ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Daniyeli 7:25
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 25 Azovuga mbere amajambo yo kurwanya Musumbavyose+, kandi azoguma atoteza aberanda ba Rudasumbwa+. Azokwiyumvira guhindura igihe+ be n’itegeko+, kandi bazotangwa mu kuboko kwiwe kumara igihe, n’ibihe be n’igice c’igihe+.

  • Daniyeli 12:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Nuko ntangura kwumva wa muntu yambaye impuzu y’ilino, wa wundi yari hejuru y’amazi y’umugezi, igihe yari adugije ukuryo kwiwe n’ukubamfu kwiwe yerekeza mu majuru akarahira+ Umwe abaho igihe kitagira urugero+, ngo: “Ni ivy’igihe cashinzwe, ibihe vyashinzwe, n’igice+. Kandi ukujanjagura inkomezi z’aberanda nikwamara kurangira+, ivyo vyose bizoshika kw’iherezo ryavyo.”

  • Luka 21:24
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 24 kandi bazoririkwa n’ubugi bw’inkota bongere batwarwe ari imbohe mu mahanga yose+; kandi Yeruzalemu hazohonyangwa n’amahanga, kugeza ibihe vyashinzwe+ vy’amahanga birangutse.

  • Ivyahishuwe 12:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Mugabo amababa abiri ya ya nkona nini+ ahabwa uwo mugore, kugira ngo aguruke aje mu gahinga+ mu kibanza ciwe; aho ni ho agaburirirwa+ igihe n’ibihe n’igice c’igihe+, kure ya ya nzoka+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika