Zaburi
2 Ririmbire Yehova, muhezagire izina ryiwe+.
Umusi ku wundi mutangaze inkuru nziza y’ubukiriro atanga+.
3 Menyeshe mu mahanga ubuninahazwa bwiwe+,
Menyeshe mu bisata vy’abantu vyose ibikorwa vyiwe vy’agatangaza+.
5 Kuko imana zose z’ibisata vy’abantu ari imana ata co zimaze+;
Ariko Yehova we, ni we yakoze amajuru+.
7 Herereze kuri Yehova, yemwe miryango y’ibisata vy’abantu+,
Herereze kuri Yehova ubuninahazwa n’inkomezi+.
9 Nimwunamire Yehova mu gushaza kweranda+;
Nimugire ububabare bukaze kubera we, yemwe abo kw’isi mwese+!
10 Nimuvuge mu mahanga muti: “Yehova ubwiwe acitse umwami+.
Ubutaka bwimbuka na bwo burashimangiwe ku buryo budashobora kunyiganyizwa+.
Azoburanira ibisata vy’abantu mu kugororoka+.”