-
Nehemiya 9:17Bibiliya y’isi nshasha
-
-
17 Maze banka kwumviriza+, ntibibuka+ ibikorwa vy’agatangaza vyawe wabakoreye, mugabo bakomantaza izosi+, bashiraho umukuru+ kugira basubire mu bushumba bwabo mu Misiri. Mugabo wewe uri Imana ikunda kubabarira+, y’inyempuhwe+ kandi y’inyembabazi+, iteba gushavura+ kandi igwije+ ubuntu bwuzuye urukundo, ntiwabahevye+.
-
-
Nehemiya 9:29Bibiliya y’isi nshasha
-
-
29 Naho washinga intahe+ ubagiriza kugira ubagarukane kw’itegeko ryawe+, baritaye imbere+, ntibumviriza amabwirizwa yawe; baracumuye+ ku ngingo z’ubutungane zawe+, izo ngingo iyo umuntu azishikije akaba abaho koko bivuye kuri zo+. Bagumye bakutsa urutugu n’akagagazo+, bakomantaza izosi+, ntibumviriza+.
-