maze abandanya kumbwira ati: “Mbega wabonye ivyo bintu ga mwana w’umuntu? Mbega ni icoroshe ku nzu ya Yuda gukora ivyo bintu biteye ishishi bakoreye ng’aha, ku buryo barinda kwuzuza igihugu ubukazi+, bakongera kumbabaza, kandi bagatuma agashami* ku zuru ryanje? 18 Nanje rero nzogira ico nkoze mu bushangashirwe+. Ijisho ryanje ntirizokwumva akagongwe, eka nta n’impuhwe nzogira+. Kandi ntibazobura gusemerera mu matwi yanje n’ijwi rirenga, mugabo sinzobumva+.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika