ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • bi12 2 Yohani 1-13
  • 2 Yohani

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 2 Yohani
  • Bibiliya y’isi nshasha
Bibiliya y’isi nshasha
2 Yohani

Ikete rya Kabiri rya Yohani

1 Jewe umugabo w’inararibonye+, ndandikiye umukenyezi yatowe+ be n’abana biwe, abo nkunda vy’ukuri+, kandi si jewe jenyene, mugabo n’abamenye ukuri+ bose, 2 kubera ukuri kuguma muri twebwe+, kandi kuzogumana natwe ibihe vyose+. 3 Ubuntu ata wari abukwiriye+, imbabazi n’amahoro biva ku Mana ari yo Data+ no kuri Yezu Kristu Umwana wa Data, hamwe n’ukuri be n’urukundo+, bizobana natwe.

4 Ndanezerwa cane kuko nasanze bamwe mu bana bawe+ bagendera mu kuri+, nk’uko twategetswe na Data+. 5 Ubu rero ndagusaba, mukenyezi, nk’umuntu atariko akwandikira ibwirizwa rishasha+, mugabo iryo twaronse guhera mu ntango+: ni uko dukundana+. 6 Kandi iki ni co urukundo rusobanura+: ni uko tubandanya kugenda twisunga amabwirizwa yayo+. Iryo ni ryo bwirizwa, nk’uko mwaryumvise guhera mu ntango: yuko mukwiye kubandanya murugenderamwo+. 7 Kuko abahendanyi benshi badutse mw’isi+, abantu batemera icese Yezu Kristu ko yaje mu mubiri+. Uwugira ivyo ni we muhendanyi+ na antikristu*+.

8 Mwiyubare, kugira ngo ntimutakaze ibintu twashitseko biciye ku gikorwa twakoze, mugabo kugira muronke impembo yuzuye+. 9 Umuntu wese yita imbere+ ntagume+ mu nyigisho ya Kristu, ntafise Imana+. Uwuguma koko muri iyo nyigisho ni we afise Data n’Umwana+. 10 Nihagira uwuza iwanyu atazanye iyo nyigisho, ntimwigere mumwakira mu mazu yanyu+ canke ngo mumuramutse+. 11 Kuko uwumuramukije aba afatanije na we mu bikorwa vyiwe vy’ububisha+.

12 Naho nari mfise ibintu vyinshi vyo kubandikira, sinshaka kubandikira nkoresheje urupapuro n’irangi+, mugabo nizigiye kuza iwanyu no kuvugana namwe amaso mu yandi+, kugira ngo akanyamuneza+ kanyu kuzure+.

13 Abana ba mwene wanyu, umwe yatowe, barakuramutsa+.

Raba Inyongera ya 21.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika