ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 22:25
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 25 “Niwagurana amahera abantu banje, ukagurana umurushwa ari iruhande yawe+, ntuze umubere nk’uwuguranira kwunguka. Ntimuze mumwake inyungu+.

  • Gusubira mu vyagezwe 23:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 “Ntuze urihishe mwene wanyu inyungu+: inyungu ku mahera, inyungu ku bifungurwa+, inyungu ku kintu ico ari co cose umuntu ashobora kwakako inyungu.

  • Nehemiya 5:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Nuko ndabirimbura mu mutima wanje, maze ntangura gutatira+ abanyacubahiro n’ivyegera vy’abatware, ndababwira nti: “Muriko mwaka inyungu y’umurengera+ ku ngurane, umwe wese akayaka mwene wabo.”

      Vyongeye, ntunganya ikoraniro rinini kubera bo+.

  • Zaburi 15:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  5 Amahera yiwe ntiyayatanze ku nyungu+,

      Kandi ntiyakiriye igiturire co gutsindisha intungane+.

      Uwukora ivyo bintu ntazokwigera anyiganyizwa+.

  • Imigani 28:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Uwugwiza ibintu vyiwe vy’agaciro biciye ku nyungu+ no ku kuguranira kwunguka, aba avyegeranirije uwugirira ubutoni abantu batobato+.

  • Ezekiyeli 18:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Yatanze kugira ngo yunguke+, yakira inyungu+; uwo ntazogenda abandanije kubaho. Yakoze ivyo bintu vyose biteye ishishi+. Ntazogenda atishwe. Amaraso yiwe azoba kuri we+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika