Hoseya
3 Yehova yongera kumbwira ati: “Subira ugende, ukunde umugore akundwa n’uwundi mugabo+ kandi arenga ibigo, nk’uko Yehova akunda bene Isirayeli+ ariko bo bakitura izindi mana+ kandi bagakunda udutsima tw’inzabibu zumye+.”
2 Nuko ndamugura ibiceri vy’ifeza cumi na bitanu+ n’ingero yitwa homeri imwe n’igice ya sayiri*. 3 Maze ndamubwira nti: “Uzomara imisi myinshi uri uwanje+. Ntuze ukore ubusambanyi+, kandi ntuze wegukire uwundi mugabo+; nanje nzoba uwawe.”
4 Kuko bene Isirayeli bazomara imisi myinshi ata mwami bagira+, ata muganwa, ata kimazi+, ata nkingi, ata efodi*+ na terafimu*+. 5 Mu nyuma bene Isirayeli bazogaruka barondere koko Yehova Imana yabo+, na Dawidi umwami wabo+; egome, bazoza kuri Yehova+ no ku kumera neza kwiwe badegedwa, mu kiringo ca nyuma c’imisi+.