ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ezekiyeli 10:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Nuko ubuninahazwa bwa Yehova+ butangura kuduga buvuye kuri nya bakerubi buja ku rwinjiriro rw’inzu, maze nya nzu irahava yuzura igicu+, kandi ikigo ubwaco cari cuzuye ukwakaka kw’ubuninahazwa bwa Yehova.

  • Ezekiyeli 43:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Maze ubuninahazwa+ bwa Yehova bwinjira muri ya Nzu buciye muri rya rembo rifise uruhande rw’imbere ruraba mu buseruko+.

  • Ivyakozwe 7:55
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 55 Mugabo we, yuzuye impwemu nyeranda, ahanga amaso mw’ijuru, abona ubuninahazwa bw’Imana na Yezu ahagaze iburyo bw’Imana+,

  • 2 Abakorinto 3:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Kandi twese+, mu gihe twerekana nk’ivyirore ubuninahazwa bwa Yehova+ dufise mu maso hadatwikiriye, turahindurwa+ muri nya shusho nyene+ tukava mu buninahazwa tukaja mu buninahazwa+, neza na neza nk’uko bigirwa na Yehova+ we Mpwemu.

  • Ivyahishuwe 21:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 Kandi ico gisagara ntigikeneye izuba canke ukwezi ngo vyakire kuri co, kuko ubuninahazwa bw’Imana bwakiboneshereza+, kandi itara ryaco yari wa Mwagazi w’intama+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika