37 “Koko ivyo bituma umutima wanje utangura kujugumira+,
Ugasimbasimbira mu kibanza cawo.
2 Nimwumvirize mwitonze ukwasana kw’ijwi ryayo+,
N’ukuroha gusohokana mu kanwa kayo.
3 Munsi y’amajuru yose irakurekura,
Umuravyo+ wayo ugashika ku mpera z’isi.
4 Inyuma yawo ijwi rirasana;
Iraturagara+ n’ijwi ry’ubukuru bwayo+,
Kandi yo ntibitangira iyo ijwi ryayo ryumvikanye+.
5 Imana ituragara n’ijwi+ ryayo mu buryo butangaje,
Igakora ibintu bikomeye tudashobora kumenya+.
6 Kuko ibwira shelegi iti: ‘Gwa ugana kw’isi+,’
Ikabibwira n’isegenya ry’imvura, mbere n’isegenya ry’imvura yayo ikomeye+.
7 Ku kuboko kw’umuntu wese yakuwe mw’ivu ihashira ikidodo kirumya
Ngo umuntu buntu wese amenye igikorwa cayo.
8 Igikoko kiza mu kibundo,
Mu bwikingo bwaco ni ho cibera+.
9 Umuyaga w’ikirura uzanana mu cumba+,
Ubukanye na bwo bukazanana n’imiyaga yo mu buraruko+.
10 Biciye ku mpemu z’Imana, ibibarafu biraboneka+,
Ubwaguke bw’amazi na bwo bukaguma butangiriwe+.
11 Egome, igicu ikiremereza akabombera,
Umuco+ wayo urasanzaza ikigwi c’igicu,
12 Kandi bizungurutswa inzinguzingu iyo ibiyoboye ku bw’igikorwa cavyo
Aho hose iba ibitegetse+ ku butaka bwimbuka bw’isi.
13 Haba ku bw’inkoni+ canke ku bw’igihugu cayo+
Canke ku bw’ubuntu bwuzuye urukundo+, ituma bigira ico bivamwo.
14 Tega ugutwi ibi, Yobu we;
Hagarara uzirikane ibikorwa vy’agatangaza vy’Imana+.
15 Mbega urazi igihe Imana yabigenera itegeko+,
N’igihe yatuma umuco w’igicu cayo uca ibibatsi?
16 Mbega urazi ingene ibicu bihagarara mu kirere ata kuyumbayumba+,
Ibikorwa vy’agatangaza vy’Umwe atagira akanenge mu bumenyi+?
17 Urazi ingene impuzu zawe zishuha
Igihe isi iba ari impore guhera mu bumanuko+?
18 Mbega ufatanije na yo woshobora guhondagura amajuru+
Agumaraye nk’icirore c’icuma gishongeshejwe?
19 Tumenyeshe ivyo dukwiye kuyibwira;
Ntidushobora kuronka amajambo kubera umwiza.
20 Yoba ikwiye kubwirwa ko ngomba kuvuga?
Canke hari uwigeze kuvuga yuko izobimenyeshwa+?
21 Ubu mu vy’ukuri ntibabona umuco;
Urakayangana mu majuru,
Iyo umuyaga urenganye ukabikubura.
22 Ubwiza bwakaka nk’inzahabu buzananye mu buraruko.
Iteka+ riri ku Mana rirateye ubwoba.
23 Ariko Mushoboravyose we, ntitwamumenye+;
Ni agahebuza mu bubasha+,
Kandi ubutungane+ be n’ubwinshi bw’ubugororotsi+ ntazobigaya+.
24 Abantu rero nibamutinye+.
Ntaraba n’umwe mu bari inkerebutsi mu mutima wabo+.”