ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwbr16 Myandagaro rup. 1-14
  • Amarabiro yo mu Gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amarabiro yo mu Gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
  • Amarabiro yo mu Gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2016
  • Udutwe
  • 1-7 MYANDAGARO
  • 8-14 Myandagaro
  • 15-21 Myandagaro
  • 22-28 Myandagaro
  • 29 Myandagaro–4 Nyakanga
Amarabiro yo mu Gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2016
mwbr16 Myandagaro rup. 1-14

Amarabiro yo mu Gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu

1-7 MYANDAGARO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ZABURI 87-91

“Guma ahihishije ha Musumbavyose”

w10 15/2 26-27 ing. 10-11

Kaze muri ya nzira y’ubuzima nziza kuruta izindi zose!

Bararonkera uburinzi mu ‘bwigobeko’

10 Ukwiyegura n’ukubatizwa biratuma umuntu aronka uwundi muhezagiro ukomeye, uwo na wo akaba ari agateka ko kuba mu “bgigobeko bg’Īsumba vyose.” (Soma Zaburi 91:1.) Aho ni ahantu h’ikigereranyo umuntu aronkera uburinzi n’umutekano, ni ukuvuga imimerere ituma yumva ko akingiwe ivyomugirira nabi mu vy’impwemu. Ni “ubgigobeko” kubera yuko ari ahantu hatazwi n’abantu batabona ibintu mu buryo bw’impwemu kandi batizigira Imana. Igihe tubayeho twisunga ukwiyegura kwacu kandi tukagaragaza ko twizigira Yehova bimwe vyuzuye, ni nk’aho tuba turiko turamubwira duti: “Ur’ubuhungiro bganje n’igihome kinkīngira, Imana yanje nizigira.” (Zab. 91:2) Yehova Imana aca atubera ahantu ho kuba harangwa umutekano. (Zab. 91:9) None ni nde yokwipfuza kuba ahandi hantu uretse aho?

11 Gushika aho mu “bgigobeko” bwa Yehova bisigura kandi ko twatewe agateka ko ku kuba twararushirije gucudika na we. Ivyo bihera ku kwiyegura no ku kubatizwa. Inyuma y’ivyo, turakomeza ubucuti dufitaniye n’Imana mu kuyiyegereza biciye ku kwiga Bibiliya, mu gutura amasengesho avuye ku mutima, be no ku kugamburuka bimwe vyuzuye. (Yak. 4:8) Nta muntu n’umwe yigeze kwiyegereza Yehova kuruta uko Yezu yabigize, uwo ukwizigira Umuremyi kwiwe kutigeze kunyiganyiga. (Yoh. 8:​29) Ku bw’ivyo rero, nimuze ntitukigere dukekeranya ku vyerekeye Yehova canke ku cipfuzo afise be n’ubushobozi bwiwe bwo kudufasha gushitsa indagano twagize yo kwiyegura. (Umus. 5:4) Intunganyo zo mu vy’impwemu Imana yashiriyeho abasavyi bayo ni ikimenyamenya ntaharirizwa c’uko adukunda vy’ukuri be n’uko yipfuza ko turoranirwa igihe tumusukurira.

w07 1/10 26-30 ing. 1-18

Turarokorwa mu mitego ya wa mutezi w’inyoni

ABAKIRISU b’ukuri bose barageramiwe n’umwansi arondera kubarotsa, uwo mwansi akaba afise ubwenge be n’uruyeri birengeye ivy’abantu. Muri Zaburi 91:​3 (NW), uwo mwansi avugwa ko ari “umutezi w’inyoni”. None uwo mwansi ni nde? Iki kinyamakuru carerekanye kuva ku nomero yaco yo ku wa 1 Ruheshi 1883 yuko uwo mutezi w’inyoni ata wundi atari Shetani wa Mubesheranyi. Uwo mwansi w’umunyabubasha, abigiranye uruyeri aragira utwigoro kugira ngo ayovye yongere acakire abasavyi ba Yehova nka kurya nyene umutezi w’inyoni agerageza kuzicakira.

2 Mu bihe vya kera, abantu bafata inyoni kubera uturirimbo twazo dukwegera be n’amubi yazo y’amabara meza. Barazifata kandi kugira ngo bazifungure canke bazitangeko ibimazi. Ariko rero, inyoni zisanzwe ari uturemwa twiyubara kandi dutinya cane, usanga tugoye gufata. Ni co gituma umutezi w’inyoni wo mu bihe vya Bibiliya yategerezwa kubanza kwiga yitonze ukuntu inyoni yipfuza gutega zaba zimeze be n’ivyo zakunda kugira. Amaze kubimenya yaca rero yiyumvira uburyo bwihishije yokoresha kugira ngo azicakire. Mu kugereranya Shetani n’umutezi w’inyoni, Bibiliya iradufasha gutahura uburyo akoresha kugira ngo aducakire. Wa Mubesheranyi ariga umwumwe wese muri twebwe uko ameze, akihweza ivyo dukunda gukora be n’ingene tumeze, maze agaca adutega imitego yihishije kugira ngo agerageze kudufata turi bazima (2 Timoteyo 2:​26). Gufatwa na we bishikana ku gupfa mu vy’impwemu kandi amaherezo birashobora kudushikana ku gusangangurwa. Ku bw’ivyo rero, kugira ngo dushobore kwikingira turakeneye kumenya imitego itandukanye uwo “mutezi w’inyoni” akoresha.

3 Umwanditsi wa Zaburi akoresheje uburyo bwo gusanisha bwibonekeza neza, aragereranya kandi uburyo Shetani akoresha hamwe n’uburyo umugunza w’intambwe canke imamba bikoresha (Zaburi 91:​13). Nka kurya kw’intambwe, rimwe na rimwe Shetani aragaba ibitero vy’imbonankubone akoresheje uruhamo canke agakoresha intwaro kugira ngo zirwanye abasavyi ba Yehova (Zaburi 94:​20). Ivyo bitero bimeze nk’ivy’intambwe vyoshobora gukubita hasi bake mu basavyi b’Imana. Ariko rero, akenshi cane ivyo bitero vy’imbonankubone ntibishika ku ntumbero yavyo, ahubwo usanga bituma abasavyi b’Imana barushiriza kwunga ubumwe. Tuvuge iki none ku bitero vya Shetani birushirije kuba ivyihishije bimeze nk’ivy’imamba?

4 Wa Mubesheranyi arakoresha ubwenge bwiwe burengeye ubw’abantu kugira ngo agabe ibitero vy’uruyeri kandi vyonona bimeze nk’ivy’inzoka y’ubumara ikomora iri ahantu hihishije. Mu kubigenza gutyo, yarashoboye kwonona ubwenge bwa bamwebamwe mu basavyi b’Imana, arabayovya baja mu gukora ivyo agomba aho gukora ivyo Yehova agomba, kandi ivyo vyabaviriyemwo ingaruka zibabaje. Duhiriwe duhishije, ntituyobewe imigabo ya Shetani (2 Abakorinto 2:​11). Nimuze turimbure ine mu mitego akoresha imeze nk’iy’ “umutezi w’inyoni”.

Ugutinya abantu

5 Wa “mutezi w’inyoni” arazi ko abantu basanzwe bafise icipfuzo co kwemerwa no gushimwa n’abandi. Abakirisu ntibigira ba sindabinezwe ku bijanye n’ivyiyumviro be n’inyiyumvo vy’abantu babakikuje. Kubera yuko wa Mubesheranyi azi ivyo, arashobora gufatira kuri ukwo kuntu bitwararika ingene abandi bababona. Nk’akarorero, akoresheje umutego wo “gutinya abantu”, aratuma abasavyi b’Imana bamwebamwe batakaza uburimbane muri ivyo (Imigani 29:​25). Mu gihe abasavyi b’Imana bokwifatanya n’abandi mu gukora ivyo Yehova yiyamiriza canke bakareka gukora ivyo Ijambo ry’Imana ribategeka bivuye ku gutinya abantu, baba baguye mu mutego wa wa “mutezi w’inyoni”.​—Ezekiyeli 33:8; Yakobo 4:​17.

6 Nk’akarorero, uwukiri muto yoshobora kworohera umukazo w’abanyeshure bigana bigatuma atumura agatabi. Uwo munyeshure ashobora kuba atigeze agira iciyumviro co gutumura itabi igihe yaja kw’ishure kuri uwo musi. Ariko rero hadaciye n’umwanya, ng’uyo ariko akora ikintu kimwononera amagara kandi kidahimbara Imana (2 Abakorinto 7:1)! None yakwegakwezwe gute? Kumbure yifatanije n’abagenzi babi atinya ko bomutyekeza atagize ivyo bashaka. Yemwe bakiri bato, ntimureke ngo wa “mutezi w’inyoni” abakwegakwege maze ngo abacakire! Kugira ngo ntahave abafata muri bazima, nimwirinde kudohoka mbere no mu tuntu dutoduto. Nimufate nka nkama ingabisho Bibiliya itanga yo kwirinda abagenzi babi.​—1 Abakorinto 15:​33.

7 Abavyeyi bakirisu bitwararika ibintu barafatana uburemere ibanga bafise rishingiye ku Vyanditswe ryo kuronsa imiryango yabo ivyo ikeneye mu vy’umubiri (1 Timoteyo 5:8). Ariko rero, Shetani ararondera gutuma abakirisu batakaza uburimbane mu bijanye n’ivyo. Kumbure bamwebamwe barakunda gusiba amakoraniro kubera yuko borohera umukazo bashirwako n’abakoresha babo babasaba gukora amasaha yiyongereye. Boshobora gutinya gusaba agakonje kugira ngo bitabe ibiringo vyose vy’ihwaniro ry’intara ngo basenge Yehova bari kumwe n’abavukanyi babo. ‘Ukwizigira Uhoraho’ ni kwo gushobora kudukingira uwo mutego (Imigani 3:5, 6). N’ikindi kandi, kwama twibuka yuko twese turi abo mu nzu ya Yehova kandi ko yiyemeje kutwitwararika, biradufasha kugumana uburimbane bwacu. Bavyeyi, mwoba mwizigira yuko Yehova, mu buryo bumwe canke mu bundi, azobitwararika hamwe n’imiryango yanyu ni mwakora ivyo agomba? Canke wa Mubesheranyi yoba azobacakira muri bazima agatuma mukora ivyo agomba kubera yuko mutinya abantu? Turabasavye muzirikane kuri ivyo bibazo mujanisha n’isengesho.

Umutego wo guhahamira amaronko

8 Shetani arakoresha kandi umutego wo guhahamira amaronko. Akenshi usanga ivy’ubudandaji vy’iyi si biremesha imigambi yo kurondera gutunga ningoga na ningoga, iyo na yo ikaba yoshobora mbere no gukwegakwega bamwebamwe mu basavyi b’Imana. Rimwe na rimwe, abantu boshobora kuremeshwa bati: “Nukore wivuye inyuma. Niwamara kuronka ibikwiye, uzoshobora kwijandajandira wongere uryohererwe ubuzima. Mbere uzoshobora no gukora ubutsimvyi”. Abakirisu bamwebamwe bironderera inyungu z’ivy’umubiri ku bavukanyi babo mw’ishengero, boshobora kuvuga mwene ayo majambo aranga ukwiyumvira kutabereye. Nurimbure witonze ivyo bakuremesha kugira. Ubwo ivyo si nka vya vyiyumviro vya wa mutunzi w’ “imburabwenge” avugwa mu mugani wa Yezu?​—Luka 12:​16-21.

9 Shetani arayobora iyi si yiwe mbi ku buryo ikwegera abantu mu vyo kwipfuza ibintu. Amaherezo ico cipfuzo kirashobora kwinjira mu buzima bw’umukirisu, kikanyoha rya jambo maze kigatuma riba “ikirumbirane” (Mariko 4:​19). Bibiliya ituremesha yuko igihe dufise ivyo kurya be n’ivyo kwambara, ivyo bikwiye kutubumba (1 Timoteyo 6:8). Ariko rero, abatari bake baragwa mu mutego wa wa “mutezi w’inyoni” kubera yuko batiyerekezako ubwabo iyo mpanuro ngo bayishire mu ngiro. Ubwishime bwoba ari bwo butuma bumva ko bategerezwa kwumira ku buryo bunaka bwo kubaho? Bite tweho ubwacu? Icipfuzo dufise co gutunga ibintu coba gituma ivyungura ugusenga kw’ukuri tubishira mu kibanza ca kabiri (Hagayi 1:​2-8)? Ikibabaje ni uko mu gihe ivy’ubutunzi vyari vyifashe nabi hariho abemeye kureka ivy’impwemu bikahasinzikarira kugira ngo bigumanire uburyo bwo kubaho basanzwe bamenyereye. Mwene ako gatima ko guhahamira amaronko gatuma wa “mutezi w’inyoni” atamba agatarika.

Umutego wo kwisamaza mu buryo bwonona

10 Ubundi buhinga wa “mutezi w’inyoni” akoresha ni ugutitura ubushobozi abantu basanzwe bafise bwo gutandukanya iciza n’ikibi. Uburyo bwo kwiyumvira bumeze nk’ubwo abantu b’i Sodomu n’i Gomora bari bafise ni bwo busigaye bwiganziye nyinshi mu nzego z’ivy’ukwinezereza. Mbere n’amakuru yerekanwa kuri televiziyo canke ayasohorwa mu binyamakuru arashimika cane ku bukazi, kandi abayasohora barondera kwunguka mu kunezereza abantu babereka amashusho abakwegera y’ivy’ubuhumbu. Vyinshi mu bintu vyo kwisamaza vyerekanwa mu bimenyeshamakuru biratitura ubushobozi abantu bafise bwo “gutandukanya iciza n’ikibi” (Abaheburayo 5:​14). Ariko rero, niwibuke aya majambo Yehova yavuze biciye ku muhanuzi Yesaya, na yo akaba agira ati: “Bazobona ibara, abīta ikibi iciza, iciza bakacīta ikibi” (Yesaya 5:​20). Wa “mutezi w’inyoni” yoba yarononye abigiranye uruyeri ivyiyumviro vyawe akoresheje ubwo buryo bwo kwisamaza bwonona? Birahambaye cane ko umwumwe wese muri twebwe yisuzuma.​—2 Abakorinto 13:5.

11 Haraheze imyaka hafi 25, ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi kigabishije mu buryo buranga urukundo abo mu nzu y’abizera ku bijanye n’ibiganiro vyo kuri televiziyo. Ehe raba aya majambo yavuzwe ku bijanye n’ingaruka idashoka yibonekeza udukino dukundwa n’abantu benshi twerekanwa kuri televiziyo tugira ku bantu: “Ukurondera urukundo bituma inyifato iyo ari yo yose ifatwa nk’iyisanzwe. Nk’akarorero, umwigeme umwe afise inda y’ishushu abwira umugenzi wiwe ati: ‘None ko nkunda Victor. Jewe ntaco bintwaye. . . . Kuba mfise inda yiwe bindutira ibindi bintu vyose!’. Uriko wumva avuga gutyo, muri ico gihe nyene hakaba hariko haravuga akaziki kayengera birakugora gushoka ubona ko iyo ngendo yiwe ari mbi cane. Mbere na wewe nyene urakunda Victor, gutyo ugaca ubona ko uwo mwigeme ivyo ariko aravuga vyumvikana. Mu yindi mvugo ni nk’aho umutahura. Hari umuntu yahora arorera mwene utwo dukino mugabo yahavuye abona ububi bwatwo, yavuze ati: ‘Biratangaje kubona ukuntu umuntu aca atangura gufata ibintu nk’ibisanzwe. Ego ni ko turazi yuko ubuhumbu ari bubi. . . . Mugabo nasanze mu bwenge nariko ndabugiramwo uruhara’ ”.

12 Kuva igihe ivyo biganiro vyo mu Munara w’Inderetsi vyasohorwa, mwene ivyo biganiro vyo kuri televiziyo vyonona umutima vyagiye biragwirirana cane. Mu mihingo itari mike, mwene ivyo biganiro vyerekanwa amasaha 24 kuri 24. Abagabo, abagore, be n’imiyabaga myinshi, barakunda kugaburira imitima yabo n’imizirikanyi yabo mwene ivyo bintu vyo kwinezereza. Ariko rero, twebwe ntidukwiye kwihenda mu kugira ivyiyumviro bitari vyo. Kwoba ari ukwibesha hamwe twokwiyumvira yuko ivyo kwisamaza vyataye ubuntu vyovyo atari bibi ubigereranije n’ibintu dusanzwe twibonera mu buzima. Ubwo umukirisu yoshobora vy’ukuri gusigura igituma ahitamwo kwinezereza mu kurorera abantu atokwigeze yiyumvira gutumira mu nzu yiwe?

13 Abantu benshi bafashe nka nkama iyo ngabisho y’ “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” baraharonkeye ivyiza vyinshi (Matayo 24:​45-47). Bamaze gusoma ibiganiro birimwo izo mpanuro zidakikiriza zishingiye kuri Bibiliya, bamwebamwe barandikiye ishirahamwe kugira ngo bavuge ukuntu vyabafashije. Hari uwiyemereye ati: “Nari maze imyaka 13 niziziwe no kuraba utwo dukino. Niyumvira yuko ata co bizongira kubera ko nitaba amakoraniro ya gikirisu kandi nkaba rimwe na rimwe naragira uruhara mu busuku bwo mu ndimiro. Mugabo naratanguye kubona ibintu nk’uko vyaremeshwa n’utwo dukino two mw’isi yuko igihe umugabo agufata nabi canke ukumva umenga ntagukunda, kurenga ibigo biba vyumvikana, ko nakare aba ari we yavyikwegeye. Maze kubona ko ari ivyumvikana, narafashe iyo ngendo mbi hanyuma ndacumura kuri Yehova no ku wo twari twubakanye”. Uwo mukenyezi yaraciwe mw’ishengero. Mu nyuma yarikubise agashi, arigaya, maze aragarukanwa mw’ishengero. Ivyo biganiro vyatanga ingabisho ku bijanye n’utwo dukino twerekanwa kuri televiziyo vyaramuhaye inkomezi zo kwirinda kwinezereza akoresheje ibintu Yehova yanka.​—Amosi 5:14, 15.

14 Uwundi musomyi utwo dukino twari twaragizeko ingaruka, yavuze ati: “Narakoroye amosozi igihe nasoma ivyo biganiro kubera yuko naciye mbona ko umutima wanje utari ugitunganiye Yehova bimwe vyuzuye. Naciye nsezeranira Imana yanje ko ntagisubira kuba umuja w’utwo dukino”. Uwundi mukenyezi mukirisu, amaze gukenguruka ivyo biganiro, yariyemereye yuko yari yariziziwe n’utwo dukino maze aca yandika ati: “Nahora nibaza . . . nimba ubucuti mfitaniye na Yehova bwari kwononekara. Ubwo none aberekanwa muri utwo dukino nari kubagira abagenzi nkabandanya kandi kuba umugenzi wa Yehova?”. None nimba mwene utwo dukino twerekanwa kuri televiziyo twarononye imitima y’abantu mu myaka 25 iheze, muri kino gihe ho wumva tugira ingaruka zingana gute (2 Timoteyo 3:​13)? Dutegerezwa kuba maso ku bijanye n’ubwoko bwose bw’umutego Shetani akoresha wo kwinezereza kwonona, twaba udukino two kuri televiziyo, udukino two kuri videwo turimwo ubukazi, canke imiziki y’ubuhumbu yerekanwa mu mavidewo.

Umutego werekeye ukudahuza ivyiyumviro

15 Shetani arakoresha ibijanye n’ukudahuza ivyiyumviro bwa mutego kugira ngo atume abasavyi ba Yehova birema ibice. Turashobora kugwa muri uwo mutego naho twoba dufise uduteka tw’umurimo tumeze gute. Hariho abafatwa ari bazima na wa Mubesheranyi kubera yuko bareka ukudahuza ivyiyumviro kugatosekaza amahoro n’ubumwe be n’ugusagamba kwo mu vy’impwemu kwiza igitangaza Yehova yashizeho.​—Zaburi 133:​1-3.

16 Mu kiringo ca ya Ntambara ya mbere y’isi yose, Shetani yaragerageje gusenyura ishirahamwe rya Yehova ryo kw’isi akoresheje ibitero vy’imbonankubone, ariko vyaramutaye ku w’amazi (Ivyahishuwe 11:​7-13). Kuva ico gihe, yagumye akora abigiranye uruyeri kugira ngo atosekaze ubumwe bwacu. Igihe turetse ukudahuza ivyiyumviro kugatuma ducanamwo, tuba dusasiye indava wa “mutezi w’inyoni”. Bigenze gutyo, vyoshobora gutuma impwemu nyeranda idakorera muri twebwe, eka mbere no mw’ishengero. Ivyo bishitse, Shetani yotamba agatarika kubera yuko, amahoro be n’ubumwe vy’ishengero bitosekaye mu buryo ubwo ari bwo bwose, ivyo bigira ingaruka mbi ku gikorwa co kwamamaza inkuru nziza.​—Abanyefeso 4:27, 30-32.

17 None wokora iki mu gihe woba ufise ico utumvikanako n’umukirisu mugenzawe? Ego ni ko ibintu ntivyama bimeze cokimwe. Ariko rero, naho hoshobora kuba hari imvo nyinshi zituma haba ingorane, nta mvo n’imwe iriho yotuma ukutumvikana kudatorerwa umuti (Matayo 5:23, 24; 18:​15-17). Impanuro dusanga mw’Ijambo ry’Imana ni izahumetswe kandi ntizigira agahaze. Igihe ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zishizwe mu ngiro ntivyigera biba impfagusa. Zama zizana ivyiza!

18 Yehova “[a]gabirije guharira” kandi aratanga “uguharirwa nyakwo” (Zaburi 86:5; 130:​4, NW). Igihe tumwiganye tuba twerekanye ko turi abana biwe bakundwa (Abanyefeso 5:1). Twese turi abacumuzi kandi turakeneye rwose uguharirwa kuvuye kuri Yehova. Ku bw’ivyo rero, dutegerezwa kugaba mu gihe twokwumva dufise impengamiro yo kudaharira uwundi muntu. Twoshobora kumera nka wa mushumba avugwa mu mugani wa Yezu, yanse guharira umushumba mugenziwe yari amufitiye umwenda muto cane uwugereranije n’uwo shebuja yari yamuhebeye. Igihe shebuja yabimenya, yaciye aterera mw’ibohero uwo mushumba atahariye mugenziwe. Yezu yasozereye uwo mugani mu kuvuga ati: “Ukwo nyene ni ko na Data wo mw’ijuru azobagirira, umwe wese muri mwebwe natababarira umuvukanyi wiwe bivuye ku mutima” (Matayo 18:​21-35). Kuzirikana kuri ico kigereranyo be no kwibuka ingene Yehova aduharira abikunze incuro nyinshi, nta nkeka ko bizodufasha igihe tuzoba turiko turagerageza gutunganya ivyo tudahurizako n’umuvukanyi wacu.​—Zaburi 19:​14.

w10 15/1 10-11 ing. 13-14

Kuba aba Yehova ni ubuntu tutari dukwiriye

13 None Yehova akingira gute abasavyi biwe ivyo bintu bibageramiye mu vy’impwemu? Ya Zaburi ivuga iti: “Azokuragiza abamarayika biwe, ngo bakuzigame mu nzira zawe zose.” (Zab. 91:​11) Abamarayika bo mw’ijuru baratuyobora bakongera bakadukingira kugira ngo dushobore kwamamaza inkuru nziza. (Ivyah. 14:6) Uretse abamarayika, abakurambere bakirisu na bo nyene baradukingira biciye ku kuguma bisunga Ivyanditswe mu nyigisho batanga, kugira ngo ntiduhendwe n’ivyiyumviro vy’ikinyoma. Barashobora kuronsa imfashanyo uwo ari we wese aba ariko arinanata kugira ngo atsinde ukuntu isi ibona ibintu. (Tito 1:9; 1 Pet. 5:2) Vyongeye, wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” araturonsa imfungurwa zo mu vy’impwemu kugira ngo adukingire ya nyigisho y’ivy’ihindagurika, ugukwegakwegwa n’ivyipfuzo vy’ubuhumbu, ukwiruka inyuma y’ubutunzi be no kuba rurangiranwa, hamwe n’ibindi vyipfuzo be n’utwosho vyonona bitari bike. (Mat. 24:​45) None wewe ni ibiki vyagufashije kunanira zimwe muri izo ngeramizi?

14 Ni ibiki dutegerezwa gukora kugira ngo tugume mu “bgigobeko” bw’Imana dukingirirwamwo? Nka kurya nyene tubwirizwa kwama twikingira ingeramizi zo mu buryo bw’umubiri, nk’amasanganya, ubugizi bwa nabi canke indwara zandukira, ni ko dutegerezwa kuguma twikingira ivyotugirira nabi mu buryo bw’impwemu. Ku bw’ivyo, turakwiye kuguma twungukira ku buyobozi Yehova aturonsa biciye ku bisohokayandikiro vyacu no ku makoraniro y’ishengero be no ku materaniro. Turaronderera impanuro ku bakurambere. Vyongeye, ntitwungukira none kuri kamere zitandukanye zigaragazwa n’abavukanyi be n’abavukanyikazi bacu? Nkako, kwifatanya n’ishengero biradufasha kuba inkerebutsi.​—Imig. 13:​20; soma 1 Petero 4:​10.

w01 1/12 17-19 ing. 13-19

Yehova Ni We Buhungiro Bwacu

‘Nta Kibi Kizogira Ico Kitugira’

13 Naho umutekano w’iyi si uriko uratituka, Imana ni yo dushira imbere maze tugakura uburindutsi mu majambo y’umwanditsi wa Zaburi agira ati: “Wagize Uhoraho ubuhungiro bgawe, Īsumba vyose wayigize uburuhukiro; nta kibi kizogira ico kikugira, kandi nta cago kizokwēgēra ihema ryawe.” (Zaburi 91:9, 10) Egome, Yehova ni we buhungiro bwacu. Ariko rero, Imana Isumba vyose turayigira kandi ‘uburuhukiro bwacu,’ ni ukuvuga ahantu turonkera itekane. Turashemeza Yehova we Segaba w’ibiriho vyose, ‘tukaruhukira’ muri we kubera ari we Soko ry’umutekano wacu, maze tukamamaza inkuru nziza y’Ubwami bwiwe. (Matayo 24:​14) Ku bw’ivyo, ‘nta kibi kizogira ico kitugira,’ eka nta na kimwe mu bibi vyamaze kudondorwa muri iyi Zaburi. N’igihe nyene dushikiwe n’ibibi bishikira abandi nka vya nyamugigima, ibihuhusi, amasegenya, ibigoyi be n’intambara ziyogeza ibintu, ivyo ntibisangangura ukwizera kwacu canke umutekano wacu wo mu vy’impwemu.

14 Abakirisu basizwe bameze nk’inyambukira ziba mu mahema zitandukanije n’uru runkwekwe rw’ibintu. (1 Petero 2:​11) ‘Nta n’icago cegera ihema ryabo.’ Icizigiro cacu caba ari ic’ijuru canke ic’isi, ntituri ab’isi, kandi ntitwandukizwa n’ibiza bitikiza inganda mu vy’impwemu nk’ubushegabo, uguhahamira amaronko, idini ry’ikinyoma be n’ugusenga ca “gikōko” hamwe n’ “igishushanyo” caco, ari ryo Shirahamwe Mpuzamakungu.​—Ivyahishuriwe 9:20, 21; 13:​1-18; Yohana 17:​16.

15 Ku biraba ukuntu dukingirwa, umwanditsi wa Zaburi yongerako ati: “[Yehova] azokuragiza abamarayika biwe, ngo bakuzigame mu nzira zawe zose. Bazokuramira mu maboko yabo, woye gutsitara kw ibuye.” (Zaburi 91:11, 12) Abamarayika barahawe ububasha bwo kudukingira. (2 Abami 6:​17; Zaburi 34:​7-9; 104:4; Matayo 26:​53; Luka 1:​19) Baraturinda ‘mu nzira zacu zose.’ (Matayo 18:​10) Turayoborwa n’abamarayika bakongera bakaturinda kubera turi abamamaji b’Ubwami, gutyo ntidutsitara mu buryo bw’impwemu. (Ivyahishuriwe 14:6, 7) Mbere n’ ‘amabuye,’ nk’akarorero ukubuza igikorwa cacu, ntivyatumye dutsitara ngo dutakaze ugutoneshwa n’Imana.

16 Umwanditsi wa Zaburi arabandanya ati: “Uzokandagira intambge n’imamba, uzosiribanga umugunza w’intambge n’ikiyoka.” (Zaburi 91:​13) Nka kurya nyene intambwe igaba igitero imbonankubone, bamwebamwe mu bansi bacu baragaragaza icese ko baturwanya mu gushingisha amategeko agenewe guhagarika igikorwa cacu co kwamamaza. Mugabo, turaterwa n’ibitero tutaba twiteze bimeze nk’ivy’imamba ikomora iturutse ahantu yihishije. Rimwe na rimwe abakuru b’amadini bihishije, baradutera biciye ku bashinga amategeko, ku bacamanza, no ku bandi. Mugabo, tubifashijwemwo na Yehova, turarondera gukurwako iceyi mu mahoro tubicishije mu masentare, gutyo tukaba turiko ‘turarwanira twongera dutsimbataza inkuru nziza hishimikijwe amategeko.’​—Ab’i Filipi 1:​7, NW; Zaburi 94:14, 20-22.

17 Umwanditsi wa Zaburi aravuga ivyerekeye gusiribanga “umugunza w’intambge n’ikiyoka.” Umugunza w’intambwe ushobora kuba ukaze cane, ikiyoka na co kikaba ari ikinyogomba amahero. (Yesaya 31:4) Ariko rero, naho ubukari bw’uwo mugunza w’intambwe bushobora kuba bungana iki igihe ugaba igitero imbonankubone, mu buryo bw’ikigereranyo turawusiribanga mu kugamburukira Imana aho kugamburukira abantu canke amashirahamwe bimeze nk’intambwe. (Ivyakozwe 5:​29) Rero, iyo “ntambwe” igira iterabwoba, nta n’urwara iturya mu vy’impwemu.

18 Mu mpinduro y’Ikigiriki yitwa La Septante, “ikiyoka” citwa “igisato.” Ivyo biratwibutsa neza na neza “ca gisato c’amahēro . . . ya nzoka ya mbere, yitwa Murwanizi, irindi [akaba ar]i Satani.” (Ivyahishuriwe 12:​7-9; Itanguriro 3:​15) Ameze nk’ikinyogomba c’ikidagaramudanda gishobora kujanjanga no kumiraza ico gifashe. (Yeremiya 51:​34) Mu gihe Shetani agerageza kuduta mu mutego wiwe, kutujanjanga akoresheje imikazo y’iyi si kugira ngo ace atumiraza, nimuze tumwigobotore duce dusiribanga ico “kiyoka.” (1 Petero 5:8) Amasigarira y’abasizwe ivyo ategerezwa kubigira niba ashaka kugira uruhara mw’iranguka ry’⁠Abaroma 16:​20.

Yehova Ni We Soko ry’Ubukiriro Bwacu

19 Ku biraba umwambaji nyakuri, umwanditsi wa Zaburi yerekana Imana iriko iravuga iti: “Kuko yankunze akaramata, ni co gituma nzomukiza: nzomushira hejuru, kuko yamenye izina ryanje.” (Zaburi 91:​14) Imvugo ngo “nzomushira hejuru” ijambo ku rindi isobanura ngo nzomushira aho ata kimushikīra. Kubera turi abambaji ba Yehova, ni we duhungirako kubera canecane ‘twamukunze.’ (Mariko 12:29, 30; 1 Yohana 4:​19) Imana na yo ica ‘idukiza’ abansi bacu. Ntituzokwigera na rimwe duherengetezwa kw’isi. Ahubwo, tuzorokoka kubera yuko tuzi izina ry’Imana kandi tukaryambaza dufise ukwizera. (Abaroma 10:​11-13) Kandi twiyemeje ‘kugendera mw’izina rya Yehova ibihe bidahera.’​—Mika 4:5; Yesaya 43:​10-12.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w14 15/10 10 ing. 14

Niwizere Ubwami utanyiganyiga

14 Rimbura ivyo Yehova yasezeraniye Umwami Dawidi wa Isirayeli ya kera biciye kw’isezerano Imana yagiraniye na Dawidi. (Soma 2 Samweli 7:12, 16.) Yehova yagiraniye na we iryo sezerano igihe Dawidi yaganza i Yeruzalemu, akaba yamusezeraniye ko Mesiya yokomotse kuri we. (Luka 1:​30-33) Yehova rero yararushirije gutanga amakuru adomako yerekana umuryango rwa ruvyaro rwokomotsemwo. Yavuze ko samuragwa wa Dawidi yobaye ‘afise uburenganzira’ bwo kuja ku ntebe y’Ubwami bwa Mesiya. (Ezk. 21:​25-27) Biciye kuri Yezu, ingoma ya Dawidi “izoshimangirwa igihe kitagira urugero.” Nkako, uruvyaro rwa Dawidi “ruzokwamaho mbere gushika igihe kitagira urugero, intebe yiwe y’ubwami na yo nk’izuba.” (Zab. 89:​34-37) Ubutegetsi bwa Mesiya ntibuzokwigera bwononekara, kandi ivyo buzorangura bizokwamaho ibihe bidahera.

w07 15/7 32 ing. 3-4

‘Icabona co kwizigirwa kiri mw’ijuru’

Haraciye imyaka irenga 3.000 Yehova Imana agiriraniye isezerano ry’Ubwami n’Umwami Dawidi wa Isirayeli ya kera (2 Samweli 7:​12-16). Intumbero y’iryo sezerano yari iyo gushiraho ishimikiro ryemewe ry’uko Yezu Kristu, we samuragwa wa Dawidi, yohawe ingoma ibihe bidahera (Yesaya 9:7; Luka 1:32, 33). Mu kwerekeza kuri iyo ngoma y’ “uruvyaro” rwa Dawidi, uwo mwanditsi wa Zaburi yaririmvye ati: “Izoshimangirwa gushitsa ibihe bidashira nk’ukwezi; mw ijuru har’icabona co kubishingira intahe co kwizigirwa”.​—Zaburi 89:36, 37.

‘Icaka co kuganza ijoro’, ari kwo kwezi, ni ikintu kibereye kitwibutsa ukuramba kw’ubutegetsi bwa Kristu (Itanguriro 1:​16). Ku vyerekeye Ubwami bwiwe, muri Daniyeli 7:​14 hagira hati: “Ingoma yiwe [ni] ingoma itazovaho, kand’ubgami bgiwe [ni] ubgami butazohangura”. Ukwezi ni icabona kitwibutsa ubwo Bwami be n’imihezagiro buzohunda umuryango w’abantu.

w06 15/7 13 ing. 4

Ibikurubikuru vyo mu Gitabu ca Gatatu n’ica Kane vya Zaburi

90:10, 12. Kubera yuko ubuzima bwacu bumara igihe gito, turakwiye “guharūra imisi yacu”. Uti twoyiharura gute? Mu gutunga “imitima y’ubgenge”, ni ukuvuga mu gukoresha ubukerebutsi kugira ngo imisi dusigaje ntituyikoreshe nabi, ahubwo tuyikoreshe mu buryo buhimbara Yehova. Ivyo bisaba ko ivy’impwemu biba ari vyo dushira imbere tukongera tugakoresha neza umwanya wacu.​—Abanyefeso 5:15, 16; Ab’i Filipi 1:​10.

w01 1/12 11 ing. 19

Yehova Aratwigisha Ukuntu Twoharura Imisi Yacu

19 Ayo majambo y’umwanditsi wa Zaburi ni isengesho ry’ugusaba Yehova ngo yigishe abasavyi biwe ukuntu bogaragaza ubukerebutsi mu guha agaciro ubuzima basigaje be no mu kubukoresha mu buryo Imana ishima. Imyaka 70 abantu bitega kumara, ni icizigiro co kumara nk’imisi 25.500. Ariko rero, uko imyaka dufise yoba ingana kwose, ‘ntituzi ibizoba ejo . . . kuko turi umwuka uboneka umwanya muto, ugahava uyongayonga.’ (Yakobo 4:​13-15) Kubera yuko ‘ibihe n’ibiza ku muntu bipfa kutuzako twese,’ ntidushobora kuvuga igihe tuzobaho uko kingana. Nimuze rero dusenge dusaba ubukerebutsi kugira ngo ibigeragezo tuvyifatemwo neza, dufate abandi mu buryo bubereye twongere dukore uko dushoboye kwose mu murimo wa Yehova ubu bwa none​—uyu musi! (Umusiguzi 9:​11; Yakobo 1:​5-8) Yehova araturongora biciye kw’Ijambo ryiwe, ku mpwemu yiwe no kw’ishirahamwe ryiwe. (Matayo 24:​45-47; 1 Ab’i Korinto 2:​10; 2 Timoteyo 3:16, 17) Ukugaragaza ubukerebutsi biradusunikira ku ‘kubanza kurondera Ubwami bw’Imana’ no ku gukoresha imisi yacu mu buryo butera iteka Yehova kandi bugatuma umutima wiwe unezerwa. (Matayo 6:​25-33; Imigani 27:​11) Birumvikana, kumusenga n’umutima wacu wose ntibizotumara ingorane zose dufise, mugabo, nta nkeka bivamwo umunezero mwinshi.

8-14 Myandagaro

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ZABURI 92–101

“Abageze mu zabukuru barama mu vy’impwemu”

w07 15/9 32

‘No mu busaza baba bacama’

ABANTU benshi bo mu bihugu vya Mediterane barakunze gutera ubwoko bw’ibigazi vyitwa dattier ku mbuga hafi y’amazu yabo. Ivyo biti birazwi kubera ubwiza bwavyo be n’ivyamwa vyavyo biryoshe cane. Ikigeretseko, birabandanya kwama n’inyuma y’imyaka ijana.

Mu buryo ndyoshamvugo, Umwami Salomo wa Isirayeli ya kera yadondoye ko uburebure bw’umwigeme w’Umushulamukazi yasa n’irirenga bwari bumeze nk’ubw’ikigazi (Indirimbo ya Salomo 7:7). Igitabu kimwe (Plants of the Bible) kivuga giti: “Ijambo ry’igiheburayo rikoreshwa mu kuvuga ikigazi ni ‘tàmâr’. . . . Iryo jambo ryahindutse ikintu Abayuda bakoresha mu kwerekana ubutore n’ubwiza, kandi kenshi ryarakoreshwa nk’izina ryahabwa abakobwa”. Nk’akarorero, mushiki wa Salomo bari basangiye Se yasa n’irirenga, uno akaba yitwa Tamari (2 Samweli 13:1). No muri kino gihe hariho abavyeyi bacita iryo zina abakobwa babo.

Abakenyezi basa n’irirenga si bo bonyene bogereranywa n’ikigazi. Umwanditsi wa Zaburi yaririmvye ati: “Umugororotsi azototahara nk’ikigazi, azoshirwa hejuru nk’igiti c’isederi c’i Lebanoni. Abatewe mu rugo rw’Uhoraho bazototaharira mu nyubakwa z’Imana yacu. No mu busāza bazoba bacāma; bazogira ubukame bginshi n’itōto”.​—Zaburi 92:​12-14.

Mu mvugo ngereranyo, abasukurira Imana badahemuka mu busaza bwabo barafise vyinshi bahurizako n’ico kigazi giteye igomwe. Bibiliya igira iti: “Imvi ku mutwe n’igitsibo [“c’ubwiza”, NW], kiboneka mu nzira y’ubugororotsi” (Imigani 16:​31). Naho inkomezi zabo z’umubiri zoyama bitewe no kwiterera mu myaka, abo bageze mu zabukuru barashobora kugumana inkomezi zo mu vy’impwemu mu kuguma bigaburira biciye ku nyigisho idahorereza y’Ijambo ry’Imana ari ryo Bibiliya (Zaburi 1:​1-3; Yeremiya 17:7, 8). Bitumwe n’amajambo aremesha be n’akarorero keza batanga, abageze mu zabukuru b’intahemuka ni isoko ridasanzwe ry’indemesho ku bandi kandi baguma bama buri mwaka (Tito 2:​2-5; Abaheburayo 13:15, 16). Nka kumwe kwa dattier, izo nararibonye zirashobora kwama no mu busaza bwazo.

w06 15/7 13 ing. 2

Ibikurubikuru vyo mu Gitabu ca Gatatu n’ica Kane vya Zaburi

92:​12​—Ni mu buryo ki umugororotsi ‘atotahara nk’ikigazi’? Birazwi ko ikigazi cama cane. Umugororotsi ameze nk’ikigazi mu buryo bw’uko agororotse mu nyonga za Yehova akaba kandi aguma yama “ivyiza”.​—Matayo 7:​17-20.

w14 15/1 26 ing. 17

Nukorere Yehova imisi y’ivyago itaraza

17 Muri iki gihe, turakwiye kwama twiteguriye gufasha abakirisu bageze mu zabukuru canke bafise amagara make. Abageze mu zabukuru bamwebamwe bakunda cane kwitaba amakoraniro y’ishengero n’amateraniro, boshobora kuba bavyitaba gake. Mu turere tumwetumwe, amashengero aratunganya abigiranye urukundo ivy’uko abo bageze mu zabukuru bumviriza amakoraniro biciye kuri telefone. Mu tundi turere, hari aho ivyo bitoshoboka. Naho vyoba biri ukwo, abakirisu badashobora kwitaba amakoraniro barashobora kugira uruhara mu bijanye no gushigikira ugusenga kw’ukuri. Nk’akarorero, amasengesho batura aragira ico aterereye ku gusagamba kw’ishengero rya gikirisu.​—Soma Zaburi 92:​13, 14.

w04 15/5 12 ing. 9-10

Abageze mu zabukuru ni abantu bafise agaciro bo mu kivukano cacu ca gikirisu

‘Bazobandanya kugira ubukame bwinshi n’itoto’

9 Umwanditsi wa Zaburi yarerekeje ivyiyumviro ku kwama kw’abasavyi ba Yehova bageze mu zabukuru maze aririmba ati: “Umugororotsi azototahara nk’ikigazi, azoshirwa hejuru nk’igiti c’isederi c’i Lebanoni. No mu busāza bazoba bacāma; bazo[bandanya ku]gira ubukame bginshi n’itōto”.​—Zaburi 92:12, 14.

10 Ushobora gute kuguma ufise inkomezi zo mu vy’impwemu naho woba witereye mu myaka? Akabanga ko kugira ngo ca kigazi kigumane ubwiza bwaco, ni uko kiguma kironka amazi apfutse. Mu buryo nk’ubwo, na wewe urashobora kuronka ibikubungabunga mu mazi yo mu kuri kwo muri Bibiliya mu kwiyigisha Ijambo ry’Imana no mu kwifatanya n’ishirahamwe ryayo (Zaburi 1:​1-3; Yeremiya 17:7, 8). Inkomezi zawe zo mu vy’impwemu zituma uba ubutunzi bw’agaciro ku bo musangiye ukwizera. Rimbura ukuntu ivyo vyagaragaye ko ari ukuri ku bijanye n’Umuherezi Mukuru Yehoyada yari ageze mu zabukuru.

w04 15/5 12-14 ing. 13-18

Abageze mu zabukuru ni abantu bafise agaciro bo mu kivukano cacu ca gikirisu

13 Kumbure amagara mabi canke ibindi bintu biratuma udakora ivyo wari gukora kugira ngo uteze imbere ugusenga kw’ukuri. Naho vyoba ari ukwo biri, uba ugishoboye ‘gukora neza ku Mana no mu vy’ingoro yayo’. Urashobora kugaragaza umwete ufitiye ingoro yo mu vy’impwemu ya Yehova mu kwitaba amakoraniro ya gikirisu no mu kuyagiramwo uruhara be no mu kugira uruhara mu busuku bwo mu ndimiro igihe cose bishoboka. Ukuba wemera n’umutima ukunze impanuro yo muri Bibiliya n’ukuba ushigikira udahemuka “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” be n’ishengero, bizoheza bikomeze ikivukano ca gikirisu (Matayo 24:​45-47, NW). Urashobora kandi kwoherereza abo musangiye ugusenga ‘ku rukundo no ku bikorwa vyiza’ (Abaheburayo 10:24, 25; Filemoni 8, 9). Vyongeye, uzoba umuhezagiro ku bandi niwakora mu buryo buhuye n’impanuro y’intumwa Paulo igira iti: “Bgira abatāma boye kurenza urugero, babe inyankamugayo, badahugumba, babe abahangaye mu kwizera no mu rukundo no mu kwihangana. N’abatāmakazi nyene, ubabgire bagende nk’uko bibereye abera, batarementaniriza abandi, batanohorwa imitima na vino nyinshi, bigisha ivyiza”.​—Tito 2:​2-4.

14 Woba umaze imyaka myinshi uri umukurambere mw’ishengero? “Ubukerebutsi waronse gushika mu myaka yo mu butama nubukoreshe mu buryo buzira ubwikunzi”. Iyo ni impanuro itangwa n’uwumaze igihe kirekire ari umukurambere mw’ishengero. Abandanya ati: “Nushinge abandi amabanga amwamwe wari kurangura kandi usabikanye ubuhanga ufise n’abandi bafise umutima wo kwiga. . . . Nugerageze kubona ivyo abandi boshobora. Niwongereze kandi utsimbataze ubwo bushobozi bafise. Tegekanya kazoza” (Gusubira mu vyagezwe 3:27, 28). Ubwitwararitsi nyakuri ugira mu gikorwa c’Ubwami gitera caguka, buzoviramwo imihezagiro myinshi abandi bo mu kivukano cacu ca gikirisu.

‘Menyekanisha yuko Uhoraho atunganye’

15 Abasavyi b’Imana bageze mu zabukuru bararangurana umunezero ibanga bajejwe ryo ‘kumenyekanisha yuko Uhoraho atunganye’. Niba uri umukirisu ageze mu zabukuru, ivyo uvuga be n’ivyo ukora birashobora kwereka abandi yuko ‘Yehova ari we Gitandara cawe, atagiramwo ukugabitanya na gukeya’ (Zaburi 92:​15). Ca kigazi kirashingira intahe itavuga kamere ntangere z’Umuremyi waco. Mugabo wewe, Yehova yaraguteye agateka ntangere ko kumushingira intahe ku baja mu gusenga kw’ukuri ubu (Gusubira mu vyagezwe 32:7; Zaburi 71:17, 18; Yoweli 1:2, 3). Ni kubera iki ivyo bihambaye?

16 Igihe ya ndongozi y’Abisirayeli Yosuwa yari “ashaje, ageze mu zabukuru . . . [yar]ahamaga[je] Abisirayeli bose, abashingantahe babo n’abakuru, n’abacamanza babo n’abagabisha b’ingabo”, hanyuma abibutsa ibikorwa bitunganye Imana yari yarabakoreye. Yavuze ati: “[N]ta kintu na kimwe mu vyiza vyose Uhoraho Imana yanyu yabasezeraniye kitāshitse; vyose vyarasohoye, nta kintu na kimwe muri vyo kitāshitse” (Yosuwa 23:1, 2, 14). Mu kiringo kinaka, ayo majambo yarakomeje umwiyemezo abantu bari bafise wo kuguma ari abizerwa. Ariko rero, Yosuwa amaze gupfa ‘hakurikiye urundi runganwe . . . rutari ruzi Yehova, canke ngo rumenye igikorwa yakoreye Abisirayeli. Maze Abisirayeli bakora ivyo Yehova abona kw’ari bibi, basaba za Bayali’.​—Abacamanza 2:​8-11.

17 Ukutadohoka kw’abo mw’ishengero rya gikirisu ryo mu gihe ca none ntikuvana n’amajambo abasavyi b’Imana bitereye mu myaka bavuga y’ivyo biboneye. Yamara, ukwizera dufise muri Yehova no mu mihango yiwe kurakomezwa igihe twumva inkuru zivugwa n’abiboneye ‘ibikorwa bihambaye’ yakoreye abasavyi biwe muri iyi misi y’iherezo (Abacamanza 2:7; 2 Petero 1:​16-19). Niba umaze imyaka myinshi wifatanije n’ishirahamwe rya Yehova, woshobora kuba wibuka igihe hari abamamaji b’Ubwami bake cane mu ntara iwanyu canke mu gihugu iwanyu canke igihe igikorwa c’ukwamamaza carwanywa bikomeye. Uko igihe cagenda kirengana, warabonye ukuntu Yehova yagiye akuraho intambamyi zimwezimwe be n’ukuntu abamamaji b’Ubwami bongerekanye “n’ingoga” (Yesaya 54:​17; 60:​22). Warabonye ukuntu ukuri kwo muri Bibiliya kwagiye kuratomorwa wongera uribonera ukuntu igice kiboneka c’ishirahamwe ry’Imana cagiye kiraryohorwa (Imigani 4:​18; Yesaya 60:​17). Woba urondera kwubaka abandi mu gusangira na bo ivyo wiboneye bijanye n’ibikorwa bitunganye Yehova yakoze? Urazi ukuntu ivyo bishobora kugira ingaruka nziza kandi ikomeza ku kivukano ca gikirisu!

18 Tuvuge iki none ku bijanye n’ibihe wiboneye ukuntu Yehova yakwitayeho kandi akakuyobora abigiranye urukundo mu buzima bwawe (Zaburi 37:​25; Matayo 6:​33; 1 Petero 5:7)? Hari umuvukanyikazi ageze mu zabukuru yitwa Martha yahora aremesha abandi mu kuvuga ati: “Naho hoshika iki, ntuze wigere uheba Yehova. Azokubungabunga”. Iyo mpanuro yaragize ico ikora gikomeye kuri Tolmina, umwe mu biganye Bibiliya na Martha, akaba yabatijwe mu ntango z’imyaka ya 1960. Tolmina yibuka ibi: “Igihe umunega wanje yapfa, numvise ncitse intege cane, mugabo ayo majambo yaratumye ngira umwiyemezo wo kutigera nsiba ikoraniro na rimwe. Kandi koko Yehova yarankomeje ndabandanya”. Mu myaka n’iyindi, Tolmina yarahaye iyo mpanuro nyene benshi mu bo bigana Bibiliya. Emwe, biciye ku ndemesho utanga be no mu kuyagira abandi ibikorwa bitunganye vya Yehova, urashobora gukora vyinshi kugira wubake ukwizera kw’abakirisu bagenzawe.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w15 15/7 8 ing. 5

Nukore kugira uryohore iparadizo yo mu buryo bw’impwemu

5Turakurikiza rero akarorero k’abasavyi ba Yehova b’abizigirwa bavugwa muri Zaburi 99:​1-3, 5-7. (Soma.) Nk’uko iyo zaburi ivyerekana, Musa, Aroni na Samweli barashigikiye bimwe bishitse intunganyo ijanye n’ugusenga kw’ukuri mu gihe cabo. Muri iki gihe, imbere y’uko amasigarira ya bene wabo na Yezu barobanuwe baja gukorana na we ari abaherezi mw’ijuru, barakora badahemuka mu kigo co kw’isi c’urusengero rwo mu buryo bw’impwemu. Abantu amamiliyoni bo mu “zindi ntama” barabashigikira badahemuka. (Yoh. 10:​16) Naho abo muri iyo migwi yompi bafise ivyizigiro bitandukanye, barasenga Yehova bunze ubumwe ng’aha ku ntebe y’ibirenge vyiwe. Ariko rero, vyoba vyiza umwe wese yibajije ati: ‘Noba ndiko ndashigikira bimwe bishitse intunganyo ya Yehova ijanye n’ugusenga kw’ukuri?’

w05 1/11 24 ing. 14

Woba uzogendana n’Imana?

Genda nk’aho ‘ubona Umwe ataboneka’

14 Kugira tugendane na Yehova, ategerezwa kutaba ari umugani kuri twebwe. Ibuka yuko Yehova yakuye amazinda abantu b’intahemuka bo muri Isirayeli ya kera yuko atari abihishije. No muri iki gihe, ariyereka abasavyi biwe ko ari Umucishabwenge Mukuru. Yehova yoba atari umugani kuri wewe, nk’aho yoba ahagaze imbere yawe kugira ngo akwigishe? Ukwizera mwene ukwo ni kwo dukeneye niba dushaka kugendana n’Imana. Musa yari afise mwene ukwo ukwizera “kuko yashikamye nk’ah’abona Ītaboneka” (Abaheburayo 11:​27). Niba Yehova atari umugani kuri twebwe, ntituzokwirengagiza uburyo yiyumva igihe dufata ingingo. Nk’akarorero, ntitwonarota gukora ibintu bitabereye ngo hanyuma tugerageze guhisha ivyaha vyacu abakurambere bakirisu canke abo mu muryango. Ahubwo riho, turakora uko dushoboye kwose tukagendana n’Imana n’igihe ata muntu n’umwe ashobora kutubona. Nka kumwe kw’Umwami Dawidi wo mu gihe ca kera, twiyemeze duti: “Nzokwama ngendana mu nzu yanje umutima utunganye”.​—Zaburi 101:2.

15-21 Myandagaro

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ZABURI 102–105

“Yehova aribuka ko turi umukungugu”

w13 15/6 20 ing. 14

Duhe agaciro ukudahemuka n’ukubabarira kwa Yehova

14 Turashobora guhumurizwa no kuzirikana kuri kamere ya Yehova yo kubabarira. Rimbura aka karorero. Mushiki wacu twise Elaine yarigeze gucibwa, hakaba haciye imyaka myinshi ivyo bibaye. Haciye imyaka itari mike, yaragarukanywe. Yiyemerera ati: “Naho nibwira nkongera nkabwira abandi yuko nemera yuko Yehova yambabariye, naguma niyumvamwo ko hari ukuntu yari kure yanje canke ko abandi bari hafi yiwe kundusha be n’uko babona ko atari umugani kuruta uko jewe namubona.” Ariko rero, Elaine yarahumurijwe no gusoma akongera akazirikana ku mvugo ngereranyo zimwezimwe Bibiliya ikoresha mu kudondora kamere ya Yehova y’ukubabarira. Elaine yongerako ati: “Nariyumvisemwo urukundo n’ikibabarwe Yehova amfitiye mu buryo ntari bwigere ndabitahura.” Yarakozwe ku mutima canecane n’iki ciyumviro kigira giti: “Mu gihe Yehova aduhariye ivyaha, ntidukwiye kwiyumvamwo yuko dufise ikirabagu ca mwene ivyo vyaha mu gihe dusigaje kubaho.” Elaine avuga ati: “Naratahuye ko ntari naremeye ko Yehova ashobora kumbabarira bimwe bishitse, kandi niyumvira ko nokwiremetse uwo muzigo mu gihe cose nari nsigaje kubaho. Ndazi ko bizofata igihe, mugabo ndatanguye kwiyumvamwo yuko nshobora vy’ukuri kurushiriza kwiyegereza Yehova, kandi ndiyumvamwo ko naremuruwe umutwaro.” Mbega Imana y’inyarukundo kandi ibabarira dukorera!​—Zab. 103:9.

w12 15/7 16 ing. 17

Nukorere ya Mana y’umwidegemvyo

17 Ariko ntiwumve, birashika twese tugakora amakosa. (Umus. 7:​20) Igihe ivyo bigushikiye, ntukiyumvemwo ko ata co umaze canke ngo wihebure birenze urugero. Mu gihe utsitaye ukagwa mu buryo bw’ikigereranyo, nuce uhaguruka maze ubandanye, naho nyene vyosaba ko witura abakurambere bo mw’ishengero urimwo ngo bagufashe. Yakobo yanditse yuko “isengesho [ryabo] ry’ukwizera, rizotuma [umuntu] amerewe nabi akira, kandi Yehova azomuhagurutsa. Vyongeye, nimba yarakoze ibicumuro azobabarirwa.” (Yak. 5:​15) Egome, ntiwigere wibagira ko Imana ari inyembabazi vy’ukuri be n’uko yagukwegereye mw’ishengero kubera yakubonyemwo iciza. (Soma Zaburi 103:8, 9.) Igihe cose rero uzoguma ufise umutima ukwiye kuri Yehova, ntazokwigera aguheba.​—1 Ngo. 28:9.

w15 15/4 26 ing. 8

Niwame wizigira Yehova

8 Ikindi kintu kibituma, ni uko Yehova azi neza aho ubushobozi bwacu bugarukira. (Zab. 103:​14) Ku bw’ivyo, ntiyitega ko twihangana dukoresheje inkomezi zacu, ahubwo nyabuna aradufasha nk’umuvyeyi. Ego ni ko vyoshobora gushika tukabona ko tudashobora kubandanya twihangana. Mugabo Yehova adusezeranira ko atazokwigera areka ngo abasavyi biwe bashikirwe n’ivyo badashobora kwihanganira. Emwe, ‘azoducira icanzo.’ (Soma 1 Abakorinto 10:​13.) Turafise rero imvo yumvikana yo kwizigira ko Yehova azi ukuntu ivyo dushobora kwihanganira bingana.

w13 15/6 15 ing. 16

Duhe agaciro ugutanga kwa Yehova n’ukugira ibitegereka kwiwe

16 Dufate ko uri Umwisirayeli ukaba kandi ukenye cane. Ushitse kw’itaberenakulo ufise agafu gakeyi ko gushikana, uciye ubona Abisirayeli bifise bariko barazana ibitungwa. Woshobora kwumva utewe isoni n’ako gashikanwa kawe k’ifu gasa n’aho ata co kavuze. Uciye wibuka yuko ishikanwa ryawe riri n’ico rivuze imbere ya Yehova. Kubera iki? Kimwe coco, Yehova yasaba ko iyo fu iba ari nziza cane. Ni nk’aho Yehova yariko abwira Abisirayeli b’aboro ati: ‘Ndatahura ko udashoboye gushikana nk’ivy’abandi bashoboye, mugabo ndazi kandi yuko ivyo umpaye ari vyiza kuruta ibindi vyose ufise.’ Mu vy’ukuri, Yehova aragira ibitegereka mu kutiyobagiza ubushobozi bw’abasavyi biwe be n’ukuntu ivyabo vyifashe.​—Zab. 103:​14.

w10 15/11 24-25 ing. 5

Yehova ni Umukama Segaba wacu!

5 Kubera ko Yehova Imana ari Umuremyi, ni we Segaba w’isi n’ibiriho vyose. (Soma Ivyahishuwe 4:​11.) Vyongeye, Yehova ni Umucamanza wacu, ni we adushingira ivyagezwe akaba n’Umwami wacu, kuko ubwiwe araba ivy’ubucamanza, ivy’amategeko be n’ivy’ubutegetsi mu ntwaro iganza ibiriho vyose. (Yes. 33:​22) Kubera ko Imana ari yo dukesha ukubaho kwacu ikaba kandi ari yo dukesha uburaro n’uburamuko, turakwiye kubona ko ari yo Mukama Segaba wacu. Tuzovyurirwa umutima wo gushigikira ikibanza ciwe kiri hejuru, nitwaguma twibuka yuko “Yehova ubwiwe yashimangiye intebe yiwe y’ubwami mu majuru; kandi ingoma yiwe yaganje vyose.”​—Zab. 103:​19; Ivyak. 4:​24.

w07 1/12 21 ing. 1

Ubusegaba bwa Yehova be n’Ubwami bw’Imana

“UHORAHO yahamangiye intebe yiwe mw ijuru: Ubgami bgiwe buganza vyose” (Zaburi 103:​19). Mu kuvuga ayo majambo, umwanditsi wa Zaburi yarashize ahabona iciyumviro nyamukuru kijanye n’ubutegetsi. Kubera yuko Yehova Imana ari we Muremyi, birabereye rero kuba ari we Mutegetsi Segaba w’ibiriho vyose.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w14 15/3 16 ing. 19-21

Ingene twoguma tubona ibintu mu buryo bwiza

“ISENGESHO RY’UMURUSHWA”

19 Umwanditsi wa Zaburi ya 102 yari yihebuye. Yari “umurushwa,” ni ukuvuga ko yari amerewe nabi ku mubiri canke mu mutima, kandi nta tuguvu yari afise two kwihanganira ingorane ziwe. (Zab. 102, akajambo k’intangamarara) Mu majambo yavuze turasangamwo ikintu cerekana ko yari yarengewe n’umubabaro yarimwo, irungu yari afise be n’inyiyumvo ziwe. (Zab. 102:3, 4, 6, 11) Yibaza ko Yehova yipfuza kumuta kure.​—Zab. 102:​10.

20 Ariko rero, uwo mwanditsi w’amazaburi yari agishoboye gukoresha ubuzima bwiwe mu gushemeza Yehova. (Soma Zaburi 102:​19-21.) Nk’uko Zaburi ya 102 ivyerekana, mbere n’abari mu kwizera barashobora kugira umubabaro maze bikabagora kwiyumvira ikindi kintu. Uwo mwanditsi w’amazaburi yabona ko ari “nk’akanyoni kari ukwa konyene ku gisenge,” nk’aho umenga nta kindi kintu cari kumwe na we atari ingorane ziwe gusa. (Zab. 102:7) Bishitse ukiyumva gutyo, nusukire Yehova ibiri ku mutima wawe nk’uko uwo mwanditsi w’amazaburi yabigize. Amasengesho y’umurushwa, ari yo masengesho yawe, arashobora kugufasha kurwanya ivyiyumviro bica intege. Yehova asezerana ko ‘azohindukira ngo yumve isengesho ry’abakobwe ibintu vyose, kandi ko atazosuzugura isengesho ryabo.’ (Zab. 102:​17) Niwizigire uwo muhango.

21 Zaburi ya 102 irerekana kandi ukuntu woshobora kurushiriza kubona ibintu mu buryo bwiza. Umwanditsi w’iyo zaburi yabigize mu kureka kwiyumvira ingorane ziwe akiyumvira ubucuti afitaniye na Yehova. (Zab. 102:12, 27) Yararuhuriwe no kumenya ko Yehova yokwamye ahari kugira afashe abasavyi biwe igihe bari mu bigeragezo. Nimba rero inyiyumvo zica intege zitumye umara igihe kinaka udakora vyinshi mu murimo w’Imana nk’uko uvyipfuza, nusenge ku bijanye n’ico kintu. Nusabe Imana yumve amasengesho yawe atari ukugira gusa ngo amarushwa urimwo agabanuke, ariko kandi “kugira ngo izina rya Yehova rimenyeshwe.”​—Zab. 102:​20, 21.

w15 15/4 25 ing. 7

Niwame wizigira Yehova

7 Ni kubera iki Yehova adaca ubwo nyene aduha ikintu cose tumusavye? Niwibuke ko ubucuti dufitaniye na we abugereranya n’ubwo abana bafitaniye n’umuvyeyi wabo. (Zab. 103:​13) Umwana ntashobora kwitega ko umuvyeyi amuha ico asavye cose canke ngo ace akimuha ubwo nyene. Bimwebimwe mu vyo umwana asaba vyoshobora kuba ari ukwifyinatira gusa. Ibindi na vyo usanga ategerezwa kubirindira gushika igihe kibereye kigeze. Hari n’ibindi usanga ata co vyomarira uwo mwana canke abandi vyerekeye. Vyongeye, guca ubwo nyene uha umwana ivyo agusavye vyose bishobora gutuma usigara umeze nk’umushumba wiwe. Muri ubwo buryo nyene, Yehova yoshobora kureka hagaca igihe ataragaragaza ko yishuye amasengesho yacu, ivyo akabigira ku neza yacu. Ivyo arabifitiye uburenganzira kuko ari we Muremyi wacu w’inkerebutsi, Databuja yuzuye urukundo akaba na Data wa twese wo mw’ijuru. Guca ubwo nyene aduha ibintu vyose tumusavye, vyoshobora kwonona ubucuti dufitaniye na we.​—Gereranya na Yesaya 29:​16; 45:9.

22-28 Myandagaro

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ZABURI 106–109

“Nimukengurukire Yehova”

w15 15/1 8 ing. 1

Nukengurukire Yehova maze uhezagirwe

YEHOVA, we Mutanzi w’ “ingabirano nziza yose be n’impano yose itagira akanenge,” arabereye vy’ukuri ko tumukengurukira. (Yak. 1:​17) Kubera ko uwo Mwungere wacu akundana, araturonsa ivyo dukeneye vyose mu vy’umubiri no mu vy’impwemu abigiranye ikibabarwe. (Zab. 23:​1-3) Ni we “buhungiro n’inkomezi vyacu,” na canecane mu bihe vy’amagorwa! (Zab. 46:1) Mu vy’ukuri, turi n’imvo nyinshi zo kwiyumva nk’umwanditsi w’amazaburi yaririmvye ati: “Nimukengurukire Yehova, kuko ari mwiza; kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero.”​—Zab. 106:1.

w02 1/6 25 ing. 19

Duhimbarirwe Ubugororotsi bwa Yehova

19 Muri iyi misi yuzuye akaga buca bugacana ayandi, guhimbarirwa ubugororotsi bwa Yehova ni isoko ry’umutekano n’uburinzi. Ku kibazo kibaza giti: “Uhoraho, ni nde azosembera mw ihema ryawe? Ni nde azogerēra ku musozi wawe wera?” Umwami Dawidi yishuye ati: “N’ūgendera mu bitunganye, agakora ivy’ukugororoka.” (Zaburi 15:1, 2) Dukurikiranye ubugororotsi bw’Imana kandi bukaduhimbara, turashobora kuzigama ubucuti bwiza dufitaniye na yo kandi tukabandanya gutoneshwa n’uguhezagirwa na yo. Ni co gituma tubumbwa n’uko tubayeho, mu buzima tukaba twiyubashe kandi dufise amahoro yo mu mutima. Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Uwitwaririka ivy’ubugororotsi n’imbabazi aronka ubu[zima] n’ubugororotsi n’icubahiro.” (Imigani 21:​21) Ikindi na co, tugerageje uko dushoboye kwose gukora ibiranga ubutungane n’ubugororotsi, bituma tugiranira ubucuti burangwa agahimbare kandi tukagira n’ubuzima buryohoye mu vy’inyifato runtu no mu vy’impwemu. Umwanditsi wa Zaburi yavuze ati: “Hahirwa abitondera ibitunganye, hahirwa uwama akora ivyo kugororoka na ntaryo.”​—Zaburi 106:3.

w15 15/1 8-9 ing. 2-3

Nukengurukire Yehova maze uhezagirwe

2 Kubera iki bihambaye ko turimbura ico kibazo cerekeye ugukenguruka? Nk’uko vyari vyaravuzwe, abantu bo muri iyi misi ya nyuma barushiriza kuba intashima. (2 Tim. 3:2) Benshi babona ko ivyiza bafise ari ibisanzwe. Kubera ko abantu amamiliyoni boshwa n’abadandaza bo mw’isi be n’ivyo bahayanisha, usanga bihatira kuronka ibintu vyinshi aho kubumbwa n’ivyo bafise. Na twebwe turashobora kwandukirwa n’ako gatima ko kudashima. Cokimwe n’Abisirayeli ba kera, twoshobora kuba intashima maze ntitube tugikenguruka ubucuti bw’agaciro dufitaniye na Yehova be n’ivyiza yaduhaye.​—Zab. 106:7, 11-13.

3 Rimbura kandi ivyoshobora gushika igihe turi mu bigeragezo bikomeye. Mu bihe nk’ivyo, twoshobora kurengerwa bitagoranye maze tukibagira ivyiza dufise. (Zab. 116:3) Twoshobora gute none kugira umutima ukenguruka kandi tukawuzigama? Ni igiki kizodufasha kuguma tubona ibintu mu buryo bwiza n’igihe nyene turi mu bigeragezo bikomeye? Reka tubirabe.

w01 1/7 9 ing. 1-3

Ntiducike Abumva Bakibagira

IMVUGO ngo “ikintu c’intibagirwa” yoba ari yo mvugo ibereye mu kudondora ibitangaro vyakozwe na Yehova muri Misiri ha kera. Kimwe cose muri vya Vyago Cumi nta nkeka ko vyari ibiteye akoba. Ivyo vyago vyakurikiwe n’ukurokoka gutangaje kw’Abisirayeli, baciye mu mazi agabuwemwo kubiri y’Ikiyaga Gitukura. (Gusubira mu Vyagezwe 34:​10-12) Iyo ubwawe uba wariboneye ivyo bintu, twokwizigira yuko utokwigeze wibagira nyene kubitera. Yamara rero, umwanditsi wa Zaburi yaririmvye ati: “[Abisirayeli] bibagira Imana, Umukiza wabo, yakoreye ibikomeye muri Egiputa; yakoreye ibitangaza mu gihugu ca Hamu, n’ibiteye ubgoba ku Kiyaga Gitukura.”​—Zaburi 106:21, 22.

2 Bamaze kujabuka Ikiyaga Gitukura, Abisirayeli “ba[tanguye gu]tinya Uhoraho, baramwizera.” (Kuvayo 14:​31) Abagabo bo muri Isirayeli barifatanije na Musa mu ruririmbo rwo kwigina intsinzi baririmbiye Yehova, maze Miriyamu n’abandi bagore bitabira mu kuvuza udushako tw’ingoma no mu gutamba. (Kuvayo 15:1, 20) Egome, abasavyi b’Imana barakozwe ku mutima n’ibikorwa vy’ububasha vya Yehova. Mugabo ugukenguruka bagiriye Uwakoze ivyo bikorwa kwamaze igihe gito. Butaraca na kabiri, benshi muri bo bigenjeje nk’aho boba bari bafashwe n’indwara ikomeye yo kwibagira. Bahavuye bidodombera Yehova baranamwidogera. Bamwe bisutse mu vy’ugusenga ibigirwamana no mu bushegabo.​—Guharūra 14:​27; 25:​1-9.

Ni Ibiki Vyotuma Twibagira?

3 Kuba Isirayeli yarabuze ugukenguruka ni ikintu mu vy’ukuri kigoye itahura. Yamara rero, ikintu nk’ico nyene coshobora kudushikira. Ego ni ko, ntitwiboneye ibitangaro nk’ivyo vy’Imana. Ariko rero, mu bucuti dufitaniye n’Imana, nta nkeka ko habayemwo ibihe vy’intibagirwa. Bamwe muri twebwe turashobora kwibuka igihe twemera ukuri kwo muri Bibiliya. Ibindi bihe twagize vy’umunezero bishobora kuba nk’igihe twatura isengesho twiyegurira Yehova, be n’igihe twabatizwa mu mazi ngo tube Abakirisu b’ukuri. Yehova yarafashije benshi muri twebwe mu bindi bihe vyo mu buzima bwacu. (Zaburi 118:​15) Ikirushirije ni uko biciye ku rupfu rw’inkuka rwa Yezu Kirisitu wa Mwana w’Ikinege w’Imana, twaronse icizigiro c’ubukiriro. (Yohana 3:​16) Yamara rero, kubera turi abanyagasembwa, igihe duhanganye n’ivyipfuzo bibi be n’imyitwarariko y’ubuzima, birashobora kworoha cane ko twibagira ibintu vyiza Yehova yadukoreye.

w11 15/10 5 ing. 7

Nimuze tunezeranwe!

Ariko rero, abakirisu bagenzi bacu bobo ntibameze gutyo. Intumwa Paulo yanditse ati: “Mwame munezerwa.” (1 Tes. 5:​16) Turafise imvo nyinshi zo guhimbarwa no kunezeranwa n’abandi. Dusenga Imana Musumbavyose Yehova; turatahura ubutumwa bwerekeye ukuri bwo muri Bibiliya; turizigiye kurokoka no kuronka ubuzima budahera; turashobora kandi gufasha abandi kuronka imihezagiro nk’iyo.​—Zab. 106:4, 5; Yer. 15:​16; Rom. 12:​12.

w03 1/12 14-16 ing. 3-6

‘Mugaragaze ko mukenguruka’

Imvo zituma tuba abakenguruka

3 Yehova Imana, Umuremyi wacu akaba n’Umutanzi w’ubuzima, ni we dukwiye gukengurukira, na canecane igihe turimbura zimwezimwe mu ngabirano umuyoro yaducuncuburiye (Yakobo 1:​17). Ku musi ku musi, turakengurukira Yehova kubona turi bazima (Zaburi 36:9). Mu bidukikije, turabona ibimenyamenya umuyoro vy’igikorwa c’intoke za Yehova, nk’izuba, ukwezi n’inyenyeri. Umubumbe wacu wuzuye ivyunyunyu bibungabunga ubuzima, ikirere kirimwo uruvange rw’imyuka ihambaye iri ku burimbane bwiza igitangaza be n’inzinguzingu zigoye itahura tubona mu bidukikije, ivyo vyose biremeza ko dufitiye umwenda Data wa twese munyarukundo wo mw’ijuru. Umwami Dawidi yaririmvye ati: “Uhoraho, Mana yanje, ibikorwa bitangaje wakoze ni vyinshi, bo n’ivyo wiyumvira kutugirira; nta wogereranywa nawe. Nogomba kubidonda no kubivuga birenze uko vyoharūrwa”.​—Zaburi 40:5.

4 Naho abasavyi ba Yehova bataba mw’iparadizo nya paradizo, muri kino gihe barinovora ukuba mw’iparadizo yo mu vy’impwemu. Mu Ngoro zacu z’Ubwami, ku mahwaniro yacu be no ku materaniro yacu, turibonera ukuntu ivyamwa vy’impwemu y’Imana bikorera mu bo dusangiye ukwizera. Kukaba nkako, igihe Ivyabona bamwebamwe baba bariko babwira inkuru nziza abantu bataciye cane mu vy’idini canke batanabiciyemwo, bisunga ivyo Paulo yavuze mw’ikete yandikiye Abagalatiya. Babanza gukwegera ivyiyumviro vy’ababumviriza ku “bikorwa vy’akameremere” maze bakababaza ivyo biboneye (Ab’i Galatiya 5:​19-23). Abatari bake baremera bitagoranye yuko ivyo bintu ari vyo biranga ikibano c’abantu muri iki gihe. Bamaze gusigurirwa ivyamwa vy’impwemu y’Imana bakanatumirwa ku Ngoro y’Ubwami y’aho baba kugira ngo birabire ikimenyamenya c’ivyo, benshi baca biyemerera buno nyene ibi: “Imana iri muri mwebge vy’ukuri” (1 Ab’i Korinto 14:​25). Kandi ivyo ntibigirwa gusa mu Ngoro y’Ubwami y’aho umuntu aherereye. Aho woja hose, igihe uhuye n’uwo ari we wese mu Vyabona vya Yehova barenga imiliyoni zitandatu, usanga afise ka gatima nyene k’umunezero n’akanyamuneza. Mu vy’ukuri, uko kuja hamwe kuremesha, ni imvo ituma dukengurukira Yehova, we atanga impwemu yiwe kugira ngo ivyo bishoboke.​—Zefaniya 3:9; Abanyefeso 3:20, 21.

5 Ingabirano Yehova yatanze ihambaye kuruta izindi zose, imwe itagira agahaze kuruta izindi zose, ni iy’Umwana wiwe Yezu, umwe inkuka y’incungu yatangwa biciye kuri we. Intumwa Yohani yanditse ati: “Kw’Imana yadukunze irtyo, natwe dukwiye gukundana” (1 Yohana 4:​11). Ntitugaragaza gusa ko dukenguruka incungu mu guserura urukundo n’ugukenguruka dufitiye Yehova, ariko kandi mu kubaho mu buryo bugaragaza urukundo dukunda abandi.​—Matayo 22:​37-39.

6 Turashobora kwiga vyinshi ku bijanye n’ukugaragaza ugukenguruka mu kurimbura uburyo Yehova yafashe Isirayeli ya kera. Yehova akoresheje Ivyagezwe, ivyo yahaye iryo hanga biciye kuri Musa, yarigishije ico gisata ivyigwa vyinshi. Biciye ‘ku vyagezwe birimwo ubwenge n’ukuri’, turashobora kwiga vyinshi bizodufasha gukurikiza iyi mpanuro ya Paulo igira iti: ‘Mugaragaze ko mukenguruka’.​—Abaroma 2:​20; Ab’i Kolosayi 3:​15.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

bt 19 ing. 21-22

“Muzombera ivyabona”

21 None uwo muntu yatowe gute? Vyaciye ku kintu cari gisanzwe kigirwa mu bihe vya Bibiliya, ico na co kikaba ari uguterera ubupfindo. (Imig. 16:​33) Ariko rero, aho ni ho hantu ha nyuma Bibiliya ivuga ibijanye no guterera ubupfindo. Biboneka yuko ugusukwa kw’impwemu nyeranda kwabaye mu nyuma kwatumye ubwo buryo butaba bugikoreshwa. Mugabo kandi, raba igituma ubupfindo bwakoreshejwe. Intumwa zasenze ziti: “Ewe, Yehova, wewe uzi imitima ya bose, erekana muri aba bantu babiri uwo watoye.” (Ivyak. 1:​23, 24) Bipfuza ko Yehova aba ari we amutora. Matiyasi, uwushobora kuba ari muri ba bigishwa 70 Yezu yarungika kwamamaza inkuru nziza, ni we yatowe. Ukwo ni ko Matiyasi yacitse uwo muri “bamwe cumi na babiri.”​—Ivyak. 6:2.

22 Ico kintu cabaye kiratwibutsa ko bihambaye cane yuko mu basavyi b’Imana haba ugutunganya ibintu. No muri kino gihe, haratorwa abagabo babishoboye kugira ngo babe abacungezi mw’ishengero. Abakurambere bararimbura bitonze kamere zishingiye ku Vyanditswe abo bacungezi basabwa gushitsa, bakongera bagasenga basaba kuyoborwa n’impwemu nyeranda. Gutyo rero, ishengero rica ribona ko abo bagabo bagenywe n’impwemu nyeranda. Ku ruhande rwacu, turemera kuguma tuyoborwa na bo tubigiranye ukuyoboka n’ukugamburuka, gutyo tugatuma mw’ishengero haba agatima ko gusenyera ku mugozi umwe.​—Heb. 13:​17.

w06 1/9 14 ing. 8

Ibikurubikuru vyo mu Gitabu ca Gatanu ca Zaburi

109:30, 31; 110:5. Ukuboko kw’iburyo kw’umusoda, ari na kwo kwafata inkota, mu bisanzwe ntikwakingirwa n’inkinzo, iyo bafatira ibubamfu. Mu buryo bw’ikigereranyo, Yehova ari “i buryo” bw’abasavyi biwe kugira abagwanire. Gutyo rero, arabakingira akongera akabafasha, iyo ikaba ari imvo nziza cane yotuma ‘tumushima cane’.

29 Myandagaro–4 Nyakanga

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ZABURI 110-118

“Nzokwishura iki Yehova?”

w87 15/3 24 ing. 5

Imana ihimbawe, abantu bahimbawe

◆ 116:​3​—“Imigozi y’urupfu” ni iki?

Umwanditsi w’amazaburi yabona ko adashobora guhunga urupfu. Yabona ko ari nk’aho rwoba rwamubohesheje imigozi idashobora gucika. Umuntu yaboshwe cane amaguru n’amaboko aragira ububabare bukomeye cane. Ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “imigozi,” ya Bibiliya y’ikigiriki yitwa Septante irihindura ngo “imibabaro.” Ku bw’ivyo igihe Yezu Kristu yapfa, yari mu vyara canke mu mibabaro y’urupfu. Ariko igihe Yehova yamuzura, yari ‘amubohoye mu mibabaro y’urupfu.’​—Ivyakozwe 2:​24.

w09 15/7 29 ing. 4-5

Niwakirane ugukenguruka, utangane umutima wawe wose

Umwanditsi wa Zaburi yaribajije ati: “Nzokwishura iki Yehova ku vyiza vyose angirira?” (Zab. 116:​12, NW) Ni ivyiza ibihe yari yararonse? Yehova yari yaramushigikiye mu gihe c’ “ivyago n’umubabaro.” Vyongeye, Yehova yari ‘yarakijije ubugingo bwiwe urupfu.’ Ico gihe rero, yashaka ‘kwishura’ Yehova mu buryo bunaka. None uwo mwanditsi wa Zaburi yari gukora iki? Yavuze ati: “Uhoraho nzomushitsakw amasezerano yanje.” (Zab. 116:3, 4, 8, 10-14) Yari yiyemeje gukora ahuza n’ibintu vyose yari yarasezeraniye Yehova ku mugaragaro be no gushitsa ivyo yamusaba vyose.

Urashobora gukora nk’ukwo nyene. Uti gute? Mu gukurikirana ingendo y’ukubaho igihe cose wisunga amategeko n’ingingo ngenderwako vy’Imana. Ku bw’ivyo, nurabe neza ko ugusenga Yehova kuguma ari co kintu gihambaye gusumba ibindi vyose mu buzima bwawe be n’uko ureka impwemu y’Imana ikakuyobora mu bintu vyose ukora. (Umus. 12:​13; Gal. 5:​16-18) Mu vy’ukuri, birumvikana ko udashobora kwigera wishura Yehova bimwe bishitse ku bintu vyose yagukoreye. Ariko rero, ‘biranezereza umutima wa Yehova’ kubona uriko uritanga n’umutima wawe wose mu murimo wiwe. (Imig. 27:​11) Ese ingene ari agateka keza igitangaza gutuma Yehova anezerwa muri ubwo buryo!

w98 1/12 24 ing. 2

Hari igikorwa gihambaye kibarindiriye

Haciye hakurikira insiguro z’abigisha batatu ba Gileyadi. Hatanguye Karl Adams yatanze insiguro ivuga ngo “Uzokwishura iki Yehova?” Insiguro yiwe yari ishingiye kuri Zaburi ya 116, iyo Yezu ashobora kuba yararirimvye buca apfa. (Matayo 26:​30) Yezu yiyumviriye iki igihe yariko aririmba amajambo agira ati: “Nzokwishura iki Yehova ku vyiza vyose angirira”? (Zaburi 116:​12) Ashobora kuba yariyumviriye umubiri utagira agasembwa Yehova yari yaramuteguriye. (Abaheburayo 10:5) Bukeye, yokwerekanye urukundo rwinshi amufitiye mu gutanga umubiri wiwe kw’ikimazi. Abanyeshure b’umugwi wa 105 barahonjeje ukumera neza kwa Yehova muri aya mezi atanu aheze. Ubu naho bazokwerekana urwo bakunda Imana mu gukora bagatama mu gikorwa cabo c’ubumisiyonari.

w10 15/4 27, uruzitiro

Woba uriko urakurikira Kristu bimwe bishitse?

Ni ibiki bizogufasha kuguma ukurikira Kristu?

▪ Nusome Ijambo ry’Imana ku musi ku musi wongere uzirikane ku vyo usoma.​—Zab. 1:​1-3; 1 Tim. 4:​15.

▪ Nusenge kenshi usaba yuko impwemu y’Imana yogushigikira ikongera ikakuyobora.​—Zek. 4:6; Luka 11:9, 13.

▪ Niwifatanye n’abagira umwete mu busuku babikuye ku mutima.​—Imig. 13:​20; Heb. 10:24, 25.

▪ Nutahure yuko ibintu vyihutirwa mu bihe tubayemwo.​—Ef. 5:15, 16.

▪ Numenye inkurikizi zikomeye zizanwa no gutanga ivyitwazo.​—Luka 9:​59-62.

▪ Niwame uzirikana ku ndagano wagize igihe wiyegurira Imana no ku mihezagiro itagira uko ingana iva ku gukorera Yehova no ku gukurikira Kristu n’umutima wawe wose.​—Zab. 116:​12-14; 133:3; Imig. 10:​22.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w14 15/10 11 ing. 15-17

Niwizere Ubwami utanyiganyiga

ISEZERANO RITUMA HARANGURWA IBANGA RY’UBUHEREZI

15 Amasezerano Imana yagiraniye na Aburahamu be na Dawidi aremeza ko rwa ruvyaro rworanguye ibanga ry’ubwami. Ariko rero, ivyo vyonyene ntivyotumye abantu bo mu mahanga yose bironkera imihezagiro. Kugira ngo abantu bahezagirwe vy’ukuri, bobwirijwe gukurwako igicumuro maze bakaba mu bagize umuryango wa Yehova wo kw’isi no mw’ijuru. Kugira ngo ivyo bishoboke, bisaba ko urwo ruvyaro rurangura n’ibanga ry’ubuherezi. Umuremyi wacu w’inkerebutsi yaratumye ivyo bishoboka biciye ku yindi ntunganyo yemewe, ni ukuvuga isezerano ryo kuba umuherezi nka Melekisedeki.

16 Yehova yarahishuye biciye ku Mwami Dawidi yuko ubwiwe yogiraniye isezerano na Yezu rifise intumbero zibiri: (1) Yezu ‘yokwicaye iburyo bw’Imana’ gushika atikije abansi biwe. (2) Yezu yobaye “umuherezi gushika igihe kitagira urugero mu buryo bwa Melekisedeki.” (Soma Zaburi 110:1, 2, 4.) Kubera iki yobaye umuherezi “mu buryo bwa Melekisedeki”? Kubera ko Melekisedeki Umwami wa Salemu yabaye “umuherezi w’Imana Musumbavyose” hagisigaye igihe kirekire ngo abakomoka kuri Aburahamu batorane ca Gihugu c’isezerano. (Heb. 7:​1-3) Yehova ubwiwe ni we yari yaramugenye muri ayo mabanga. Ni we wenyene avugwa mu Vyanditswe vy’igiheburayo ko yabaye umwami n’umuherezi. Vyongeye, kubera ko ata wamwitangiye imbere canke ngo amusubirire, arashobora kwitwa “umuherezi ibihe vyose,” ni ukuvuga ibihe bidahera.

17 Yezu yagenywe ngo abe umuherezi biciye kw’isezerano Yehova ubwiwe yagiraniye na we, kandi azoguma ari “umuherezi gushika igihe kitagira urugero mu buryo bwa Melekisedeki.” (Heb. 5:​4-6) Ivyo birerekana neza ko Yehova yiyemeje gukoresha Ubwami bwa Mesiya kugira ashitse umugambi yari afitiye abantu bo kw’isi mu ntango.

w06 1/9 14 ing. 1

Ibikurubikuru vyo mu Gitabu ca Gatanu ca Zaburi

110:​4​—Indahiro Yehova ‘yarahiye ata kwicuza’ ni iyihe? Iyo ndahiro ni rya sezerano Yehova yagiranira na Yezu Kirisitu ry’uko yobaye Umwami n’Umuherezi Mukuru.​—Luka 22:​29.

w12 15/5 22 ing. 2

Ibibazo vy’abasomyi

Igihe hariko harashikirizwa insiguro y’amaziko y’umukirisu, ntibibereye kwerekeza ibivugwa muri Zaburi 116:​15 kuri uwo muntu yapfuye, naho nyene aba yapfuye ari umusavyi wa Yehova w’intahemuka. Kubera iki? Kubera ko amajambo y’uwo mwanditsi w’amazaburi afise insobanuro yagutse kuruta. Asobanura ko Imana itazoreka ngo intahemuka zayo zose uko zigize umugwi zipfe kubera ko ibona ko ziri n’agaciro kanini.​—Raba Zaburi 72:​14; 116:8.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika