ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abacamanza 13:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Muri ico gihe, hari umugabo umwe w’i Zora+, wo mu muryango w’Abadani+, akaba yitwa Manowa+. Umugore wiwe yari ingumba; nta mwana yari yaravyaye+.

  • Abacamanza 13:24
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 24 Haciye igihe, nya mugore yibaruka umuhungu maze amwita Samusoni+; nya muhungu aguma akura, Yehova na we abandanya kumuhezagira+.

  • Abacamanza 15:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Atangura kubasasika, arabarundarunda, inganda ziratikira bimwe bikomeye; maze aramanuka, aba mw’isenga ry’urutare rwa Etamu+.

  • Abacamanza 15:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Nuko acira imanza Isirayeli mu misi y’Abafilisitiya, imyaka mirongo ibiri+.

  • Abacamanza 16:30
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 30 Hanyuma Samusoni avuga ati: “Reka mpfane+ n’Abafilisitiya.” Maze arituna n’inkomezi zose, nya nzu ica itangura kugwa kuri ba batware b’urunani no ku bantu bose bari muri yo+, ku buryo abo yishe mu gupfa kwiwe baba benshi kuruta abo yari yarishe akiriho+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika