Ku mukuru w’abaririmvyi: bayiririmbira kuri Muti-Labeni. Ni zaburi ya Dawidi.
א [Alefu]
9 Ewe Yehova, nzoguhaya n’umutima wanje wose.
Nzomenyesha ibikorwa vyose bitangaje wakoze+.
2 Nzonezerwa nongere nigine kubera wewe.
Nzoririmbira amashemezo izina ryawe, ewe Musumbavyose+!
ב [Beti]
3 Abansi banje nibasubira inyuma+,
bazotsitara bahonere imbere yawe.
4 Kuko ari wewe umburanira.
Wicara ku ntebe yawe y’ubwami ugaca imanza mu bugororotsi+.
ג [Gimelu]
5 Warahanye amahanga+ wongera urahonya ababisha,
uzimanganya izina ryabo gushika ibihe bidahera.
6 Warahoneje abansi ubutakigaruka,
urandurana n’imizi ibisagara vyabo,
kandi nta wuzosubira kubibuka+.
ה [He]
7 Ariko Yehova azoguma avyagiye ku ntebe yiwe ibihe bidahera+.
Yarashimangiye intebe yiwe kugira ace imanza zigororotse+.
8 Azocira imanza ababa kw’isi mu bugororotsi+.
Azocira amahanga imanza zigororotse+.
ו [Vau]
9 Yehova azobera ubuhungiro butekanye abantu bahahazwa+,
ubuhungiro butekanye mu bihe vy’amagorwa+.
10 Abazi izina ryawe bazokwizigira+.
Ntuzokwigera uheba abakurondera, ewe Yehova+!
ז [Zayini]
11 Nimuririmbire amashemezo Yehova, umwe aba i Siyoni.
Nimumenyekanishe ibikorwa vyiwe mu mahanga+.
12 Azokwibuka abahahazwa, kandi azohora amaraso yabo+.
Ntazokwibagira ugutabaza kwabo+.
ח [Heti]
13 Ewe Yehova, nungirire impuhwe; raba ingorane abanyanka bariko baranteza.
Ni wewe unduza ukankura mu vyara vy’urupfu+,
14 kugira menyeshe ibikorwa vyawe bitangaje mu marembo ya Siyoni+
nongere mpimbarirwe ubukiriro utanga+.
ט [Teti]
15 Amahanga yakorokeye mu kinogo yimvye.
Ikirenge cayo cafatiwe mu rusenga yanyegeje+.
16 Yehova amenyekanira ku kuntu ashitsa imanza ziwe+.
Umubisha agwa mu mutego kubera ibikorwa vyiwe+.
Higayoni. (Sela)
י [Yodi]
17 Ababisha bazomanuka mu kuzimu.
Aho ni ho amahanga yose yibagira Imana azoja.
18 Ariko aboro ntibazoguma bibagirwa ibihe vyose+,
canke ngo icizigiro c’abicisha bugufi kibe impfagusa+.
כ [Kafu]
19 Haguruka Yehova! Umuntu buntu ntagusumvye inkomezi.
Ese amahanga yocirwa urubanza imbere yawe+.
20 Ewe Yehova, nutume amahanga atekerwa n’ubwoba+,
kugira ababa muri yo bamenye ko ari abantu buntu gusa. (Sela)