Ku muyobozi, ku Malisi+. Icibutsa. Ni izaburi ya Asafu+. Agahibongozo.
80 Ewe Mwungere wa Isirayeli, tega ugutwi+,
Wewe uyobora Yozefu nk’umukuku+.
Wewe wicaye ku bakerubi+, nusayangane+!
2 Imbere ya Efurayimu na Benyamini na Manase, nuvyure ubushobozi bwawe+,
Uze, udukize+.
3 Ewe Mana, nutugarukane+;
Nuboneshe mu maso hawe, tubone gukizwa+.
4 Ewe Yehova Mana nyen’ingabo, uzogeza ryari gufumba ushavurira isengesho ry’abantu bawe+?
5 Wabagaburiye umukate w’amosozi+,
Kandi uguma ubanywesha amosozi ku bwinshi+.
6 Wadushiriyeho kuba abo gushihanirwako n’ababanyi bacu+,
Abansi bacu na bo bakaguma bitwengera uko bashaka+.
7 Ewe Mana nyen’ingabo, nutugarukane+;
Nuboneshe mu maso hawe, tubone gukizwa+.
8 Watumye umuzabibu ufata inzira uva mu Misiri+.
Wagumye wirukana amahanga, kugira ngo uwutere+.
9 Wateguye ikibanza imbere yawo+, kugira ngo ushore imizi, wuzure igihugu+.
10 Imisozi yarapfutswe n’igitutu cawo,
Amasederi y’Imana na yo apfukwa n’amashami yawo+.
11 Uno uratinda urungika amashami yawo gushika ku kiyaga+,
Iminago yawo na yo uyishikana kuri rwa Ruzi+.
12 Kubera iki wasenyuye uruhome rwawo rw’amabuye+,
Kandi kubera iki abahita ku nzira bose bawusoromye+?
13 Ingurube yo mw’ishamba iguma iwurya+,
Amasinzi y’ibikoko vyo mu gahinga na yo akaguma awurisha+.
14 Ewe Mana nyen’ingabo, enda garuka+;
Raba hasi uri mw’ijuru, ubone, witwararike uyu muzabibu+,
15 Be n’umuvyaro ukuryo kwawe kwateye+,
Urabe umwana wikomereje+.
16 Uraturiwe n’umuriro, uriciwe+.
Bayogezwa n’uguhambara kwo mu maso hawe+.
17 Ukuboko kwawe nikube ku muntu ari iburyo bwawe+,
Ku mwana w’abantu wikomereje+,
18 Kandi ntituzosubira inyuma ngo tukuveko+.
Nutuzigamire ubuzima, kugira ngo twambaze izina ryawe+.
19 Ewe Yehova Mana nyen’ingabo, nutugarukane+;
Nuboneshe mu maso hawe, tubone gukizwa+.