Indirimbo ya Salomo
2 “Ndi ishurwe ry’izafarani+ gusa ryo mu kiyaya co ku nkengera+, ilisi ryo mu biyaya vyo hasi+.”
2 “Kurya kw’ilisi mu vyatsi vy’amahwa, ni ko umwigeme nikundira ameze mu bakobwa+.”
3 “Kurya kw’igiti c’ipome+ mu biti vy’ikibira, ni ko umukunzi wanje ameze mu bahungu+. Igitutu ciwe naracipfuje bimwe vy’igihababu, kandi aho ni ho nicaye, icamwa ciwe kigasosera amagage yanje. 4 Yanyinjije mu nzu y’umuvinyu+, kandi ibendera+ ryiwe hejuru yanje rwari urukundo+. 5 Nimumpembuze udutsima tw’inzabibu zumye+, munshigikize amapome; kuko ndwaye urukundo+. 6 Ukubamfu kwiwe kuri munsi y’umutwe wanje; ukuryo kwiwe na kwo, kurangumbira+. 7 Ndabarahije+ ingeregerekazi+ canke impongokazi+ zo mw’ishamba, emwe bakobwa ba Yeruzalemu, ntimugeze gukangura canke kuvyura urukundo muri jewe rutarabishaka+.
8 “Ijwi ry’umukunzi wanje+! Raba! Araje+, ananagira imisozi, asimbasimba ku mirambi. 9 Umukunzi wanje asa n’ingeregere+ canke umukangara w’amafumbēri. Raba! Ahagaze inyuma y’uruhome rwacu, yitegerereza mu madirisha, atereza akajisho acishije mu tuyungiro+. 10 Umukunzi wanje yishuye, ambwira ati: ‘Haguruka, mwigeme nikundira, mwiza wanje+, ugende+. 11 Kuko, ehe ikiringo c’imvura+ carenganye, imvura y’isegenya irahise, yigiriye. 12 Amashurwe yaserutse mu gihugu+, igihe c’ugututūra imizabibu+ cashitse, n’ijwi ry’intunguru+ ryumvikanye mu gihugu cacu. 13 Nayo igiti c’umusukoni+, cejeje insukoni zaco za kare+; kandi imizabibu ni urushurwe, yarekuye ugutamirana kwayo. Haguruka, ingo, mwigeme nikundira+, mwiza wanje, ugende. 14 Ewe numa yanje+ iri mu bwihisho bw’urutare, ahihishije h’inzira ihanamye, nyereka agashusho kawe+, nyumvisha akajwi kawe, kuko akajwi kawe karyoshe, n’agashusho kawe kakaba gateye igomwe+.’”
15 “Nimudufatire imbwebwe+, twa tubwebwe dutoduto tuyogeza imirima y’imizabibu, kuko imirima yacu y’imizabibu ari urushurwe+.”
16 “Umukunzi wanje ni uwanje, nanje nkaba uwiwe+. Ariko araragira+ mu mashurwe y’amalisi+. 17 Hindukira, yewe mukunzi wanje, akayaga k’umusi katarahuhēra n’ibitutu ngo bihunge! Mera nk’ingeregere+ canke nk’umukangara w’amafumbēri ku misozi y’itandukanirizo.