GUCURA INTIMBA
א [Alefu*]
1 Ewe kuntu ubu yicaye ari inyakamwe, umwe yahora ari igisagara kigwiriyemwo abantu+!
Ewe kuntu yabaye nk’umupfakazi, umwe yahoramwo abantu benshi ugereranije n’ayandi mahanga+!
Ewe kuntu uwahora ari umuganwakazi mu ntara asigaye akoreshwa ibikorwa vy’agahato+!
ב [Beti]
2 Ararira cane mw’ijoro+, amosozi akuzura ku matama.
Mu bakunzi biwe bose, nta n’umwe yaje kumuhoza+.
Abagenzi biwe bose baramuhemukiye+. Basigaye ari abansi biwe.
ג [Gimelu]
3 Yuda* yajanywe mu bunyagano+ ari mu marushwa, arembejwe n’ubushumba bukaze+.
Yabwirijwe kuba mu mahanga+. Nta hantu ho kuruhukira afise.
Abamwirukako* bose bamuhambirije mu marushwa.
ד [Daleti]
4 Inzira zija i Siyoni ziragandaye, kuko ata n’umwe aza ku musi mukuru+.
Amarembo yiwe yose ni umusaka+. Abaherezi biwe baraniha.
Abigeme biwe b’isugi* bishwe n’intuntu, kandi na we ubwiwe afise amaganya menshi.
ה [He]
5 Abamurwanya ni bo basigaye bamutegeka*. Abansi biwe nta co banezwe+.
Yehova yamuteje intuntu kubera ibicumuro vyiwe vyinshi+.
Abana biwe bajanywe kugirwa imbohe bashorewe n’uwumurwanya+.
ו [Vau]
6 Ubwiza bwose bw’umukobwa wa Siyoni* buramuvuyeko+.
Abatware* biwe bameze nk’impongo zabuze ubwatsi bwo kurisha.
Bagendera imbere y’uwubirukako, bishwe n’uburuhe.
ז [Zayini]
7 Ubu Yeruzalemu ageze mu marushwa n’abantu biwe bakaba basigaye batagira aho baba,
aribuka ibintu vyose vy’agaciro yahorana kera+.
Igihe abantu biwe bagwa mu maboko y’ababarwanya, na we akabura uwumutabara+,
ח [Heti]
8 Yeruzalemu yaracumuye bikomeye+.
Ni co gituma asigaye ashisha.
Abahora bamutera iteka bose basigaye bamugaya kuko babonye ubwambure bwiwe+.
We ubwiwe araboroga+, akaraba hirya kubera ibimaramare.
ט [Teti]
9 Impuzu ziwe zirahumanye.
Ntiyiyumviriye kazoza kiwe+.
Ugutemba kwiwe kwari gutangaje. Ntagira uwumuhoza.
Ewe Yehova, raba amarushwa yanje, kuko umwansi yigize agahambaye+.
י [Yodi]
10 Uwumurwanya yashoreye amaboko ku butunzi bwiwe bwose arabusahura+.
Yeruzalemu yabonye amahanga yinjira ahantu hiwe heranda+,
amwe wategeka ko adakwiye kwinjira mw’ishengero ryawe.
כ [Kafu]
11 Abantu biwe bose baraniha. Barondera ivyo kurya+.
Batanze ibintu vyabo vy’agaciro kugira gusa baronke utwo batamira, barabe ko boba barabayeho*.
Ewe Yehova, raba, witegereze ingene nsigaye meze nk’umugore* ata co amaze.
ל [Lamedi]
12 Mbe nta co bibabwiye mwebwe mwese muhita ku nzira?
Nimwitegereze, murabe.
Mbega hari umubabaro uriho umeze nk’umubabaro natejwe,
umubabaro Yehova yatumye ngira ku musi w’ishavu ryiwe rirurumba+?
מ [Memu]
13 Ari iyo hejuru yarungitse umuriro mu magufa yanje+, rimwerimwe ryose ararinesha.
Yateze ibirenge vyanje urusenga, atuma nsubira inyuma.
Yatumye mba umugore w’inyakamwe.
Umusi wose nirirwa ndwaye.
נ [Nuni]
14 Ibicumuro vyanje bitekewe nk’igiti bikoreza imizigo*. Yabifatanije akoresheje amaboko yiwe.
Yabinteretse kw’izosi, nsigara ata nkomezi mfise.
Yehova yantanze mu maboko y’abo ntashobora gutsinda+.
ס [Sameki]
15 Yehova yashibuye abagabo bose b’abanyenkomezi bari iwanje+.
Yatumyeko ishengero ryo kundwanya ngo risavye imisore yanje+.
Yehova yahonyangiye mu ruganiro rw’umuvinyu+ umukobwa w’isugi w’Ubuyuda.
ע [Ayini]
16 Ivyo bintu ni vyo biriko birandiza+. Amaso yanje atemba amosozi.
Uwo wese yari kumpoza canke kumpembura ari kure yanje.
Abana banje nta cizigiro bafise kuko umwansi yatsinze.
פ [Pe]
17 Siyoni yashanje amaboko atabaza+. Ntagira uwumuhoza.
Yehova yategetse abansi bose ba Yakobo bamukikuje ngo bamurwanye+.
Yeruzalemu isigaye ibashisha+.
צ [Tsade]
18 Yehova aragororotse+ kuko nagararije amabwirizwa yiwe*+.
Nimwumvirize yemwe mahanga mwese, murabe umubabaro wanje.
Abigeme banje b’isugi* n’imisore yanje bajanywe kugirwa imbohe+.
ק [Kofu]
19 Nahamagaye abakunzi banje mugabo barampemukiye+.
Abaherezi banje n’abashingantahe banje bapfiriye mu gisagara
ר [Reshi]
20 Ewe Yehova, raba, kuko ngeze habi cane.
Mu nda* haradobanganye.
Umutima wanje wacuramiye muri jewe kuko nagararije+ ndaherezako.
Hanze inkota irahekura+, mu nzu na ho ni urupfu.
ש [Shini]
21 Abantu bumvise ingene niha. Nta wumpoza ariho.
Abansi banje bose bumvise ivyago vyanje.
Bafise umunezero kuko wanteje ivyago+.
Mugabo uzozana umusi wavuze ko uzobazanako+. Uwo musi bazomera nkanje+.
ת [Tau]
22 Ikibi cabo cose kize cibonekeze imbere yawe, ubamerere nabi+,
nk’uko wamereye nabi kubera ibicumuro vyanje vyose.
Kuko iminiho yanje ari myinshi, n’umutima wanje ukaba urwaye.
א [Alefu]
2 Ewe kuntu Yehova atwikirije umukobwa wa Siyoni ibicu vy’ishavu ryiwe!
Yakororeye hasi ubwiza bwa Isirayeli abukuye mw’ijuru+.
Ntiyibutse intebe y’ibirenge vyiwe+ ku musi w’ishavu ryiwe.
ב [Beti]
2 Yehova yamize amazu yose ya Yakobo ata kagongwe*.
Mu burake bwiwe yasambuye ibibanza bikingijwe ibihome vy’umukobwa w’Ubuyuda+.
Yatereye hasi yongera arahumanya ubwami+ n’abatware biwe+.
ג [Gimelu]
3 Yakondoye inkomezi zose* za Isirayeli mw’ishavu ryiwe rirurumba.
Yarasubije inyuma ukuryo kwiwe igihe umwansi yegera+.
Muri Yakobo yagumye yaka nk’umuriro utema ugatongora irya n’ino+.
ד [Daleti]
4 Yateguye umuheto* wiwe nk’umwansi. Ukuryo kwiwe kwiteguriye kuturwanya+.
Yagumye yica ababereye ijisho bose+.
Yasutse uburake bwiwe nk’umuriro+ mw’ihema ry’umukobwa wa Siyoni+.
ה [He]
Yamize iminara yiwe yose.
Yahoneje ibibanza vyiwe vyose bikingijwe ibihome.
Atuma mu Buyuda* hagwira ukugandara n’ugucura intimba.
ו [Vau]
6 Amerera nabi urusago rwiwe+ nk’aho koba ari akaruri ko mu murima.
Yehova yatumye umusi mukuru n’isabato vyibagirwa i Siyoni.
Kubera ishavu ryiwe ryinshi, nta cubahiro aha umwami canke umuherezi+.
ז [Zayini]
Yatumye inzitiro z’iminara yiwe ikomeye zigwa mu maboko y’abansi+.
Bashize ijwi ryabo hejuru mu nzu ya Yehova+, nk’aho hoba ari ku musi mukuru.
ח [Heti]
8 Yehova yiyemeje gutikiza uruzitiro rw’umukobwa wa Siyoni+.
Yaramvuye umugozi wo gupimisha+.
Ntiyasubije inyuma ukuboko kwiwe ngo areke guhonya*.
Atuma igihome n’uruzitiro bigandara.
Vyose nta nkomezi bigifise.
ט [Teti]
9 Amarembo yiwe yanyikiye mu kuzimu+.
Ivyugazo vyiwe vyaranduwe biravunagurwa.
Umwami wiwe n’abatware biwe bari mu mahanga+.
Nta mategeko* ahari. Mbere n’abahanuzi biwe nta co berekwa na Yehova+.
י [Yodi]
10 Abashingantahe b’umukobwa wa Siyoni bicaye hasi bacereje+.
Biyorerako umukungugu ku mutwe, bakambara amagunira+.
Abigeme b’isugi ba Yeruzalemu bunamitse umutwe gushika hasi.
כ [Kafu]
11 Amaso yanje aruhishijwe no gukorora amosozi+.
Mu nda* haradobanganye.
Igitigu canje casutswe hasi, kubera ugusenyuka kw’umukobwa* w’abantu b’iwacu+,
kubera abana n’inzoya bagwa bakarabira mu bibanza rusangi vyo mu gisagara+.
ל [Lamedi]
12 Baguma babaza ba nyina bati: «Intete n’umuvinyu biri hehe+?»
Babibaza bariko bararabira mu bibanza rusangi vyo mu gisagara nk’umuntu yakomerekejwe,
bariko bacikanira mu maboko ya ba nyina.
מ [Memu]
13 Mbega noguha akarorero nyabaki?
Ndakugereranye n’iki ga mukobwa wa Yeruzalemu?
Ndakugereranye n’iki kugira ndaguhoze, ga mukobwa w’isugi wa Siyoni?
Kuko ugusenyuka kwawe ari kunini cane nk’ikiyaga+. Ni nde yogukiza+?
נ [Nuni]
14 Ivyo abahanuzi bawe beretswe ku bijanye nawe vyari ibinyoma kandi nta co vyari bimaze+.
Ntibashize ahabona ikosa ryawe kugira batume utaja kugirwa imbohe+.
Ahubwo bagumye berekwa ku bijanye nawe amajambo y’ikinyoma kandi azimiza+.
ס [Sameki]
15 Abahita ku nzira bose bakubita urushi ku rundi baguhema+.
Bavuza agahwa bumiwe+ kandi bakazungiriza umutwe umukobwa wa Yeruzalemu, bavuga bati:
«Mbega iki ni ca gisagara bahora bavuga ngo: “Ni ubwiza butagira akanenge, umunezero w’isi yose+”?»
פ [Pe]
16 Abansi bawe bose bakwasamiye.
Baravuza agahwa, bagahekenya imisaya*, bavuga bati: «Twamumize+.
Uyu ni wo musi twari turindiriye+. Ugiye washika kandi turawiboneye+!»
ע [Ayini]
Yasambuye ata kagongwe+.
Yaretse umwansi aranezerwa kubera ivyagushikiye. Yongereje inkomezi* z’abakurwanya.
צ [Tsade]
18 Umutima wabo utakambira Yehova, ewe ruzitiro rw’umukobwa wa Siyoni!
Amosozi natembe nk’uruzi umurango n’ijoro.
Nturuhuke kandi n’ijisho ryawe* nturihe agahengwe.
ק [Kofu]
19 Haguruka! Boroga mw’ijoro, mu ntango y’amaterama.
Suka umutima wawe nk’amazi imbere ya Yehova.
Duza amaboko umutakambire ngo akize ubuzima bw’abana bawe
ר [Reshi]
20 Ewe Yehova, raba, witegereze uwo wamereye nabi ukuraho.
Mbega abagore babandanye kurya uruvyaro* rwabo, abana babo bwite bavukanye amagara meza+?
Abaherezi n’abahanuzi baje ng’aho bicirwe aheranda ha Yehova+?
ש [Shini]
21 Uduhungu n’abatama barambaraye hasi mu mabarabara bapfuye+.
Abigeme banje b’isugi* n’imisore yanje bishwe n’inkota+.
Wabishe ku musi w’ishavu ryawe, ubagandagura ata kagongwe+.
ת [Tau]
22 Uhamagaza ibitera ubwoba bivuye impande zose, nk’uwuhamagaza abantu ku musi mukuru+.
Ku musi w’uburake bwa Yehova, nta warokotse canke ngo arusimbe+.
א [Alefu]
3 Ni jewe nabonye amarushwa kubera inkoni y’uburake bwiwe.
2 Yaranyomoye ancisha mu mwiza, ntiyancisha mu muco+.
3 Emwe, ukuboko kwiwe kuguma kundwanya bukarinda bwira+.
ב [Beti]
4 Yatumye umubiri wanje n’urukoba rwanje bihera.
Yavunaguye amagufa yanje.
5 Yaranyugarije, ankikuza ishano rirura+ n’amagume.
6 Yanyicaritse mu bibanza vy’umwiza, nk’abantu bapfuye kera.
ג [Gimelu]
8 Kandi iyo ndamutakambiye nihebuye, aranka kwumviriza* isengesho ryanje+.
ד [Daleti]
10 Abunze nk’idubu, nk’intambwe yihishije, ngo ancakire+.
12 Yateguye umuheto* wiwe, andabishako umwampi.
ה [He]
13 Yatobekeranije amafyigo yanje akoresheje imyampi yo mu gasaho* abikamwo imyampi.
14 Nahindutse agatwengo ku mahanga yose. Ni jewe baririmba bukarinda bwira.
15 Yanyujuje ibintu birura, ampaza ibamba*+.
ו [Vau]
17 Utuma mbura amahoro. Naribagiye iciza.
18 Ni co gituma mvuga nti: «Ubwiza bwanje n’ivyo niteze kuri Yehova vyakamanganye.»
ז [Zayini]
19 Niwibuke amarushwa yanje no kuba ntagira aho mba+, wibuke ko ndya ibamba n’ishano rirura+.
20 Uzokwibuka vy’ukuri, wuname unshikire+.
21 Ndavyibuka mu mutima. Ni co gituma nzoguma ndindiriye+.
ח [Heti]
23 Zama ari nshasha buri gitondo+. Ubwizigirwa bwawe ni bwinshi+.
24 Navuze nti: «Yehova ni we mugabane wanje+, ni co gituma nzoguma ndamurindiriye+.»
ט [Teti]
25 Yehova ni mwiza ku wumwizigira+, ku wuguma amurondera+.
26 Ni vyiza ko umuntu arindira ubukiriro bwa Yehova+ acereje*+.
27 Ni vyiza ko umuntu yikorera umutwaro* mu buto bwiwe+.
י [Yodi]
28 Imana iwumuremetse, niyicare ari wenyene kandi agume acereje+.
29 Nashire umunwa mu mukungugu+. Kumbure haracariho icizigiro+.
30 Nahe itama ryiwe uwumukubita. Niyemere atukwe bikwiye.
כ [Kafu]
31 Kuko Yehova atazodushibura ibihe bidahera+.
32 Naho yaduteje intuntu, azotugirira n’imbabazi kubera urukundo* rwiwe rwinshi+.
33 Kuko guteza amarushwa abana b’abantu canke kubatuntuza bitamurimwo+.
ל [Lamedi]
34 Gusiribanga imbohe zose zo kw’isi+,
35 kurenganya umuntu imbere ya Musumbavyose+,
36 no kugoreka urubanza rw’umuntu,
Yehova ntavyihanganira.
מ [Memu]
37 Ni nde none yovuga ikintu kandi agatuma kiba, Yehova atari we abitegetse?
38 Mu kanwa ka Musumbavyose
ntihavamwo ibibi n’ivyiza icarimwe.
39 Kubera iki umuntu* yokwidogera ingaruka z’igicumuro ciwe+?
נ [Nuni]
40 Dusuzume inzira zacu+, tuzihweze neza maze tugaruke kuri Yehova+.
41 Tuduze ibiganza vyacu n’imitima yacu ku Mana yo mw’ijuru+, tuvuge duti:
42 «Twaracumuye turagarariza+, nawe ntiwatubabarira+.
ס [Sameki]
44 Inzira ishika iwawe wayizibije ibicu kugira ngo isengesho ryacu ntirirengane+.
45 Utugira imicafu n’umwanda mu mahanga.»
פ [Pe]
46 Abansi bacu bose barasama ngo batugirire nabi+.
47 Ubwoba n’imitego vyama biduhanze+, kandi twaratikiye turasenyagurika+.
48 Amaso yanje atemba imigezi y’amazi kubera ugusenyuka kw’abantu b’iwacu*+.
ע [Ayini]
49 Amaso yanje aguma arira, ntaruhuka+.
50 Azoguma arira gushika Yehova aravye hasi, akabona ibiriko biraba ari iyo mw’ijuru+.
51 Amaso yanje yanteye intuntu kubera abakobwa bose bo mu gisagara canje+.
צ [Tsade]
52 Abansi banje bampize nka kurya bahiga inyoni, kandi ata gituma.
53 Banumirije ubuzima bwanje mu kinogo. Baguma bantera amabuye.
54 Amazi yararengeye umutwe wanje, mvuga nti: «Ubwanje buraheze!»
ק [Kofu]
55 Ewe Yehova, nahamagaye izina ryawe ndi epfo cane mu cobo+.
56 Niwumve ijwi ryanje. Ntiwizibe ugutwi igihe ndagutabaza, igihe nsaba kuruhurirwa.
57 Umusi naguhamagara, waregereye. Wavuze uti: «Ntutinye.»
ר [Reshi]
58 Ewe Yehova, waramburaniye, ucungura ubuzima bwanje+.
59 Ewe Yehova, warabonye ikibi nakorewe. Ndagusavye untunganirize+.
60 Warabonye ukwihora kwabo kwose, imigambi yabo yose yo kungirira nabi.
ש [Sini] canke [Shini]
61 Ewe Yehova, warumvise agacokoro kabo, imigambi yabo yose yo kungirira nabi+.
62 Warumvise iminwa y’abandwanya n’ivyo bamvugako mu bwongoshwe bukarinda bwira.
63 Nubitegereze. Baba bicaye canke bahagaze, barancokora mu ndirimbo zabo.
ת [Tau]
64 Ewe Yehova, uzobasubiriza mu nkoko ibihuye n’ivyo bakoze.
65 Uzokomantaza umutima wabo. Uwo ni wo muvumo uzobavuma.
66 Uzobakurikirana ushavuye, ubazimanganye munsi y’ijuru ryawe Yehova.
א [Alefu]
4 Ewe kuntu ya nzahabu ikayangana, ya nzahabu nziza+, yafyirifyitiye!
Ewe kuntu ya mabuye meranda+ yandagajwe ku masanganzira yose*+!
ב [Beti]
2 Nayo abahungu b’agaciro ba Siyoni, bamwe bahora banganya agaciro* n’inzahabu ityoroye,
ewe kuntu bafashwe nk’imibindi
yabumbwe n’umubumvyi!
ג [Gimelu]
3 N’imbwebwe ari imbwebwe ziraha ivyana vyazo amabere ngo vyonke,
mugabo umukobwa w’abantu b’iwacu asigaye ari ruburakigongwe+ nk’ibinyoni vyitwa imbuni* vyo mu gahinga+.
ד [Daleti]
4 Ururimi rw’uruyoya rwonka rwamase ku magage kubera inyota.
Abana barasaba umukate+ mugabo ntihagire n’umwe awubaha+.
ה [He]
5 Abahora barya uturyoshe baguye isari* mu mabarabara+.
Abakuze bambara impuzu z’agahama+ barambaraye* mu birundo vy’umunyota.
ו [Vau]
6 Igihano* c’umukobwa w’abantu b’iwacu kiruta igihano* ca Sodomu+,
hamwe harandurwa mu kanya gato, hakabura uwuhatabara+.
ז [Zayini]
7 Abanaziri+ biwe bari batyoroye kurusha shelegi*, bera kurusha amata.
Bari inzobe kurusha amabuye y’agaciro yitwa korali. Bari bameze nk’amabuye ya safiro asenye.
ח [Heti]
Urukoba rwabo rwarakabiranye rwumira ku magufa+. Rusigaye rwumye nk’urukwi.
ט [Teti]
9 Abishwe n’inkota bobo vyopfuma kurusha abishwe n’inzara+,
bamwe bagenda barahera, bagasogotwa n’ukubura ivyo barya.
י [Yodi]
10 Abagore b’impuhwe barafashe abana babo barabateka+.
Bababereye imfungurwa z’abagandaye mu gihe c’ugusenyuka kw’abantu b’iwacu*+.
כ [Kafu]
Adomeka umuriro i Siyoni, ukayogeza imishinge yaho+.
ל [Lamedi]
12 Abami bo mw’isi n’abayibako bose ntibemeye
yuko uwurwanya Yeruzalemu n’umwansi wayo bokwinjiye mu marembo yaho+.
מ [Memu]
13 Vyabaye kubera ibicumuro vy’abahanuzi baho, kubera amakosa y’abaherezi baho+
basheshe amaraso y’abagororotsi babayo+.
נ [Nuni]
14 Bayerereye nk’impumyi+ mu mabarabara.
Nta n’umwe ashobora gukora ku mpuzu zabo
kubera bandujwe n’amaraso+.
ס [Sameki]
15 Basemerera bababwira ngo: «Nimwigireyo! Mwa bihumane mwe! Nimwigireyo! Nimwigireyo! Ntimudukoreko!»
Basigaye batagira aho baba. Baguma bayerera.
Mu mahanga abantu bavuze ngo: «Ntibashobora kugumana natwe ng’aha*+.
פ [Pe]
Abantu ntibazokwubaha abaherezi+. Ntibazogirira ubuntu abashingantahe+.»
ע [Ayini]
17 Gushika n’ubu amaso yacu aruhijwe no kuguma areretse imfashanyo itaza+.
Twagumye tureretse amaso ahera mu nzira, tureretse imfashanyo yova kw’ihanga ritashobora kudukiza+.
צ [Tsade]
18 Aho twaca hose baraduhiga+ ku buryo tutashobora kugendera mu bibanza rusangi vyacu.
Iherezo ryacu riregereje. Imisi yacu yaheze, kuko iherezo ryacu rishitse.
ק [Kofu]
19 Abadukurikirana banyaruka kurusha inkona zo mu kirere+.
Batwirutseko ku misozi. Batubundiye mu bugaragwa.
ר [Reshi]
20 Uwahora ari impemu zo mu mazuru yacu, uwo Yehova yarobanuje amavuta*+, yafatiwe mu cobo cabo kinini+,
umwe twavuga ku bimwerekeye duti: «Tuzoba mu gitutu ciwe mu mahanga.»
ש [Sini]
21 Ewe Edomu*, niwigine kandi unezerwe+ wewe uba mu gihugu ca Uzi.
Ariko na wewe nyene igikombe kizogushikira+. Uzoborerwa, werekane ubwambure bwawe+.
ת [Tau]
22 Ewe mukobwa wa Siyoni, igihano c’ikosa ryawe carangiye.
Ntazosubira kukujana mu bunyagano+.
Mugabo wewe Edomu*, ikosa ryawe azoryitaho.
Azoshira ahabona ibicumuro vyawe+.
5 Ewe Yehova, ibuka ivyadushikiye.
Itegereze urabe ukumaramara kwacu+.
2 Intoranwa yacu yahawe ab’ahandi, amazu yacu ahabwa abanyamahanga+.
3 Dusigaye turi impfuvyi zitagira se. Ba mama bameze nk’abapfakazi+.
4 Amazi yacu bwite tuyanywa ari uko dutanze amahera+, n’inkwi zacu bwite tukazironka tuziguze.
6 Twayira amaboko Misiri+ na Ashuri+ kugira turonke ivyo kurya bikwiye.
7 Ba sogokuruza bacu bacumuye ntibakiriho. Ariko dutegerezwa kwikorera amakosa bakoze.
8 Abasuku ni bo basigaye batuganza. Nta wudukiza ngo adukure mu maboko yabo.
9 Duhakwa kuhasiga ubuzima kugira turonke ivyo dufungura+, kubera abantu bitwaje inkota bo mu gahinga.
10 Urukoba rwacu rusigaye ruturira nk’ifuru kubera imisonga y’inzara+.
11 Batetereje* abagore i Siyoni, batetereza abigeme b’isugi mu bisagara vy’Ubuyuda+.
12 Abatware bamanitswe ku kuboko kumwe+, abashingantahe na bo ntibubashwe+.
13 Imisore iterura urusyo*, uduhungu tukagenda turatsitara turemerewe n’inkwi.
14 Abashingantahe ntibakibarizwa kw’irembo ry’igisagara+, imisore na yo ntigicuraranga+.
15 Nta munezero tugifise mu mutima. Imvyino zacu zahindutse ikigandaro+.
16 Urugori rwahora ku mutwe wacu rwakorotse. Turagowe kuko twacumuye!
17 Kubera ivyo, umutima wacu urarwaye+.
Kubera ivyo, amaso yacu asigaye abona ivyijiji+,
18 kubera ko umusozi Siyoni wacitse umusaka+. Imbwebwe ni ho zisigaye zibarizwa.
19 Ariko wewe ga Yehova, uzoguma wicaye ku ntebe y’ubwami ibihe bidahera.
Intebe yawe y’ubwami izokwamaho uko urunganwe* ruzokurikira urundi+.
20 Kubera iki utwibagira ibihe vyose, ukamara igihe kirekire waduhevye+?
21 Ewe Yehova, nutugarukane kuri wewe, natwe tuzogaruka n’umutima ukunze+.
Nutume ivyacu bisubira kumera nka kera+.
22 Mugabo waradutaye vy’ukuri.
Uguma udushavuriye cane+.
Ikigabane ca 1-4 ni indirimbo z’intimba zigizwe n’imirongo yanditswe hisunzwe uko indome z’igiheburayo zikurikirana.
Canke «abo mu Buyuda.»
Canke «abamuhama.»
Canke «inkumi ziwe.»
Mu giheburayo havuga ngo «ari umutwe wiwe.»
«Umukobwa wa Siyoni» ni amajambo ndyoshamvugo kenshi asigura igisagara ca Yeruzalemu canke abakibamwo.
Canke «abaganwa.»
Canke «barigina.»
Canke «bohembuka.»
Uwo mugore agereranya Yeruzalemu.
Canke «nk’ingogo.» Raba Insiguro y’amajambo (Ingogo).
Mu giheburayo havuga ngo «akanwa kiwe.»
Canke «inkumi zanje.»
Canke «bohembuka.»
Mu giheburayo havuga ngo «amara yanje.»
Canke «ata mpuhwe.»
Mu giheburayo havuga ngo «ihembe ryose.»
Canke «yagonze umuheto.» Mu giheburayo havuga ngo «yahonyoye umuheto (igihe bawambika uruvuto).»
Mu giheburayo havuga ngo «mu mukobwa w’Ubuyuda.»
Canke «yazimanganije.»
Mu giheburayo havuga ngo «kumira.»
Canke «nta nyigisho.»
Mu giheburayo havuga ngo «amara yanje.»
Ijambo «umukobwa» ni ingereranyo ndyoshamvugo ishobora kuba yakoreshejwe kugira haserurwe impuhwe n’ikigongwe.
Canke «amenyo.»
Mu giheburayo havuga ngo «ihembe.»
Mu giheburayo havuga ngo «umukobwa w’ijisho ryawe.»
Mu giheburayo havuga ngo «ku mutwe w’amabarabara yose.»
Canke «ivyamwa.»
Canke «inkumi zanje.»
Canke «abo navyaye bafise amagara meza.»
Canke «arazibira», «arugaranira hanze.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «angira nk’umurima waraye.»
Canke «yagonze umuheto.» Mu giheburayo havuga ngo «yahonyoye umuheto (igihe bawambika uruvuto).»
Mu giheburayo havuga ngo «abahungu (abana) b’agasaho.»
Canke «umururazi.»
Canke «rudahemuka.»
Canke «yihanganye.»
Mu giheburayo havuga ngo «ingogo.» Raba Insiguro y’amajambo (Ingogo).
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Mu giheburayo havuga ngo «umuntu muzima.»
Mu giheburayo havuga ngo «kw’umukobwa w’abantu banje.»
Mu giheburayo havuga ngo «ku mutwe w’amabarabara yose.»
Canke «uburemere.»
Mu gifaransa ni autruche.
Mu giheburayo havuga ngo «baherewe.»
Mu giheburayo havuga ngo «bagumbira.»
Mu giheburayo havuga ngo «ikosa.»
Mu giheburayo havuga ngo «igicumuro.»
Shelegi ni utuvunjivunji twera cane dukoragurika nk’imvura. Mu gifaransa batwita neige.
Mu giheburayo havuga ngo «ubwirabure.»
Mu giheburayo havuga ngo «kw’umukobwa w’abantu banje.»
Canke «kuba ng’aha ari abanyamahanga.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu maso ha Yehova.»
Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
Mu giheburayo havuga ngo «ewe mukobwa wa Edomu.»
Mu giheburayo havuga ngo «wewe mukobwa wa Edomu.»
Canke «bafashe ku nguvu.»
Mu giheburayo havuga ngo «urusyo rw’amaboko.»
Canke «iyaruka.»