ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 10:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Inyuma y’ivyo abasavyi ba Farawo bamubwira bati: “Uyu muntu azogeza ryari kutubera umutego+? Rekura aba bagabo bagende, bakorere Yehova Imana yabo. Mbega nturamenya ko Misiri yayogeye+?”

  • 1 Samweli 18:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Amaherezo Sauli abwira Dawidi ati: “Ng’uyu umukobwa wanje mukuru Merabu+. Ni we nzoguha ngo akubere umugore+. Ukire kumbera umuntu w’intwari, urwane intambara za Yehova+.” Mugabo Sauli, we yibwira ati: “Ukuboko kwanje ntikuze kuri we, mugabo ukuboko kw’Abafilisitiya kube ari kwo kuza kuri we+.”

  • Zaburi 7:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Raba! Hari umuntu yibungenze ibintu bibabaza+,

      Yasamye inda y’ivyago, kandi nta kabuza azokwibaruka ikinyoma+.

  • Zaburi 38:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Mugabo abarondera ubuzima bwanje batega imitego+,

      Abakora bandonderera ivyago na bo bavuze ivy’amarushwa+,

      Kandi ubuhendanyi ni bwo baguma bavugira mu ntamatama bukarinda bwira+.

  • Imigani 26:24
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 24 Umwankanyi yiyoberanisha iminwa yiwe, mugabo imbere muri we ashirayo ubuhendanyi+.

  • Yeremiya 9:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Ururimi rwabo ni umwampi wica+. Rwavuze ivy’ubuhendanyi. Umuntu aguma avugana na mugenziwe ivy’amahoro akoresheje akanwa kiwe; mugabo imbere muri we aba amubundiye+.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika