Zaburi
Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni indirimbo. Ni zaburi.
66 Nimuvugirize impundu Imana, mwese ababa kw’isi+!
2 Nimuririmbire amashemezo* izina ryayo rininahaye.
Nimuyininahaze mu kuyishemeza+.
3 Nimubwire Imana muti: «Ese ukuntu ibikorwa vyawe biteye ubwoba+!
Abansi bawe bazojugumira imbere yawe+,
kubera ububasha bwawe bwinshi.
5 Nimuze murabe ibikorwa vy’Imana.
Ivyo ikorera abana b’abantu birateye ubwoba+.
Aho ni ho twanezererewe kubera ivyo yadukoreye+.
7 Iganza ibihe vyose+ kubera ububasha bwayo.
Amaso yayo aguma yihweza amahanga+.
Intagondwa ntizikwiye kwishira hejuru+. (Sela)
11 Wadushize mu rusenga rw’uruhigi,
uturemeka umuzigo uremereye cane.
12 Wararetse abantu baraduhonyanga*.
Twaraciye mu muriro no mu mazi,
uraheza utuzana ahantu turuhukira.
13 Nzokwinjira mu nzu yawe nitwaje amashikanwa aturirwa uko yakabaye+.
Nzoshitsa indagano nagusezeraniye+,
14 izo navuze n’iminwa yanje+,
nkazivuga n’akanwa kanje igihe nari mu vyago.
15 Nzogushikanira amashikanwa aturirwa agizwe n’ibitungwa binuze
hamwe n’umwotsi w’ibimazi vy’impfizi z’intama.
Nzogushikanira impfizi z’inka n’amasuguru y’impene. (Sela)
17 Narayihamagaye n’akanwa kanje,
nongera ndayihayagiza n’ururimi rwanje.