ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Imigani 28:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Indongozi itagira ugutahura nyakuri igwiza n’ingeso z’ubugunge+, mugabo uwanka inyungu y’akarenganyo+ azorehura imisi yiwe.

  • Yesaya 32:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 32 Raba! Umwami+ azoganza ku bw’ubugororotsi+; nayo abaganwa+, bazotwara nk’abaganwa ku bw’ubutungane.

  • Yesaya 60:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Mu kibanza c’umujumpu nzozana inzahabu+, mu kibanza c’icuma nzane ifeza, mu kibanza c’igiti nzane umujumpu, mu kibanza c’amabuye na ho, icuma; kandi nzogena amahoro ngo akubere abacungezi+, n’ubugororotsi ngo bukubere abagabuzi b’ibikorwa+.

  • Yeremiya 22:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 ‘Vy’ukuri amaso yawe n’umutima wawe nta handi biri atari ku nyungu y’akarenganyo yawe+, no ku maraso y’intungane kugira ngo uyasese+, no ku kugunga no ku kunyaga, kugira ngo ubikore.’

  • Yeremiya 23:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 “Ehe imisi iraje,” ni ko Yehova avuze, “kandi nzohagurukiriza Dawidi umunago ugororotse+. Kandi umwami azoganza koko+, akorane ukwiyubara yongere ashitse ubutungane n’ubugororotsi mu gihugu+.

  • Ezekiyeli 22:27
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 27 Abaganwa baco hagati muri co bameze nk’amabingira atabagura ico acakiye, mu gusesa amaraso+, mu guhonya abantu ngo baronke inyungu y’akarenganyo+.

  • Ezekiyeli 46:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Kandi umukuru ntaze agire ico atwara ku ntoranwa y’abanyagihugu ngo abomore mu matongo yabo+. Aze ahe abana biwe intoranwa kw’itongo ryiwe, kugira ngo abantu banje ntibasanzare, umwe wese akava mw’itongo ryiwe+.’”

  • Mika 3:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Maze mvuga nti: “Ndabinginze mwumve, yemwe bakuru bo mu ba Yakobo, namwe batware b’inzu ya Isirayeli+. Mbega si mwebwe mukwiye kumenya ubutungane+?

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika