Ku muyobozi. Masikili. Ni izaburi ya Dawidi, igihe Dowegi Umunyedomu yaza agatangura kubwira Sauli yuko Dawidi yari yaje ku nzu ya Ahimeleki+.
52 Kubera iki wiratira ibibi, ga yewe munyenkomezi+?
Ubuntu bwuzuye urukundo bw’Imana bwirizako umusi wose+.
2 Amarushwa ni yo mugambi ururimi rwawe rutegura, rukarihije nk’urumosho+,
Rugakorana ubuhendanyi+.
3 Wakunze ikibi kuruta iciza+,
Ibinyoma kuruta ukuvuga ivy’ubugororotsi+. Sela.
4 Wakunze amajambo arotsa yose+,
Ewe wa rurimi rw’uruhendanyi+!
5 Imana ubwayo na yo izogusiturira hasi ku bw’ibihe bidahera+;
Izogucinya hasi, igushikure mw’ihema ryawe+,
Kandi ntizobura kukurandura mu gihugu c’abazima+. Sela.
6 Kandi abagororotsi bazobibona batinye+,
Bamutwenge+.
7 Ng’uyu umuntu w’umugabo atagira Imana iboma ryiwe+,
Mugabo akizigira ubwinshi bw’ubutunzi bwiwe+,
Akugama mu marushwa ateza+.
8 Mugabo jewe nzomera nk’igiti c’umwelayo gitotahaye+ mu nzu y’Imana;
Ndizigiye koko ubuntu bwuzuye urukundo bw’Imana gushika igihe kitagira urugero, mbere ibihe bidahera+.
9 Nzoguhaya gushika igihe kitagira urugero, kuko wagize ico ukoze+;
Kandi nzokwizigira izina ryawe, kuko ari vyiza, imbere y’intahemuka zawe+.