ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Samweli 8:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Nk’uko ibikorwa vyabo vyose biri, ivyo bakoze kuva umusi nabadugana ndabakuye mu Misiri+ gushika uyu musi, mu kuba bagumye banta+ bagakorera izindi mana+, ni ko nawe bariko bakugirira.

  • 2 Abami 17:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 nuko ntibumviriza mugabo baguma bakomantaza amazosi yabo+ nk’amazosi ya ba sekuruza babo batari barizeye+ Yehova Imana yabo;

  • Nehemiya 9:29
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 29 Naho washinga intahe+ ubagiriza kugira ubagarukane kw’itegeko ryawe+, baritaye imbere+, ntibumviriza amabwirizwa yawe; baracumuye+ ku ngingo z’ubutungane zawe+, izo ngingo iyo umuntu azishikije akaba abaho koko bivuye kuri zo+. Bagumye bakutsa urutugu n’akagagazo+, bakomantaza izosi+, ntibumviriza+.

  • Yeremiya 7:26
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 Mugabo ntibanyumvirije, kandi ntibateze ugutwi+, ariko bagumye bakomantaza izosi+. Bakoze nabi kurusha ba sekuruza babo+!

  • Zakariya 7:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Umutima wabo+ bawugize nk’ibuye rikomantaye kugira ngo ntibagamburuke itegeko+ be n’amajambo Yehova nyen’ingabo yarungitse akoresheje impwemu yiwe+, biciye ku bahanuzi ba kera+, bituma Yehova nyen’ingabo arakara cane+.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika