Kuvayo 22:25 Bibiliya y’isi nshasha 25 “Niwagurana amahera abantu banje, ukagurana umurushwa ari iruhande yawe+, ntuze umubere nk’uwuguranira kwunguka. Ntimuze mumwake inyungu+. Gusubira mu vyagezwe 23:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 “Ntuze urihishe mwene wanyu inyungu+: inyungu ku mahera, inyungu ku bifungurwa+, inyungu ku kintu ico ari co cose umuntu ashobora kwakako inyungu. Nehemiya 5:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Nuko ndabirimbura mu mutima wanje, maze ntangura gutatira+ abanyacubahiro n’ivyegera vy’abatware, ndababwira nti: “Muriko mwaka inyungu y’umurengera+ ku ngurane, umwe wese akayaka mwene wabo.” Vyongeye, ntunganya ikoraniro rinini kubera bo+. Zaburi 15:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Amahera yiwe ntiyayatanze ku nyungu+,Kandi ntiyakiriye igiturire co gutsindisha intungane+.Uwukora ivyo bintu ntazokwigera anyiganyizwa+. Imigani 28:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Uwugwiza ibintu vyiwe vy’agaciro biciye ku nyungu+ no ku kuguranira kwunguka, aba avyegeranirije uwugirira ubutoni abantu batobato+. Ezekiyeli 18:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Yatanze kugira ngo yunguke+, yakira inyungu+; uwo ntazogenda abandanije kubaho. Yakoze ivyo bintu vyose biteye ishishi+. Ntazogenda atishwe. Amaraso yiwe azoba kuri we+.
25 “Niwagurana amahera abantu banje, ukagurana umurushwa ari iruhande yawe+, ntuze umubere nk’uwuguranira kwunguka. Ntimuze mumwake inyungu+.
19 “Ntuze urihishe mwene wanyu inyungu+: inyungu ku mahera, inyungu ku bifungurwa+, inyungu ku kintu ico ari co cose umuntu ashobora kwakako inyungu.
7 Nuko ndabirimbura mu mutima wanje, maze ntangura gutatira+ abanyacubahiro n’ivyegera vy’abatware, ndababwira nti: “Muriko mwaka inyungu y’umurengera+ ku ngurane, umwe wese akayaka mwene wabo.” Vyongeye, ntunganya ikoraniro rinini kubera bo+.
5 Amahera yiwe ntiyayatanze ku nyungu+,Kandi ntiyakiriye igiturire co gutsindisha intungane+.Uwukora ivyo bintu ntazokwigera anyiganyizwa+.
8 Uwugwiza ibintu vyiwe vy’agaciro biciye ku nyungu+ no ku kuguranira kwunguka, aba avyegeranirije uwugirira ubutoni abantu batobato+.
13 Yatanze kugira ngo yunguke+, yakira inyungu+; uwo ntazogenda abandanije kubaho. Yakoze ivyo bintu vyose biteye ishishi+. Ntazogenda atishwe. Amaraso yiwe azoba kuri we+.