ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Esiteri 3:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Nuko biciye ku ntwarabutumwa+ barungikira ayo makete intara z’ubutware zose z’umwami, kugira ngo bazimanganye, bice, barandure Abayuda bose, umusore n’umutama, abana batoyi n’abagore, ku musi umwe+, ku musi ugira cumi na gatatu w’ukwezi kwa cumi na kabiri, ari kwo kwezi kwa Adari+, no kugira ngo basahure ibintu vyabo+.

  • Esiteri 9:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 abahungu cumi+ ba Hamani+ mwene Hamedata, umwe yanka Abayuda+; mugabo ntibashorera ukuboko kwabo kw’isahu+.

  • Esiteri 9:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Abayuda bari i Shushani bakoranira hamwe no ku musi ugira cumi na kane+ w’ukwezi kwa Adari, bica i Shushani abagabo amajana atatu; mugabo ntibashorera ukuboko kwabo kw’isahu+.

  • Esiteri 9:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Abasigaye mu Bayuda bari mu ntara z’ubutware+ z’umwami na bo bakoranira hamwe, barirwanira+, bihora+ abansi babo, bica mu babanka abantu ibihumbi mirongo irindwi na bitanu; mugabo ntibashorera ukuboko kwabo kw’isahu,

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika