12 Maze Yobu yishura ati:
2 «Emwe, womenga ni mwe mufise ubwenge mwenyene,
kandi womenga buzojana namwe nimwapfa!
3 Erega nanje ndafise ubwenge.
Nta na kimwe mundushije.
Ivyo ni nde atabizi?
4 Nsigaye ndi agatwengo kuri bagenzanje+,
kuko ntakambira Imana ngo inyishure+.
Umuntu w’umugororotsi kandi w’intungane asigaye ari agatwengo.
5 Abihiririwe barasuzugura ivyago,
bakibaza ngo bishikira abigorewe gusa.
6 Amahema y’abasuma aratekanye+,
kandi abasomborotsa Imana bibereye mu mahoro+,
bamwe bagendana imana zabo mu ntoke.
7 Ariko ndakwinginze ubaze ibikoko, na vyo bizokwigisha.
Nubaze inyoni zo mu kirere, na zo zizokubwira.
8 Niwihweze isi, na yo izokwigisha,
canke wihweze amafi yo mu kiyaga, na yo azobikubwira.
9 Mbega muri ivyo vyose,
hari ikitazi ko ukuboko kwa Yehova ari kwo kwabikoze?
10 Ubuzima bw’ibintu vyose buri mu kuboko kwiwe,
mbere n’impwemu z’abantu bose+.
11 Mbega ugutwi ntigusuzuma amajambo
nka kurya ururimi ruhonja ibifungurwa+?
12 Mbega ubukerebutsi ntibubarizwa mu basaza+,
n’ugutegera kukaba mu bafise imyaka myinshi?
13 Imana ni yo ifise ubukerebutsi n’ubushobozi+.
Ni yo ifise impanuro n’ugutegera+.
14 Ico isambuye nta wusubira kucubaka+,
kandi ico yugaye nta wushobora kucugurura.
15 Iyo igumije amazi, ibintu vyose bica vyuma+.
Iyo iyarungitse na ho, isi yose ica irengerwa+.
16 Ni yo ifise inguvu n’ubukerebutsi nyabwo+.
Uwuzimira n’uwuzimiza bose ni abayo.
17 Ituma abajanama bagenda ibirenge bisa,
igatuma abacamanza bamera nk’abasazi+.
18 Ibohora imigozi abami babohesha abantu+,
igaca ibohera umukaba mu kiyunguyungu c’abo bami.
19 Ituma abaherezi bagenda ibirenge bisa+,
igatembagaza abatsimbataye ku butegetsi+.
20 Yaka ijambo abahanuzi b’abizigirwa,
abatama na bo ikabaka ugutahura.
21 Isuzugura abanyacubahiro+,
igatuma abanyenkomezi bagoyagoya.
22 Ihishura ibintu vyimbitse ibikuye mu mwiza+,
ikazana ku muco ibintu vyari mu mwiza w’umuzitanya.
23 Ituma amahanga aba ayakomeye kugira iyarandure,
igatuma akarere kayo kaguka kugira iyatware mu bunyagano.
24 Ikuraho ubwenge bw’abatware,
igatuma bayerera mu gahinga katagiramwo inzira+.
25 Barakabakaba mu mwiza+, ahantu hatagira umuco.
Ituma bagenda barayerera nk’imborerwa+.