Amosi
3 «Nimwumve ijambo Yehova avuze ku biberekeye yemwe Bisirayeli, ku vyerekeye ihanga ryose nakuye mu Misiri:
2 “Ni mwebwe gusa namenye mu miryango yose yo kw’isi+.
Ni co gituma nzobahanira amakosa yanyu yose+.
3 Mbega abantu babiri bojana batavyumvikanye*?
4 Mbega intambwe yorohera mu kibira ata co yafashe?
Mbega intambwe y’umukangara* yotontomera aho iba ata co yacakiye?
5 Mbega inyoni yofatwa mu mutego ata wayiteze*?
Mbega umutego woshibuka ukava mw’ivu ata co wafashe?
6 Iyo havugijwe inzamba mu gisagara, mbega abantu ntibajugumira?
Iyo hateye icago mu gisagara, mbega si Yehova aba yabikoze?
8 Mbega ni nde atotinya intambwe iroshe+?
Ni nde atovuga ubuhanuzi Umukama Segaba Yehova atanze itegeko+?”
9 “Nimubitangaze ku minara ikomeye y’i Ashidodi
no ku minara ikomeye yo mu Misiri.
Muvuge muti: ‘Nimukoranire ku misozi yo muri Samariya+,
murabe uruhagarara ruriyo
n’ingene huzuye ubusuma+.
10 Birundaniriza ubutunzi mu minara yabo ikomeye biciye ku bubisha n’agatikizo,
kuko batazi gukora iciza’, ni ko Yehova avuze.”
11 Ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze:
“Umwansi azokikuza igihugu cawe+.
Azokumara amanyama*
kandi azonyaga ibintu vyose biri mu minara yawe ikomeye+.”
12 Ibi ni vyo Yehova avuze:
“Kurya umwungere ashikura utuguru tubiri canke igice c’ugutwi mu kanwa k’intambwe,
ni ko hazorokoka Abisirayeli bake cane
muri barya biyicariye i Samariya ku bitanda vyizavyiza no ku ntebe nzizanziza*+.”
13 “Nimwumvirize kandi muburire* inzu ya Yakobo”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, Imana Nyeningabo.
14 “Kuko umusi nahaniye Isirayeli ubugarariji* bwayo bwose+,
nzoyihanira n’ibicaniro vy’i Beteli+.
Amahembe y’igicaniro azovunagurika, akorokere hasi+.
15 Nzosenyura amazu mubamwo mu rushana n’ayo mubamwo mu ci.”