Ku muyobozi, kuri Nehiloti. Agahibongozo ka Dawidi.
5 Tega ugutwi amajambo yanje+, ewe Yehova;
Tahura ukuniha kwanje.
2 Umviriza ijwi ry’ugutabaza kwanje+,
Ewe Mwami wanje+ n’Imana yanje, kuko ari wewe nsenga+.
3 Ewe Yehova, mu gitondo uzokwumva ijwi ryanje+;
Mu gitondo nzokwitura, ngume ngavye+.
4 Kuko utari Imana ihimbarwa n’ububisha+;
Nta mubi yobana nawe akanya na gatoyi+.
5 Nta birata bohagarara imbere y’amaso yawe+.
Uranka koko abaza barakora ibintu bibabaza bose+;
6 Uzorandura abavuga ikinyoma+.
Umuntu asesa amaraso+ kandi akoresha ubuhendanyi+ Yehova aramwanka urunuka.
7 Nayo jewe, mu bwinshi bw’ubuntu bwuzuye urukundo bwawe+
Nzokwinjira mu nzu yawe+,
Nzokwunama nerekeza ku rusengero rwawe rweranda ngutinya+.
8 Ewe Yehova, nunyobore mu bugororotsi bwawe+ kubera abansi banje+;
Sena inzira yawe imbere yanje+.
9 Kuko mu kanwa kabo ata kintu co kwizigirwa kiriyo+;
Imbere muri bo ni amarushwa gusa+.
Umuhogo wabo ni imva irangaye+;
Bakoresha akarimi gasosa+.
10 Imana ntizobura kubabona nk’abagirwa n’icaha+;
Bazogwa kubera inama zabo bwite+.
Mu bigabitanyo vyabo indiri nibashwiragire+,
Kuko bakugararije+.
11 Ariko abahungira muri wewe bose bazonezerwa+;
Gushika igihe kitagira urugero, bazokwiha akamo k’umunezero+.
Nawe uzozibira inzira ishika aho bari,
Kandi abakunda izina ryawe bazokwigina muri wewe+.
12 Kuko ubwawe uzohezagira umuntu wese w’umugororotsi+, ewe Yehova!
Uzobakikuza ugushimwa+, nk’aho ukoresheje inkinzo+ yagutse.