Ni indirimbo y’abariko baraduga.
132 Ewe Yehova, niwibuke Dawidi
hamwe n’amagorwa yiwe yose+.
2 Niwibuke indahiro yarahiye Yehova,
indagano yaraganiye Umunyabubasha wa Yakobo+ ati:
3 «Sinzokwinjira mw’ihema ryanje, mu nzu yanje+.
Emwe sinzoryama ku buriri bwanje, ku gitanda canje.
4 Sinzokundira amaso yanje gusinzira
canke ngo nemere gutora agatiro,
5 ntararonkera Yehova ikibanza,
ahantu heza Umunyabubasha wa Yakobo yoba+.»
6 Ivyayo twavyumviye i Efurata+,
maze tuyisanga mu karere k’amashamba+.
7 Nimuze twinjire ahantu aba+,
twuname imbere y’intebe y’ibirenge vyiwe+.
8 Haguruka Yehova, uze ahantu uruhukira+,
wewe n’Isandugu y’inkomezi zawe+.
9 Ese abaherezi bawe bokwambikwa ubugororotsi,
intahemuka zawe na zo zikavuza akaruru k’umunezero!
10 Girira neza umusavyi wawe Dawidi,
ntute uwo warobanuje amavuta+.
11 Yehova yararahiye Dawidi,
kandi ntazogenda yivuguruje.
Yavuze ati: «Nzoshira ku ntebe yawe y’ubwami
uwo mu ruvyaro rwawe+.
12 Abana bawe nibagumya isezerano ryanje
n’ivyibutswa vyanje ndabigisha+,
abana babo na bo nyene
bazokwicara ku ntebe yawe y’ubwami ibihe vyose+.»
13 Kuko Yehova yatoye Siyoni+,
ni ho yashimye kuba+.
14 Yavuze ati: «Aha ni ho nzoruhukira ibihe vyose.
Ni ho nzoba+, kuko ari ho nashimye.
15 Nzohezagira iki gisagara kibemwo ibifungurwa vyinshi,
ntume abakene baho bahaga umukate+.
16 Abaherezi baho nzobambika ubukiriro+,
kandi intahemuka zaho zizovuza akaruru k’umunezero+.
17 Aho ni ho nzokwongerereza inguvu Dawidi.
Narateguriye itara uwo narobanuje amavuta+.
18 Abansi biwe nzobambika ibimaramare,
ariko urugori rwo ku mutwe wiwe ruzoguma rwakaka+.»