ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 28:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 28 “Nayo wewe, niwigize hafi yawe Aroni mwene wanyu n’abahungu biwe bari kumwe na we, ubakuye hagati muri bene Isirayeli, kugira ankorere bwa muherezi+: Aroni+ n’abahungu biwe, ari bo Nadabu na Abihu+, Eleyazari na Itamari+.

  • Kuvayo 39:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 39 Muri za nyuzi z’ubururu n’ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura n’igitambara c’ibara ry’agahama+, bakora impuzu+ z’injishano zo kwambara mu gukora igikorwa c’ahantu heranda+. Nuko bakora za mpuzu nyeranda+ za Aroni, nk’uko Yehova yari yategetse Musa.

  • Abalewi 8:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Amaherezo asuka ku mutwe wa Aroni makeyi kuri ya mavuta yo kurobanuza, aramurobanura, kugira ngo yezwe+.

  • Guharura 16:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Maze abwira Kora n’ikoraniro ryiwe ryose ati: “Mu gitondo Yehova azomenyesha uwumwegukira uwo ari we+ n’uwuri mweranda+ n’uwutegerezwa kwegera hafi yiwe+, kandi uwo azotora+ wese ni we azokwegera hafi yiwe.

  • Guharura 17:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Kandi ibi ni vyo bizoba: umugabo nzotora+, inkoni yiwe izonaga, kandi nzohwamika ata gukeka imyidodombo+ ya bene Isirayeli imveko, iyo bariko babidodombera+.”

  • Guharura 17:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Nuko ku musi ukurikira, Musa yinjiye mw’ihema ry’Igishingantahe, ehe inkoni ya Aroni ku bw’inzu ya Lewi yari yanaze, kandi yariko izana iminago yongera ishurika amashurwe, kandi yariko yama shakedi zihiye.

  • Zaburi 99:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  6 Musa na Aroni bari mu baherezi biwe+,

      Samweli na we yari mu bambaza izina ryiwe+.

      Barahamagara Yehova, na we akabitaba+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika