Guharura
12 Miriyamu na Aroni batangura kuvuga nabi Musa kubera yari yarongoye Umukushikazi+. 2 Baguma bavuga bati: «Mbega Yehova avuga biciye kuri Musa gusa? None ntahora avuga biciye no kuri twebwe+?» Ivyo vyose Yehova yariko aravyumva+. 3 Mugabo Musa yari umuntu atekereza cane* kurusha abantu bose+ bari kw’isi.
4 Ubwo nyene Yehova aca abwira Musa na Aroni na Miriyamu ati: «Mwese uko muri batatu nimugende kw’ihema ry’ibonaniro.» Bose baca baragenda. 5 Yehova aca amanuka muri ya nkingi y’igicu+, ahagarara ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro maze ahamagara Aroni na Miriyamu. Na bo baca begera imbere. 6 Ababwira ati: «Nimunyumvirize neza. Iyaba muri mwebwe harimwo umuhanuzi wanje jewe Yehova, nomwimenyesheje mw’iyerekwa+ kandi nkavugana na we mu ndoto+. 7 Ariko si ko biri ku musavyi wanje Musa! Ajejwe ihanga ryanje ryose*+. 8 Mvugana na we amaso mu yandi*+, ntomora, ata gufobeka. Arabona ishusho yanje jewe Yehova. Kuki none mwubahutse kuvuga nabi umusavyi wanje Musa?»
9 Yehova aca arabashavurira cane hanyuma arigira. 10 Ca gicu gica kiragenda, kiva hejuru y’ihema ry’ibonaniro. Miriyamu aca afatwa n’imibembe, asigara yera derere*+. Aroni ahindukiye kumuraba, asanga yafashwe n’imibembe+. 11 Aroni aca abwira Musa ati: «Databuja*, ndakwinginze ntureke ngo duhanirwe ico gicumuro. Twakoze ibintu vy’ubupfu! 12 Ndakwinginze ntumureke ngo agume ameze nk’umwana avutse yapfuye, igice c’umubiri wiwe camaze kubora!» 13 Musa aca atakambira Yehova ati: «Ewe Mana, ndakwinginze umukize, ndabigusavye+!»
14 Yehova yishura Musa ati: «Hamwe se wiwe yomucira mu maso, ntiyomara imisi indwi ari ikimaramare? Mureke amare imisi indwi ari ukwa wenyene hanze y’ikambi+, azoheza agaruke.» 15 Miriyamu aca amara imisi indwi ari ukwa wenyene hanze y’ikambi+. Abantu ntibasubiye gufata urugendo gushika Miriyamu agarutse. 16 Baraheza bava i Hazeroti+, baja gukambika mu bugaragwa bw’i Parani+.