Gucura intimba
5 Ewe Yehova, ibuka ivyadushikiye+. Itegereze ubone iceyi cacu+.
2 Intoranwa yacu yahawe ab’ahandi, amazu yacu ahabwa abanyamahanga+.
3 Dusigaye turi impfuvyi zitagira se+. Ba mama bameze nk’abapfakazi+.
4 Amazi yacu dusigaye tuyanywa ari uko dutanze amahera+. Inkwi zacu tuzironka ari uko turishe ikiguzi.
5 Baradukurikiranye bari hafi y’izosi ryacu+. Twarambiwe. Nta karuhuko badusigiye+.
6 Misiri+ twayayiye amaboko+; twayiye amaboko Ashuri+ kugira duhage umukate.
7 Ba sogokuruza bacu ni bo bacumuye+. Ntibakiriho. Ariko twebwe, twabwirijwe kwikorera amakosa yabo+.
8 Abasuku busuku ni bo batuganza+. Nta wudushikura mu kuboko kwabo+.
9 Tuzana umukate wacu duhatswe kuhasiga ubuzima+, kubera inkota yo mu gahinga.
10 Urukoba rwacu rusigaye ruturira nk’itanure, kubera imisonga y’inzara+.
11 Bacishije bugufi abagore muri Siyoni+, abigeme b’isugi mu bisagara vya Yuda.
12 Abaganwa ubwabo bamanikiwe ku kuboko kwabo+. Mu maso h’abatama ntihatewe iteka+.
13 Imisore yateruye urusyo rw’amaboko+, uduhungu twatsitaye turemerewe n’inkwi+.
14 Abatama ntibacicara kw’irembo+, imisore ntigicuraranga umuziki wayo w’ibicurarangisho+.
15 Umwigino w’umutima wacu waheze. Ugutamba kwacu kwahindutse ikigandaro+.
16 Urugori rwo ku mutwe wacu rwakorotse+. Turagowe rero, kuko twacumuye+!
17 Kubera ivyo, umutima wacu warwaye+. Kubera ivyo bintu, amaso yacu asigaye abona ivyijiji+,
18 Kubera umusozi wa Siyoni wacitse umusaka+; imbwebwe zisigaye zitembera kuri wo+.
19 Ariko wewe, ewe Yehova, uzovyagira igihe kitagira urugero+. Intebe yawe y’ubwami izokwamaho uko iyaruka rikurikira irindi+.
20 Kubera iki utwibagira ibihe bidahera+, ukaduheba imisi myinshi+?
21 Ewe Yehova, nutugarukane+ kuri wewe, natwe tuzogaruka n’umutima ukunze. Tuzanire imisi mishasha nka kera+.