ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 9:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Kuko hari umwana atuvukiye+, hari umuhungu duhawe+; ubutware bwa kiganwa buzoba ku rutugu rwiwe+. Kandi izina azokwitwa ni Umujanama w’agatangaza+, Imana ikomeye+, Data ahoraho+, Umuganwa w’amahoro+.

  • Yesaya 11:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba kuri uwo musi+: hazoba umuzi wa Yese+ uzohagarara nk’ikimenyetso ku bisata vy’abantu+. Ni we amahanga azokwitura ngo amusiguze+, kandi ahantu hiwe h’ukuruhukira hazotegerezwa gucika ahaninahaye+.

  • Yesaya 52:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 ni ko azotera amahanga menshi guhababuka+. Kubera we, abami bazozibira akanwa kabo+, kuko bazobona koko ivyo batadondewe, kandi bazotegerezwa kurimbura ivyo batari barumvise+.

  • Yeremiya 23:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 “Ehe imisi iraje,” ni ko Yehova avuze, “kandi nzohagurukiriza Dawidi umunago ugororotse+. Kandi umwami azoganza koko+, akorane ukwiyubara yongere ashitse ubutungane n’ubugororotsi mu gihugu+.

  • Mika 5:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 “Nayo wewe, ewe Betelehemu Efurata+, wewe mutoyi cane ku buryo utoharurwa mu bihumbi vya Yuda+, muri wewe+ hazomviramwo uwuzoba umutware muri Isirayeli+, amamo yiwe akaba ari ayo kuva mu bihe vya kera, kuva mu misi ya kera*+.

  • Zakariya 13:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 “Wa nkota we, ikangure urwanye umwungere wanje+, egome, umuntu w’umugabo mugenzanje+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze. “Kubita umwungere+ intama zo mu mukuku zisabagire+; kandi sinzobura kugarukana ukuboko kwanje ku z’inkengerwa+.”

  • Malaki 3:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 “Ehe ntumye intumwa yanje+, na yo izotunganya inzira imbere yanje+. Kandi bukwi na bukwi wa Mukama w’ukuri+ azoza ku rusengero rwiwe+, uwo mwebwe murondera, be na ya ntumwa+ y’isezerano+, iyo muhimbarirwa+. Ehe azoza koko,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze+.

  • Luka 24:44
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 44 Buno ababwira ati: “Aya ni ya majambo yanje nababwira nkiri kumwe namwe+, yuko ibintu vyose vyanditswe mw’itegeko rya Musa no mu Bahanuzi+ no mu Mazaburi+ ku binyerekeye bitegerezwa kuranguka.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika