ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abalewi 25:36
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 36 Ntumwake inyungu canke ngo umuce amaboko+, mugabo utegerezwa gutinya Imana yawe+; kandi mwene wanyu ategerezwa kuguma ari muzima kumwe nawe.

  • Nehemiya 5:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Ariko ba buramatari ba kera banyitangiye imbere bari bararemereje abantu, bakaguma babaka shekeli mirongo ine z’ifeza ku musi ku musi zigenewe umukate n’umuvinyu. Vyongeye, abasuku babo bariganza ku bantu+. Mugabo jewe sinagize gutyo+ kubera ugutinya Imana+.

  • Yobu 28:28
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 28 Ni ko kubwira umuntu iti:

      ‘Raba! Ugutinya Yehova, ubwo ni bwo bukerebutsi+,

      Kandi guca kure ikibi ni kwo gutegera+.’”

  • Imigani 8:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Ugutinya Yehova gusobanura kwanka ibibi+. Ukwishira hejuru n’ubwishime+ n’inzira mbi be n’akanwa kagoramye+, naravyanse.

  • Umusiguzi 8:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Naho umucumuzi yokora ibibi+ incuro ijana kandi akabandanya igihe kirekire akora uko ashaka, ndazi yuko abatinya Imana y’ukuri bizobagendera neza+, kuko bayitinye+.

  • Malaki 1:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 “‘Umwana aratera iteka se+, n’umusuku agatera iteka shebuja wiwe ahambaye+. None nimba ndi so+, iteka ryanje riri hehe+? Kandi nimba ndi Shobuja Ahambaye, ukuntinya+ kuri hehe?’ ni ko Yehova nyen’ingabo ababwiye, yemwe baherezi musuzugura izina ryanje+.

      “‘Namwe mwavuze muti: “Izina ryawe twarisuzuguye gute?”’

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika