ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Nehemiya 9:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Maze banka kwumviriza+, ntibibuka+ ibikorwa vy’agatangaza vyawe wabakoreye, mugabo bakomantaza izosi+, bashiraho umukuru+ kugira basubire mu bushumba bwabo mu Misiri. Mugabo wewe uri Imana ikunda kubabarira+, y’inyempuhwe+ kandi y’inyembabazi+, iteba gushavura+ kandi igwije+ ubuntu bwuzuye urukundo, ntiwabahevye+.

  • Nehemiya 9:29
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 29 Naho washinga intahe+ ubagiriza kugira ubagarukane kw’itegeko ryawe+, baritaye imbere+, ntibumviriza amabwirizwa yawe; baracumuye+ ku ngingo z’ubutungane zawe+, izo ngingo iyo umuntu azishikije akaba abaho koko bivuye kuri zo+. Bagumye bakutsa urutugu n’akagagazo+, bakomantaza izosi+, ntibumviriza+.

  • Yeremiya 7:26
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 Mugabo ntibanyumvirije, kandi ntibateze ugutwi+, ariko bagumye bakomantaza izosi+. Bakoze nabi kurusha ba sekuruza babo+!

  • Yeremiya 17:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 mugabo ntibumvirije canke ngo batege ugutwi+; maze bakomantaza izosi+ ryabo kugira ntibumve no kugira ntibemere gutozwa indero+.”’

  • Zakariya 7:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Umutima wabo+ bawugize nk’ibuye rikomantaye kugira ngo ntibagamburuke itegeko+ be n’amajambo Yehova nyen’ingabo yarungitse akoresheje impwemu yiwe+, biciye ku bahanuzi ba kera+, bituma Yehova nyen’ingabo arakara cane+.”

  • Ivyakozwe 7:51
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 51 “Yemwe bantu b’intabarirwa kandi batagenyerewe mu mitima+ no mu matwi: mwama murwanya impwemu nyeranda; nk’uko ba sogokuruza banyu bakora, ni ko namwe mukora+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika