Yesaya
64 Ese iyo uba waratantamuye ijuru ukamanuka,
maze imisozi ikanyiganyiga kubera wewe,
2 bikamera nk’igihe umuriro udometse ikigunda,
ukabiza amazi.
Abakurwanya boheza bakamenya izina ryawe,
amahanga akajugumira imbere yawe.
3 Igihe wakora ibintu biteye akoba tutari twiteze na gato+,
waramanutse maze imisozi iranyiganyiga imbere yawe+.
4 Kuva kera nta n’umwe yumvise, canke ngo atege ugutwi
canke ngo abone iyindi Mana kiretse wewe,
Raba! Igihe twaguma ducumura warashavuye+,
kandi twacumuye igihe kirekire.
Ubwo none turakwiye gukizwa?
6 Twese dusigaye tumeze nk’umuntu ahumanye.
Ibikorwa vyacu vy’ubugororotsi vyose bimeze nk’impuzu yahumanijwe n’ubutinyanka+.
Twese tuzokabirana nk’ibabi,
amakosa yacu atugurure nk’umuyaga.
7 Nta n’umwe yambaza izina ryawe,
nta n’umwe ava hasi ngo akwumireko,
kuko waduhishije mu maso hawe+,
kandi utuma tuyama* kubera amakosa yacu.
8 Ariko Yehova, ni wewe Data+.
Twebwe turi ibumba, nawe uri Umubumvyi wacu+.
Twese turi igikorwa c’amaboko yawe.
Turakwinginze uturabe kuko twese turi abantu bawe.
10 Ibisagara vyawe vyeranda vyose vyacitse agahinga.
Siyoni yacitse agahinga,
Yeruzalemu isigara ari akarere kahebwe+.
11 Inzu* yacu nyeranda kandi y’ubuninahazwa*,
imwe ba sogokuruza bacu bagushemerezamwo,
yaturijwe umuriro+,
kandi ibintu vyose twakunda cane vyarononekaye.
12 Uravye ivyo vyose ga Yehova, woba uzobandanya kwigumya?
Woba uzoguma winumiye, wemere dutezwe amarushwa ukuraho+?