Yobu
32 Nuko abo bagabo batatu bareka kwishura Yobu, kuko yari agororotse mu maso yiwe+. 2 Ariko ishavu rya Elihu mwene Barakeli Umubuzu+ wo mu muryango wa Ramu rirarurumba. Ishavu ryiwe rirurumbira Yobu kuko yavuga ko ari we agororotse aho kuvuga ko Imana ari yo igororotse+. 3 Ishavu ryiwe kandi rirurumbira bagenziwe batatu kuko batari baronse ico bishura, mugabo bagatangura kwita Imana umubisha+. 4 Kandi Elihu yari yarindiranye Yobu ijambo, kuko bamukurira mu misi+. 5 Vyakabaye kera, Elihu abona ko ata nyishu iri mu kanwa+ k’abo bagabo batatu, maze ishavu ryiwe riguma rirushiriza kururumba. 6 Elihu mwene Barakeli Umubuzu araheza atangura kwishura ati:
“Ndi muto uravye imisi maze,
Namwe murashaje+.
Ni co gituma nasubije umugongo inyuma
Ngatinya kubamenyesha ubumenyi bwanje.
7 Navuze nti: ‘Imisi ni yo ikwiye kuvuga,
Kandi imyaka indiri ni yo ikwiye kumenyesha ubukerebutsi+.’
10 Ni co gituma navuze nti: ‘Nyumviriza.
Jewe nanje ngira menyekanishe ubumenyi bwanje.’
11 Raba! Narindiriye amajambo yanyu,
Nagumye nteze ugutwi ivyiyumviro vyanyu+,
Gushika murondeye amajambo muvuga.
12 Nagumye ndabateze yompi,
None ehe nta n’umwe akangira Yobu,
Habe n’umwe muri mwebwe yishura ku majambo yiwe,
14 Ko ata majambo yatondetse yo kuntera,
Amajambo yanyu si yo rero nkoresha mu kumwishura.
15 Batekewe n’ubwoba, ntibongeye kwishura;
Amajambo yabakamanye.
16 Nanje narindiriye, kuko batabandanya kuvuga;
Kuko bahagaze, ntibongere kwishura.
17 Jewe nanje ngira ntange uruhara rwanje mu kwishura;
Jewe nanje ngira menyekanishe ubumenyi bwanje;