4 Nuko abantu batuma i Shilo maze bakurayo isandugu y’isezerano rya Yehova nyen’ingabo, umwe yicara ku bakerubi*+. Kandi ba bahungu babiri ba Eli, ari bo Hofuni na Finehasi+, bari ng’aho bari kumwe n’isandugu y’isezerano ry’Imana y’ukuri.
15 Nuko Hezekiya atangura gusengera+ imbere ya Yehova ati: “Ewe Yehova Mana ya Isirayeli+, wewe wicaye ku bakerubi*+, ni wewe wenyene uri Imana y’ukuri y’ubwami+ bwose bw’isi+. Ni wewe wakoze amajuru+ n’isi+.