Kuvayo 10:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Inyuma y’ivyo abasavyi ba Farawo bamubwira bati: “Uyu muntu azogeza ryari kutubera umutego+? Rekura aba bagabo bagende, bakorere Yehova Imana yabo. Mbega nturamenya ko Misiri yayogeye+?” 1 Samweli 18:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Amaherezo Sauli abwira Dawidi ati: “Ng’uyu umukobwa wanje mukuru Merabu+. Ni we nzoguha ngo akubere umugore+. Ukire kumbera umuntu w’intwari, urwane intambara za Yehova+.” Mugabo Sauli, we yibwira ati: “Ukuboko kwanje ntikuze kuri we, mugabo ukuboko kw’Abafilisitiya kube ari kwo kuza kuri we+.” Zaburi 7:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Raba! Hari umuntu yibungenze ibintu bibabaza+,Yasamye inda y’ivyago, kandi nta kabuza azokwibaruka ikinyoma+. Zaburi 38:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Mugabo abarondera ubuzima bwanje batega imitego+,Abakora bandonderera ivyago na bo bavuze ivy’amarushwa+,Kandi ubuhendanyi ni bwo baguma bavugira mu ntamatama bukarinda bwira+. Imigani 26:24 Bibiliya y’isi nshasha 24 Umwankanyi yiyoberanisha iminwa yiwe, mugabo imbere muri we ashirayo ubuhendanyi+. Yeremiya 9:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Ururimi rwabo ni umwampi wica+. Rwavuze ivy’ubuhendanyi. Umuntu aguma avugana na mugenziwe ivy’amahoro akoresheje akanwa kiwe; mugabo imbere muri we aba amubundiye+.”
7 Inyuma y’ivyo abasavyi ba Farawo bamubwira bati: “Uyu muntu azogeza ryari kutubera umutego+? Rekura aba bagabo bagende, bakorere Yehova Imana yabo. Mbega nturamenya ko Misiri yayogeye+?”
17 Amaherezo Sauli abwira Dawidi ati: “Ng’uyu umukobwa wanje mukuru Merabu+. Ni we nzoguha ngo akubere umugore+. Ukire kumbera umuntu w’intwari, urwane intambara za Yehova+.” Mugabo Sauli, we yibwira ati: “Ukuboko kwanje ntikuze kuri we, mugabo ukuboko kw’Abafilisitiya kube ari kwo kuza kuri we+.”
14 Raba! Hari umuntu yibungenze ibintu bibabaza+,Yasamye inda y’ivyago, kandi nta kabuza azokwibaruka ikinyoma+.
12 Mugabo abarondera ubuzima bwanje batega imitego+,Abakora bandonderera ivyago na bo bavuze ivy’amarushwa+,Kandi ubuhendanyi ni bwo baguma bavugira mu ntamatama bukarinda bwira+.
8 Ururimi rwabo ni umwampi wica+. Rwavuze ivy’ubuhendanyi. Umuntu aguma avugana na mugenziwe ivy’amahoro akoresheje akanwa kiwe; mugabo imbere muri we aba amubundiye+.”