ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 32:36
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 36 Kuko Yehova azocira urubanza abantu biwe+

      Kandi azokwicuza ku bijanye n’abasavyi biwe+,

      Kuko azobona ko icishimikizo cazimanganye

      Hakaba hasigaye gusa uwutagira gitabara, uwutagira ico amaze.

  • Zaburi 103:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Nk’uko se w’abana agirira imbabazi abana biwe+,

      Ni ko Yehova yagiriye imbabazi abamutinya+.

  • Yesaya 60:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Abanyamahanga bazokwubaka vy’ukuri impome zawe+, abami babo na bo bagukorere+; kuko mu burakari bwanje nzoba nagukubise+, mugabo mu butoni bwanje sinzobura kukugirira imbabazi+.

  • Gucura intimba 3:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 Ibikorwa vy’ubuntu bwuzuye urukundo+ vya Yehova ni vyo vyatumye tudaherengetera+, kuko imbabazi ziwe zitazogenda ziheze+.

  • Hoseya 11:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 “Noshobora nte kuguheba ga Efurayimu+? Noshobora nte kugutanga ga Isirayeli+? Noshobora nte kukugira nka Adima+? Noshobora nte kuguhindura nka Zeboyimu+? Umutima wanje wahindutse muri jewe+; muri ico gihe nyene impuhwe zanje zisigaye zishushe.

  • Luka 15:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Nuko arahaguruka aja kwa se. Akiri kure, se wiwe amukubita ijisho aca aterwa n’ikigongwe, arirukanga amugwa mw’izosi, amusomagurana ikibabarwe.

  • Yakobo 5:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Raba! Abihanganye tubita abahirwe+. Mwarumvise ivya kwa kwihangana kwa Yobu+ mwongera murabona icavuyemwo gitanzwe na Yehova+, murabona yuko Yehova ari umunyakibabarwe cane n’umunyembabazi+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika