Umusiguzi
6 Hariho icago nabonye munsi y’izuba, kandi kirakunda kuba mu bantu: 2 umuntu Imana y’ukuri ikamuha ubutunzi n’amatungo n’ubuninahazwa+ kandi ntakene ikintu na kimwe acambirwa+, yamara Imana y’ukuri ntimushoboze kukiryako+ naho nyene umunyamahanga+ yoshobora kukirya. Ivyo ni ubusa, kandi ni indwara mbi. 3 Hamwe umuntu yovyara incuro ijana+, kandi akabaho imyaka myinshi, ku buryo imisi y’imyaka yiwe iba myinshi+, yamara umutima wiwe ntuhage ivyiza+, ntagire n’imva yiwe+, sinobura kuvuga yuko arutwa n’uwuvutse hataragera+. 4 Kuko uyo yaziye ubusa kandi akagenda mu mwiza, kandi izina ryiwe rizopfukwa n’umwiza+. 5 Mbere n’izuba ubwaryo nta ryo yabonye, nta n’iryo yamenye+. Uyo arafise akaruhuko kuruta urya wa mbere+. 6 Naho yoba yabayeho imyaka igihumbi kabiri yamara ntabone iciza+, mbega bose ntibaja ahantu hamwe+?
7 Igikorwa cose c’ubutame abantu bakora, bagikorera umunwa wabo+, mugabo ntibashira ipfa. 8 Kuko, ni akarusho gaki umuntu w’inkerebutsi afise ku kijuju+? Umurushwa aronka iki mu kumenya ingene agendera imbere y’abazima? 9 Kubonesha amaso biruta kwangaza umutima+. Ivyo na vyo nyene ni ubusa n’ukwiyahagura ukurikira umuyaga+.
10 Icabayeho cose, izina ryaco ryaramaze kuvugwa, kandi ico umuntu ari caramenyekanye+; kandi ntashobora kwiburanira imbere y’uwumurusha ububasha+.
11 Ko hari ibintu vyinshi bituma haba ivy’ubusa vyinshi+, none ni akarusho nyabaki umuntu aronka? 12 None ni nde azi iciza umuntu akura mu buzima+ bwiwe mu misi yose y’ubuzima bwiwe bw’ubusa, kandi ayimara nk’igitutu+? None ni nde ashobora kubwira umuntu ibizoba mu nyuma ziwe munsi y’izuba+?