Imigani 28:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Indongozi itagira ugutahura nyakuri igwiza n’ingeso z’ubugunge+, mugabo uwanka inyungu y’akarenganyo+ azorehura imisi yiwe. Yesaya 32:1 Bibiliya y’isi nshasha 32 Raba! Umwami+ azoganza ku bw’ubugororotsi+; nayo abaganwa+, bazotwara nk’abaganwa ku bw’ubutungane. Yesaya 60:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Mu kibanza c’umujumpu nzozana inzahabu+, mu kibanza c’icuma nzane ifeza, mu kibanza c’igiti nzane umujumpu, mu kibanza c’amabuye na ho, icuma; kandi nzogena amahoro ngo akubere abacungezi+, n’ubugororotsi ngo bukubere abagabuzi b’ibikorwa+. Yeremiya 22:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 ‘Vy’ukuri amaso yawe n’umutima wawe nta handi biri atari ku nyungu y’akarenganyo yawe+, no ku maraso y’intungane kugira ngo uyasese+, no ku kugunga no ku kunyaga, kugira ngo ubikore.’ Yeremiya 23:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 “Ehe imisi iraje,” ni ko Yehova avuze, “kandi nzohagurukiriza Dawidi umunago ugororotse+. Kandi umwami azoganza koko+, akorane ukwiyubara yongere ashitse ubutungane n’ubugororotsi mu gihugu+. Ezekiyeli 22:27 Bibiliya y’isi nshasha 27 Abaganwa baco hagati muri co bameze nk’amabingira atabagura ico acakiye, mu gusesa amaraso+, mu guhonya abantu ngo baronke inyungu y’akarenganyo+. Ezekiyeli 46:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Kandi umukuru ntaze agire ico atwara ku ntoranwa y’abanyagihugu ngo abomore mu matongo yabo+. Aze ahe abana biwe intoranwa kw’itongo ryiwe, kugira ngo abantu banje ntibasanzare, umwe wese akava mw’itongo ryiwe+.’” Mika 3:1 Bibiliya y’isi nshasha 3 Maze mvuga nti: “Ndabinginze mwumve, yemwe bakuru bo mu ba Yakobo, namwe batware b’inzu ya Isirayeli+. Mbega si mwebwe mukwiye kumenya ubutungane+?
16 Indongozi itagira ugutahura nyakuri igwiza n’ingeso z’ubugunge+, mugabo uwanka inyungu y’akarenganyo+ azorehura imisi yiwe.
32 Raba! Umwami+ azoganza ku bw’ubugororotsi+; nayo abaganwa+, bazotwara nk’abaganwa ku bw’ubutungane.
17 Mu kibanza c’umujumpu nzozana inzahabu+, mu kibanza c’icuma nzane ifeza, mu kibanza c’igiti nzane umujumpu, mu kibanza c’amabuye na ho, icuma; kandi nzogena amahoro ngo akubere abacungezi+, n’ubugororotsi ngo bukubere abagabuzi b’ibikorwa+.
17 ‘Vy’ukuri amaso yawe n’umutima wawe nta handi biri atari ku nyungu y’akarenganyo yawe+, no ku maraso y’intungane kugira ngo uyasese+, no ku kugunga no ku kunyaga, kugira ngo ubikore.’
5 “Ehe imisi iraje,” ni ko Yehova avuze, “kandi nzohagurukiriza Dawidi umunago ugororotse+. Kandi umwami azoganza koko+, akorane ukwiyubara yongere ashitse ubutungane n’ubugororotsi mu gihugu+.
27 Abaganwa baco hagati muri co bameze nk’amabingira atabagura ico acakiye, mu gusesa amaraso+, mu guhonya abantu ngo baronke inyungu y’akarenganyo+.
18 Kandi umukuru ntaze agire ico atwara ku ntoranwa y’abanyagihugu ngo abomore mu matongo yabo+. Aze ahe abana biwe intoranwa kw’itongo ryiwe, kugira ngo abantu banje ntibasanzare, umwe wese akava mw’itongo ryiwe+.’”
3 Maze mvuga nti: “Ndabinginze mwumve, yemwe bakuru bo mu ba Yakobo, namwe batware b’inzu ya Isirayeli+. Mbega si mwebwe mukwiye kumenya ubutungane+?