ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yeremiya 41
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Yeremiya: ibirimwo

      • Ishimayeli yica Gedaliya (1-10)

      • Ishimayeli yomoka kubera Yohanani (11-18)

Yeremiya 41:1

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «mu rubuto rw’ubwami.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 25:23; Yr 40:14
  • +2Bm 25:25

Yeremiya 41:5

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «olibani.» Raba Insiguro y’amajambo (Olibani).

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 12:1
  • +Yos 18:1
  • +1Bm 16:23, 24
  • +Lw 19:27, 28; Gus 14:1
  • +Lw 2:1

Yeremiya 41:8

Utujambo tw'epfo

  • *

    Sayiri ni ubwoko bw’ingano.

Yeremiya 41:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 15:22; 2Ng 16:6

Yeremiya 41:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 40:12
  • +Yr 40:7
  • +Yr 40:14

Yeremiya 41:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 40:13; 43:2

Yeremiya 41:12

Utujambo tw'epfo

  • *

    Hashobora kandi kuvugwa ngo «y’ikidengeri kinini.»

Yeremiya 41:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 40:6

Yeremiya 41:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 41:2

Yeremiya 41:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 35:19
  • +2Bm 25:26; Yr 42:14; 43:7

Yeremiya 41:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 41:2

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Yer. 41:12Bm 25:23; Yr 40:14
Yer. 41:12Bm 25:25
Yer. 41:51Bm 12:1
Yer. 41:5Yos 18:1
Yer. 41:51Bm 16:23, 24
Yer. 41:5Lw 19:27, 28; Gus 14:1
Yer. 41:5Lw 2:1
Yer. 41:91Bm 15:22; 2Ng 16:6
Yer. 41:10Yr 40:12
Yer. 41:10Yr 40:7
Yer. 41:10Yr 40:14
Yer. 41:11Yr 40:13; 43:2
Yer. 41:14Yr 40:6
Yer. 41:16Yr 41:2
Yer. 41:17It 35:19
Yer. 41:172Bm 25:26; Yr 42:14; 43:7
Yer. 41:18Yr 41:2
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Yeremiya 41:1-18

Yeremiya

41 Mu kwezi kugira indwi, Ishimayeli+ mwene Netaniya, Netaniya mwene Elishama, aza i Mizipa kwa Gedaliya mwene Ahikamu, ari kumwe n’abagabo cumi. Ishimayeli yava mu nda y’ingoma*, akaba yari umwe mu batware bakuru b’umwami. Bariko barasangira ibifungurwa aho i Mizipa+, 2 Ishimayeli mwene Netaniya n’abo bagabo cumi bari kumwe barahaguruka bicisha inkota Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu mwene Shafani. Nuko Ishimayeli yica uwo umwami wa Babiloni yari yajeje igihugu. 3 Ishimayeli yica n’Abayuda bose bari kumwe na Gedaliya i Mizipa n’abasoda b’Abakaludaya bari ng’aho.

4 Ku musi ugira kabiri Gedaliya yishwe, ata n’umwe arabimenya, 5 haza abagabo 80 bavuye i Shekemu+, i Shilo+ n’i Samariya+. Bari bamoye ubwanwa, bitaburiyeko impuzu, bikebaguye+, bafise n’amashikanwa y’intete n’imibavu*+ bazanye ku nzu ya Yehova. 6 Nuko Ishimayeli mwene Netaniya aja guhura na bo avuye i Mizipa, agenda ararira. Abashikiriye ababwira ati: «Nimuze kwa Gedaliya mwene Ahikamu.» 7 Ariko bashitse mu gisagara, Ishimayeli mwene Netaniya n’abantu biwe barabica, babaterera mw’itangi.

8 Mugabo hari abagabo cumi muri bo baciye babwira Ishimayeli bati: «Ntutwice kuko hari ibintu vyinshi twanyegeje mu gahinga bigizwe n’ingano, sayiri*, amavuta n’ubuki.» Nuko arabareka, ntiyabicana na benewabo. 9 Imivyimba yose y’abagabo Ishimayeli yari yishe yayitaye mw’itangi rinini umwami Asa yari yarakoze kubera Bayasha umwami wa Isirayeli+. Iryo tangi ni ryo Ishimayeli mwene Netaniya yujujemwo abari bishwe.

10 Abantu bose bari basigaye i Mizipa+, Ishimayeli abagira imbohe. Harimwo n’abakobwa b’umwami n’abandi bantu bose bari basigaye i Mizipa, abo Nebuzaradani umukuru w’abacungera umwami yari yajeje Gedaliya+ mwene Ahikamu. Ishimayeli mwene Netaniya abagira imbohe, maze agenda yerekeza mu Bamoni+.

11 Yohanani+ mwene Kareya n’abakuru bose b’ingabo bari kumwe na we bumva ibibi vyose Ishimayeli mwene Netaniya yari yakoze. 12 Baca bahitana abagabo bose, baja kurwanya Ishimayeli mwene Netaniya, bamusanga hafi y’amazi menshi* i Gibeyoni.

13 Abantu bose bari kumwe na Ishimayeli baranezerwa babonye Yohanani mwene Kareya n’abakuru bose b’ingabo bari kumwe na we. 14 Nuko abantu bose Ishimayeli yari yagize imbohe abakuye i Mizipa+ barahindukira basubirana inyuma na Yohanani mwene Kareya. 15 Mugabo Ishimayeli mwene Netaniya na munani mu bantu biwe bahunga Yohanani baja mu Bamoni.

16 Yohanani mwene Kareya n’abakuru bose b’ingabo bari kumwe na we, bagarukana abantu bari basigaye bakuwe i Mizipa. Babarokoye babakuye kuri Ishimayeli mwene Netaniya aho amariye kwica Gedaliya+ mwene Ahikamu. Bagarukanye abagabo, abasoda, abagore, abana n’abakozi bo ku kirimba, babakuye i Gibeyoni. 17 Nuko baragenda bashikira mu buraro bwa Kimuhamu hafi ya Betelehemu+, bakaba bashaka kuja mu Misiri+ 18 kubera gutinya Abakaludaya. Babatinya kubera ko Ishimayeli mwene Netaniya yari yishe Gedaliya mwene Ahikamu, uwo umwami wa Babiloni yari yarajeje igihugu+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika