ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Guharura 15
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Guharura: ibirimwo

      • Amategeko yerekeye amashikanwa (1-21)

        • Itegeko rimwe ku munyamahanga no ku mvukira (15, 16)

      • Amashikanwa y’ibicumuro umuntu akoze atabishaka (22-29)

      • Igihano ku muntu acumuye n’ibigirankana (30, 31)

      • Uwishwe kubera yarenze kw’Isabato (32-36)

      • Itegeko ryo gushira ubuyonga ku mpuzu (37-41)

Guharura 15:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 15:18

Guharura 15:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «akamoto karuhura kuri.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 1:9
  • +Lw 1:2, 3
  • +Lw 7:16; 22:18, 19, 21
  • +Lw 23:4; Gh 28:16; 29:1; Gus 16:13, 16

Guharura 15:4

Utujambo tw'epfo

  • *

    Efa imwe yaja mu kintu c’amalitiro 22. Raba Inyongera ya B14.

  • *

    Hini imwe yangana n’amalitiro 3,67. Raba Inyongera ya B14.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 29:40; Lw 2:1, 11

Guharura 15:5

Utujambo tw'epfo

  • *

    Wari umwagazi w’isuguru.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 28:6, 7, 11, 14

Guharura 15:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 1:3
  • +Lw 7:16
  • +Lw 3:1, 3; 7:11

Guharura 15:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 6:14; Gh 28:11, 12; 29:6

Guharura 15:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 28:11, 14

Guharura 15:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 12:49; Lw 24:22; Gh 9:14

Guharura 15:15

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «iyaruka.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 19:34

Guharura 15:19

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ibifungurwa.» Mu giheburayo havuga ngo «umukate.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yos 5:11, 12

Guharura 15:20

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «z’umushuzo.»

  • *

    Cari ikibanza kiri mu murima bakubitirako ivyimburwa vy’intete.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 23:19; Lw 2:14; Gh 18:8, 12; Gus 26:1, 2; Img 3:9

Guharura 15:21

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «z’umushuzo.»

Guharura 15:24

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 15:8-10
  • +Gh 28:15

Guharura 15:25

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 4:20; Heb 2:17; 1Yh 2:1, 2

Guharura 15:27

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 4:27, 28

Guharura 15:28

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 4:32, 35

Guharura 15:29

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 12:49; Lw 24:22; Gh 9:14; 15:15

Guharura 15:30

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «azoba atutse.»

  • *

    Canke «ategerezwa kurandurwa mu bantu b’iwabo.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 21:14; Gus 17:12; Heb 10:26, 27

Guharura 15:31

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Heb 10:28
  • +Ezk 18:20

Guharura 15:32

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 20:9, 10; 35:2; Gus 5:13, 14

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga),

    2/2022, rup. 2-3

Guharura 15:34

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 24:11, 12

Guharura 15:35

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 31:14
  • +Lw 24:14

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga),

    2/2022, rup. 2-3

Guharura 15:38

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 22:12; Mt 23:5

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/7/2011, rup. 12

    1/8/2004, rup. 26

    15/7/2003, rup. 13

Guharura 15:39

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «mukora ubumaraya.» Raba Insiguro y’amajambo (Umumaraya).

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 11:18
  • +Kv 34:15

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/7/2011, rup. 12-13

    15/7/2003, rup. 13

Guharura 15:40

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 11:44; Rm 12:1; 1Pt 1:15

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/7/2003, rup. 13

Guharura 15:41

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 17:8; Kv 29:45; Lw 25:38
  • +Kv 3:15; 6:2, 3

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Guh. 15:2It 15:18
Guh. 15:3Lw 1:9
Guh. 15:3Lw 1:2, 3
Guh. 15:3Lw 7:16; 22:18, 19, 21
Guh. 15:3Lw 23:4; Gh 28:16; 29:1; Gus 16:13, 16
Guh. 15:4Kv 29:40; Lw 2:1, 11
Guh. 15:5Gh 28:6, 7, 11, 14
Guh. 15:8Lw 1:3
Guh. 15:8Lw 7:16
Guh. 15:8Lw 3:1, 3; 7:11
Guh. 15:9Lw 6:14; Gh 28:11, 12; 29:6
Guh. 15:10Gh 28:11, 14
Guh. 15:14Kv 12:49; Lw 24:22; Gh 9:14
Guh. 15:15Lw 19:34
Guh. 15:19Yos 5:11, 12
Guh. 15:20Kv 23:19; Lw 2:14; Gh 18:8, 12; Gus 26:1, 2; Img 3:9
Guh. 15:24Gh 15:8-10
Guh. 15:24Gh 28:15
Guh. 15:25Lw 4:20; Heb 2:17; 1Yh 2:1, 2
Guh. 15:27Lw 4:27, 28
Guh. 15:28Lw 4:32, 35
Guh. 15:29Kv 12:49; Lw 24:22; Gh 9:14; 15:15
Guh. 15:30Kv 21:14; Gus 17:12; Heb 10:26, 27
Guh. 15:31Heb 10:28
Guh. 15:31Ezk 18:20
Guh. 15:32Kv 20:9, 10; 35:2; Gus 5:13, 14
Guh. 15:34Lw 24:11, 12
Guh. 15:35Kv 31:14
Guh. 15:35Lw 24:14
Guh. 15:38Gus 22:12; Mt 23:5
Guh. 15:39Gus 11:18
Guh. 15:39Kv 34:15
Guh. 15:40Lw 11:44; Rm 12:1; 1Pt 1:15
Guh. 15:41It 17:8; Kv 29:45; Lw 25:38
Guh. 15:41Kv 3:15; 6:2, 3
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
  • 28
  • 29
  • 30
  • 31
  • 32
  • 33
  • 34
  • 35
  • 36
  • 37
  • 38
  • 39
  • 40
  • 41
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Guharura 15:1-41

Guharura

15 Yehova yongera kubwira Musa ati: 2 «Bwira Abisirayeli uti: “Nimwamara gushika mu gihugu ngira ndabahe ngo mukibemwo+, 3 hanyuma mugaha Yehova ishikanwa bashikanisha umuriro mukuye mu bitungwa kugira ribe akamoto kamotera neza* Yehova+ (ryaba ari ishikanwa riturirwa+, ikimazi co gushitsa indagano idasanzwe, ishikanwa mutanga muvyishakiye+ canke iryo mutanga mu biringo vy’imisi mikuru yanyu+), 4 uwuzoritanga akwiye kandi guha Yehova ishikanwa ry’intete rigizwe n’ic’icumi c’ingero ya efa* y’ifu inoze+, ivanze n’ica kane c’ingero ya hini* y’amavuta. 5 Nimba ari ishikanwa riturirwa+ canke ikimazi c’umwagazi w’intama*, muzobitangana n’umuvinyu w’ishikanwa ry’ikinyobwa ungana n’ica kane c’ingero ya hini. 6 Nimba ari impfizi y’intama na ho, muzoyitangana n’ishikanwa ry’intete ringana n’ivy’icumi bibiri vy’ingero ya efa y’ifu inoze, ivanze n’ica gatatu c’ingero ya hini y’amavuta. 7 Muzotanga kandi umuvinyu w’ishikanwa ry’ikinyobwa ungana n’ica gatatu c’ingero ya hini, kugira ube akamoto kamotera neza Yehova.

8 Mugabo nimwashikanira Yehova impfizi y’inka y’ishikanwa riturirwa+ canke y’ikimazi co gushitsa indagano idasanzwe+ canke y’ikimazi co gusangira+, 9 muzoyitangana n’ishikanwa ry’intete+ ringana n’ivy’icumi bitatu vy’ingero ya efa y’ifu inoze, ivanze n’inusu y’ingero ya hini y’amavuta. 10 Muzotanga n’umuvinyu w’ishikanwa ry’ikinyobwa+ ungana n’inusu y’ingero ya hini kugira ube ishikanwa bashikanisha umuriro rimotera neza Yehova. 11 Ivyo ni vyo muzokora ku mpfizi yose y’inka canke y’intama no ku mwagazi wose w’intama canke w’impene. 12 Igitigiri ico ari co cose c’ibitungwa muzotanga, ukwo ni ko muzobigenza ku gitungwa kimwekimwe cose. 13 Ukwo ni ko Umwisirayeli wese w’imvukira akwiye guha Yehova ishikanwa bashikanisha umuriro ry’akamoto keza.

14 Umunyamahanga aba muri mwebwe canke amaze igihe kirekire abana namwe niyipfuza gutanga ishikanwa bashikanisha umuriro ry’akamoto kamotera neza Yehova, na we nyene azobigira nk’uko mubigenza+. 15 Mwebwe abagize ishengero hamwe n’umunyamahanga aba muri mwebwe muzogengwa n’itegeko rimwe. Iryo ni itegeko ryamaho uko urunganwe* rwanyu ruzogenda rurakurikirana. Umunyamahanga azomera cokimwe namwe imbere ya Yehova+. 16 Hazobaho itegeko rimwe n’ingingo imwe kuri mwebwe no ku munyamahanga aba muri mwebwe.”»

17 Yehova abandanya kubwira Musa ati: 18 «Bwira Abisirayeli uti: “Nimwashika mu gihugu ndabajanyemwo, 19 hanyuma mukarya ivyeze* muri co+, mutegerezwa guha intererano Yehova. 20 Muzotanga intererano y’imikate y’imizingi ikozwe mu ntete zijanjaguye z’ivyeze ubwa mbere*+. Muzoyitanga nka kurya kw’intererano ivuye mu vyimburwa bakubitiye ku mbuga*. 21 Muzokwama muha Yehova intererano mukuye ku ntete zijanjaguye z’ivyeze ubwa mbere*, uko urunganwe rwanyu ruzogenda rurakurikirana.

22 Nivyashika mugakora ikosa ntimwubahirize amabwirizwa yose Yehova yahaye Musa, 23 (ibintu vyose Yehova yabategetse biciye kuri Musa, akabitegeka n’abazobakomokako, kuva umusi Yehova abibaha), 24 iryo kosa niryaba ryakozwe bivuye ku kwihenda kandi ishengero rikaba ritabimenye, ishengero ryose rizoca ritanga ishuri y’ishikanwa riturirwa ry’akamoto kamotera neza Yehova. Bazoritangana n’ishikanwa ry’intete be n’ishikanwa ry’ikinyobwa nk’uko bisabwa n’amategeko+, hamwe n’umwagazi w’impene w’ishikanwa ry’igicumuro+. 25 Umuherezi azotangira impongano ishengero ryose ry’Abisirayeli, kandi bazobabarirwa+ kuko kuzoba kwabaye ukwihenda. Bisubiye, bazoba bazaniye Yehova ishikanwa bashikanisha umuriro, kandi bazoba bazanye imbere ya Yehova ishikanwa ry’igicumuro ku bw’ikosa bakoze. 26 Ishengero ryose ry’Abisirayeli n’umunyamahanga aba muri bo bazobabarirwa, kuko ihanga ryose rizoba ryakoze iryo kosa bivuye ku kwihenda.

27 Umuntu niyacumura bivuye ku kwihenda, azoca atanga impene ivyara y’ishikanwa ry’igicumuro+ imaze umwaka umwe canke udashika. 28 Umuherezi azotangira impongano uwo muntu yacumuye atabishaka imbere ya Yehova, kandi azobabarirwa+. 29 Ku bijanye n’igicumuro umuntu yakoze atabishaka, hazoba itegeko rimwe ku Mwisirayeli w’imvukira no ku munyamahanga aba muri mwebwe+.

30 Mugabo umuntu niyacumura n’ibigirankana+, yaba ari imvukira canke umunyamahanga aba muri mwebwe, azoba asuzuguye* Yehova kandi ategerezwa kwicwa*. 31 Uwo muntu ategerezwa kwicwa kuko azoba yasuzuguye ijambo rya Yehova kandi akarenga kw’ibwirizwa ryiwe+. Ikosa ryiwe rizoja ku gatwe kiwe+.”»

32 Igihe Abisirayeli bari mu bugaragwa, hari umugabo basanze ariko arasenya kw’isabato+. 33 Abamubonye ariko arasenya baca bamuzanira Musa na Aroni n’ishengero ryose. 34 Baraheza bamushira aho acungirwa+, kuko amategeko atatomora neza ico bomugira.

35 Yehova aca abwira Musa ati: «Uwo mugabo ategerezwa gupfa+. Ishengero ryose nirimwicishe amabuye inyuma y’ikambi+.» 36 Ishengero ryose rica rimusohora inyuma y’ikambi, rimwicisha amabuye nk’uko Yehova yari yategetse Musa.

37 Yehova yongera kubwira Musa ati: 38 «Bwira Abisirayeli ko bakwiye gushira ubuyonga ku mushono wo hasi w’impuzu zabo kandi bakazungurutsa akagozi gasa n’ubururu haruguru y’uwo mushono+, uko urunganwe rwabo ruzogenda rurakurikirana. 39 “Impuzu zanyu zitegerezwa kuba ziriko umushono uriko ubuyonga kugira ngo muwubonye muce mwibuka amabwirizwa yose ya Yehova maze muyakurikize+. Ntimuze mukurikire imitima yanyu n’amaso yanyu kuko ari vyo bituma mumpemukira*+. 40 Ivyo bizotuma mwibuka amabwirizwa yanje yose mwongere muyakurikize kugira mube beranda imbere y’Imana yanyu+. 41 Ndi Yehova Imana yanyu, uwabakuye mu Misiri kugira ndabereke ko ndi Imana yanyu+. Ndi Yehova Imana yanyu+.”»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika