16 Yobu arishura ati:
2 “Numvise vyinshi nk’ivyo.
Mwese muri abahoza batera umubabaro+!
3 Burya amajambo y’umuyaga+ aragira iherezo?
Canke ubabajwe n’iki, ku buryo unyishura?
4 Na jewe nari gushobora kuvuga nkamwe.
Iyaba mwari aho ndi,
Ubwo nari kugwiza amajambo ndabanegura+,
Nkabazungiriza umutwe+?
5 Nari kubakomeza n’amajambo y’akanwa kanje+,
Kandi ukwirura kw’iminwa yanje kwotururuje . . .
6 Mvuze, umubabaro wanje ntutururuzwa+,
Ndetse na ho, ikigabanuka kuri jewe ni igiki?
7 Ni uko gusa ubu yatumye ndambirwa+;
Yatumye abakoranira hamwe nanje bose basigara bifumbereje.
8 Kandi urancakiye. Bibaye icabona+,
Ku buryo ukunanuka kwanje kumpagurukira. Kurashinga intahe mu maso hanje.
9 Ishavu ryiwe ryantabaguye, ambikira akazikira+.
Ampekenyera amenyo+.
Umurwanizi wanje ubwiwe anzuriye amaso+.
10 Bantabururiye umunwa+,
Amatama yanje bayakubise iceyi,
Bankoraniye ari isinzi+.
11 Imana ingabura ku duhungu dutoyi,
Ikancuranguriza mu maboko y’ababisha+.
12 Nari nitekaniye, ariko itangura kunzungagiza+;
Insumira ku gakanu itangura kunsavya,
Ingira ico itumberezako imyampi.
13 Abarashi+ bayo barankikuje;
Insatura amafyigo+ ntiyumve impuhwe;
Isesa hasi indurwe yanje.
14 Iguma intobagura ngasigara ndi ibihengeri;
Inyirukako nk’umunyenkomezi+.
15 Nshoneye igunira+ ku rukoba rwanje,
Nzitse ihembe ryanje mu mukungugu+.
16 Mu maso hanje hatukujwe n’ukurira+,
Ku bigohe vyanje na ho hari igitutu kizitanye+,
17 Naho ata bukazi buri ku biganza vyanje,
N’isengesho ryanje rikaba rityoroye+.
18 Ewe wa si we, ntupfuke amaraso+ yanje!
Kandi ntihaboneke ikibanza c’amaborogo yanje!
19 N’ubu raba! Mu majuru hariho uwunshingira intahe,
Kandi icabona canje kiri iyo hejuru+.
20 Abagenzi banje ni abavugizi bandwanya+;
Ijisho ryanje riguma rihanze Imana ata kugoheka+.
21 Kandi umuntu w’umugabo be n’Imana babwirizwa gutaturwa,
Nka kurya kw’umwana w’umuntu na mugenziwe+.
22 Kuko hasigaye imyaka mikeyi gusa,
Nkigira njanye umunyuro ntazongera kugarukana+.