Yosuwa
3 Nuko Yosuwa avyuka kare mu gitondo, maze we hamwe na bene Isirayeli bose baragenda bavuye i Shitimu+, bashika kuri Yorodani; barara ng’aho imbere y’uko bajabuka.
2 Ya misi itatu irangiye+, abarongozi+ batangura guca hagati mw’ikambi 3 no gutegeka abantu bati: “Mukimara kubona isandugu y’isezerano rya Yehova Imana yanyu n’abaherezi, Abalewi, bayireruye+, muzoce mugenda muvuye aho muri, muyikurikire. 4 Yamara, hagati yanyu na yo haze habe umwanya ureha n’amatambwe* nk’ibihumbi bibiri+; ntimuze muyegere. Gutyo muzoshobora kumenya inzira mukwiye kujana, kuko mutari bwigere mujabukana iyo nzira.”
5 Nuko Yosuwa abwira abantu ati: “Mwiyeze+, kuko ejo Yehova azokora ibintu vy’agatangaza hagati muri mwebwe+.”
6 Maze Yosuwa abwira abaherezi ati: “Nimutore isandugu y’isezerano+ hanyuma mugende imbere y’abantu.” Batora rero isandugu y’isezerano hanyuma baja imbere y’abantu.
7 Yehova abwira rero Yosuwa ati: “Uyu musi ndaza gutangura kukugira uwukomeye mu maso ya Isirayeli yose+, kugira bamenye yuko, nk’uko nabanye na Musa+, nzobana nawe+. 8 Nawe, uze utegeke+ abaherezi bareruye isandugu y’isezerano uti: ‘Nimwamara gushika ku mubari w’amazi ya Yorodani, muze muhagarare+ muri Yorodani.’”
9 Yosuwa abandanya kubwira bene Isirayeli ati: “Nimwegere ng’aha mwumvirize amajambo ya Yehova Imana yanyu.” 10 Hanyuma Yosuwa avuga ati: “Iki ni co muzomenyerako yuko Imana nzima iri hagati muri mwebwe+, be n’uko izokwirukana ata kabuza imbere yanyu Abanyakanani n’Abaheti n’Abahiwi n’Abaperizi n’Abagirugashi n’Abamori n’Abayebusi+. 11 Ehe isandugu y’isezerano ry’Umukama w’isi yose igira ibaje imbere muri Yorodani. 12 Ubu rero nimwitorere abagabo cumi na babiri bo mu miryango ya Isirayeli, umugabo umwe ku muryango umwumwe wose+. 13 Ibirenge vy’abaherezi bareruye isandugu ya Yehova Umukama w’isi yose nivyaba bigihonyora mu mazi ya Yorodani, amazi ya Yorodani azocibwamwo kubiri, amazi amanuka ava ruguru, kandi azohagarara abe urugomero+ rumwe.”
14 Nuko aho abantu baviriye mu mahema yabo, imbere gatoyi y’uko bajabuka Yorodani, imbere yabo hakaba hari abaherezi bareruye isandugu+ y’isezerano, 15 kandi abareruzi b’Isandugu bakimara gushika kuri Yorodani, hanyuma ibirenge vy’abaherezi bareruye Isandugu bikadibikwa ku mubari w’amazi (urwo Yorodani ruhora rurenga inkombe+ zarwo zose imisi yose y’iyimbura), 16 amazi yariko amanuka avuye ruguru aca arahagarara. Araduga aba urugomero+ rumwe kure cane i Adamu, igisagara kiri iruhande ya Zaretani+, mugabo ayamanuka ku kiyaga co muri Araba, ikiyaga c’Umunyu+, arahera. Agaburwamwo kubiri, maze abantu bajabukira aharabana na Yeriko. 17 Muri ico gihe, abaherezi bareruye isandugu y’isezerano rya Yehova baguma bahagaze badakoma ku butaka bwumutse+ hagati muri Yorodani mu gihe Isirayeli yose yariko ijabuka iciye ku butaka bwumutse+, gushika ihanga ryose rirangije kujabuka Yorodani.