Filemoni
1 Jewe Paulo imbohe+ ku bwa Kristu Yezu, na Timoteyo+ mwene wacu, turakwandikiye wewe Filemoni umukundwa wacu akaba n’umukozi mugenzi wacu+, 2 na Afiya mushiki wacu, na Arikipo+ umusoda+ mugenzi wacu, n’ishengero riri mu nzu yawe+:
3 Mugire ubuntu ata wari abukwiriye n’amahoro biva ku Mana Data wa twese no ku Mukama Yezu Kristu+.
4 Nama nkengurukira Imana yanje iyo ndagushize mu masengesho yanje+, 5 kuko nguma numva ivy’urukundo rwawe n’ukwizera ufise ku Mukama Yezu no ku beranda bose+; 6 kugira ngo ushiruke ubute mu gusangira n’abandi ukwizera+ kwawe kuko uzi yuko ikintu ciza cose muri twebwe kijanye na Kristu. 7 Kuko nagize akanyamuneza kenshi nkumva mpojejwe cane bitewe n’urukundo rwawe+, kubera ko imitima* y’aberanda yaruhuriwe+ biciye kuri wewe, mwene wacu.
8 Ku bw’iyo mvo nyene, naho nari mfise umwidegemvyo mwinshi wo kuvuga mu bijanye na Kristu n’ububasha bwo kugutegeka+ gukora ikibereye, 9 nshimye kuguhimiriza riho nishimikije urukundo+, kubera ko ndi uko ndi, Paulo umutama, egome, ubu nkaba kandi ndi imbohe+ ku bwa Kristu Yezu; 10 ndiko nguhimiriza ku vyerekeye umwana wanje+, uwo nabereye nka se+ ndi mu mvuto, ari we Onezime+, 11 umwe ata co yari akumariye kera mugabo ubu akaba akimariye wewe na jewe+. 12 Uwo nyene ni we nkugarukaniye, egome, uwo, we bura bwanje+.
13 Nari gushima kumwigumiriza kugira ngo agume ankorera mu kibanza cawe+ mu mvuto+ ndimwo ku bw’inkuru nziza. 14 Mugabo sinshaka gukora ikintu na kimwe utavyemeye, kugira ngo igikorwa cawe ciza ntikibe igikozwe ku gahato, ahubwo kibe ikivuye ku gushaka kwawe+. 15 Kumbure mu vy’ukuri iki ni co catumye atoroka isaha imwe, kugira ngo wongere umuronke ku bw’ibihe vyose, 16 atakiri umushumba+ ahubwo aruta umushumba+, ari umuvukanyi mukundwa+, canecane kuri jewe, yamara bikarushiriza kuri wewe mu bucuti bw’umubiri no mu Mukama. 17 Nimba rero umbona nk’uwufatanije na wewe+, numwakirane+ ubuntu nk’uko wonyakira. 18 Vyongeye, nimba hari ikibi yagukoreye canke hakaba hari ico agufitiye, ivyo ubimparureko. 19 Jewe Paulo nanditse n’ukuboko kwanje bwite+: nzovyishura . . . siniriwe ndakubwira yuko n’ubuzima bwawe ubukesha jewe. 20 Egome, mwene wacu, ese nogira ico nungukiye kuri wewe mu bijanye n’Umukama: nuruhurire umutima wanje+ mu bijanye na Kristu.
21 Ndakwandikiye nizigiye ko ugamburuka, nzi yuko uzokora n’ibiruta ivyo mvuze+. 22 Mugabo uretse ivyo, untegurire kandi uburaro+, kuko nizigiye yuko biciye ku masengesho+ yanyu nzobarekurirwa+.
23 Epafura+ imbohe mugenzanje mu bumwe na Kristu Yezu arakuramutsa, 24 na Mariko, Arisitariko+, Dema+, Luka, abakozi bagenzanje.
25 Ubuntu ata wari abukwiriye bw’Umukama Yezu Kristu bubane n’agatima mwerekana+.