ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 119:53
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  53 Umururumbo w’ubushangashirwe waramfashe kubera ababisha+

      Baheba itegeko ryawe+.

  • Ezekiyeli 9:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Hanyuma Yehova amubwira ati: “Nuce hagati mu gisagara, hagati muri Yeruzalemu, ushire ikimenyetso ku ruhanga rw’abantu baniha bakongera bakaboroga+ kubera ibintu biteye ishishi vyose biriko bikorerwa hagati muri co+.”

  • Ezekiyeli 22:26
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 Abaherezi baco bagiriye ivy’ubukazi itegeko ryanje+, kandi baguma bahumanya ibibanza vyanje vyeranda+. Ntibashize itandukaniro+ hagati y’ikintu ceranda n’igisanzwe+, kandi nta tandukaniro bamenyesheje hagati y’igihumanye n’ikidahumanye+, kandi bahishije amaso yabo amasabato yanje+, ndahumanywa hagati muri bo+.

  • Hoseya 4:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Abantu banje bazonumishwa koko, kuko ata bumenyi buhari+. Ko wewe wataye ubumenyi+, nanje nzoguta ntiwongere kumbera umuherezi+; ko uguma wibagira itegeko ry’Imana yawe+, nanje rero nzokwibagira abana bawe+.

  • Amosi 2:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Kubera imigararizo itatu ya Yuda+, kandi kubera ine, sinzobisubiza inyuma, kuko bataye itegeko rya Yehova+, no kubera ko batagumije ingingo nyobozi ziwe; ariko ibinyoma vyabo+ ba sekuruza babo bari barakurikiye, vyagumye bituma bangara+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika