ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • bi12 3 Yohani 1-14
  • 3 Yohani

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 3 Yohani
  • Bibiliya y’isi nshasha
Bibiliya y’isi nshasha
3 Yohani

Ikete rya Gatatu rya Yohani

1 Jewe umugabo w’inararibonye+, ndakwandikiye wewe Gayo umukundwa, uwo nkunda vy’ukuri+.

2 Mukundwa+, ndasaba Imana yuko utunganirwa+ muri vyose kandi ukagira amagara meza+, nk’uko ubuzima bwawe buriko buratunganirwa+. 3 Kuko nanezerewe cane igihe bene wacu baza bagashingira intahe ukuri ugumije, nk’uko ubandanya kugendera mu kuri+. 4 Nta kindi mfise contera gukenguruka kiruta ibi bintu: ni uko nokwumva ko abana banje babandanya kugendera mu kuri+.

5 Mukundwa, uriko ukora igikorwa c’ubwizigirwa mu vyo ukorera bene wacu vyose+, kandi ari ba kavantara+, 6 abashingiye intahe urukundo rwawe imbere y’ishengero. Ndakwinginze abo uze ubarungike mu rugendo rwabo mu buryo bubereye Imana+. 7 Kuko icatumye bagira urugendo ari ku bw’izina ryayo, ata kintu batwaye+ kivuye ku banyamahanga. 8 Tubwirizwa rero kwakira neza mwene abo bantu+, kugira ngo tube abakozi bakorana mu kuri+.

9 Hari ikintu nandikiye ishengero, mugabo Diyotirefe, umwe akunda ivyo kugira ikibanza ca mbere+ muri bo, nta kintu na kimwe+ kivuye kuri twebwe yakirana icubahiro+. 10 Ni co gituma ninaza nzokwibukiriza ibikorwa vyiwe abandanya gukora+, avugavuga ivyacu mu majambo y’ububisha+. Vyongeye, ivyo ntibimubumba: mbere na bene wacu+ we ubwiwe ntabakirana icubahiro, kandi n’abashaka kubakira+ aragerageza kubabuza+ no kubata inyuma+ y’ishengero.

11 Mukundwa, ntiwigane ikibi, ahubwo wigane iciza+. Uwukora iciza akomoka ku Mana+. Uwukora ikibi ntiyabonye Imana+. 12 Demetiriyo yarashingiwe intahe na bose+ be n’ukuri ubwakwo. Nkako, na twebwe turashinga intahe+, kandi urazi yuko intahe dushinga ari iy’ukuri+.

13 Nari mfise ibintu vyinshi vyo kukwandikira, yamara sinshaka kubandanya kukwandikira nkoresheje irangi n’ikaramu+. 14 Mugabo nizigiye kukwibonera, tukazovugana amaso mu yandi+.

Ugire amahoro+.

Abagenzi barakuramutsa+. Undamukirize+ abagenzi mu mazina.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika