Ururirimbo. Agahibongozo ka Dawidi.
108 Umutima wanje urahamye, ewe Mana+!
Nzoririmba, mpibongoze+,
N’ubuninahazwa bwanje bugire kuno+.
2 Ikangure, ewe gicurarangisho c’imirya; na wewe nyene, ewe nanga+!
Nzokangura umutwenzi+.
3 Nzoguhaya mu bisata vy’abantu, Yehova we+!
Nzoguhibongoreza mu miryango y’amahanga+.
4 Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwawe ari bwinshi gushika mu majuru+,
Ukuri kwawe na kwo gushika mu birere+.
5 Yoo! nushirwe hejuru y’amajuru, ewe Mana+!
Kandi ubuninahazwa bwawe nibube hejuru y’isi yose+.
6 Kugira ngo abakundwa bawe batabarwe+,
Yoo! kirisha ukuryo kwawe kandi unyishure+.
7 Imana ubwayo yavuze mu bweranda bwayo+ iti:
“Nzokwigina, nzotanga Shekemu+ bwa mugabane+;
Kandi ikiyaya co hasi ca Sukoti+ nzokigera.
8 Gileyadi+ ni rwanje; Manase+ ni rwanje;
Efurayimu na yo ni iboma ry’umukuru wanje+;
Yuda ni inkoni yanje ya kizigenza+.
9 Mowabu+ ni inkono yanje yo gukarabiramwo+.
Nzoterera inkweto+ yanje kuri Edomu+.
Nzokwiha akaruru k’intsinzi+ kuri Filisitiya+.”
10 Ni nde azonzana ku gisagara gikingijwe ibihome+?
Ni nde vy’ukuri azonyobora akanshikana i Edomu+?
11 Mbega si wewe ga Mana, wewe wadushibuye+,
Wewe utajana n’ingabo zacu bwa Mana+?
12 Nudutabare amarushwa+,
Kuko ubukiriro butangwa n’umuntu yakuwe mw’ivu butagira akamaro+.
13 Tuzoronka inkomezi tuzihawe n’Imana+,
Kandi yo ubwayo izohonyangira hasi abarwanizi bacu+.