Zaburi
Ku muyobozi. Agahibongozo ka Dawidi.
140 Ewe Yehova, nuntabare abantu babi+;
Nunzigame undinde umuntu w’ibikorwa vy’ubukazi+,
2 Abateguye umugambi w’ibintu bibi mu mutima wabo+,
Bakaguma bagaba ibitero nko mu ntambara bukarinda bwira+.
3 Bakarihije ururimi rwabo nka rurya rw’inzoka+;
Ubwayi bw’imamba y’amahembe buri munsi y’iminwa yabo+. Sela.
4 Nundinde, ewe Yehova, amaboko y’umubisha+;
Nunzigame undinde umuntu w’ibikorwa vy’ubukazi+,
Abateguye umugambi wo guhenura intambuko zanje+.
5 Abinantaje banyegeje umutego wo kuncakira+;
Imigozi barashanje nk’urusenga iruhande y’umuhora+.
Imitego baranteze+. Sela.
7 Ewe Yehova Mukama Segaba+, nkomezi z’ubukiriro bwanje+,
Wakingīriye umutwe wanje ku musi w’ingabo+.
8 Ewe Yehova, ntuhe umubisha ivyo ahahamiye+.
Ntushigikire umugambi wiwe mubi, kugira ntibashirwe hejuru+. Sela.
10 Amakara yaka natibagurirwe kuri bo+.
Nibagwishwe mu muriro+, mu vyobo vy’amazi, ntibasubire guhaguruka+.