ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 25:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 Kandi nzoseruka imbere yawe ng’aho, mvuganire nawe hejuru y’umurumyo+, hagati ya ba bakerubi babiri bari kw’isandugu y’igishingantahe, eka ivyo nzogutegeka vyose ku bwa bene Isirayeli+.

  • Guharura 7:89
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 89 Igihe cose Musa yinjiye mw’ihema ry’ihuriro kuvugana n’Imana+, yarumva ijwi riyaga na we rivuye hejuru y’umurumyo+ wari kw’isandugu y’igishingantahe, rivuye hagati ya ba bakerubi* babiri+; kandi Imana yaravugana na we.

  • 1 Samweli 4:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Nuko abantu batuma i Shilo maze bakurayo isandugu y’isezerano rya Yehova nyen’ingabo, umwe yicara ku bakerubi*+. Kandi ba bahungu babiri ba Eli, ari bo Hofuni na Finehasi+, bari ng’aho bari kumwe n’isandugu y’isezerano ry’Imana y’ukuri.

  • 2 Samweli 6:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Maze Dawidi n’abantu bose bari kumwe na we barahaguruka, baja i Bayale-yuda+ kudugana isandugu+ y’Imana y’ukuri bayikuye ng’aho, iyitirirwa izina ryiwe, izina+ rya Yehova nyen’ingabo*+, uwicaye ku bakerubi*+.

  • 2 Abami 19:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Nuko Hezekiya atangura gusengera+ imbere ya Yehova ati: “Ewe Yehova Mana ya Isirayeli+, wewe wicaye ku bakerubi*+, ni wewe wenyene uri Imana y’ukuri y’ubwami+ bwose bw’isi+. Ni wewe wakoze amajuru+ n’isi+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika