Agahibongozo ka Dawidi, igihe yari mu gahinga ka Yuda+.
63 Ewe Mana, uri Imana yanje, nguma nkurondera+.
Umutima wanje urakunyotewe vy’ukuri+.
Umubiri wanje urabitswe no kugucambirwa
Mu gihugu cumye kandi kirushe, hatagira amazi+.
2 Ni co gituma nakwitegereje ha hantu heranda+,
Igihe nabona inkomezi zawe n’ubuninahazwa bwawe+.
3 Kubera ko ubuntu bwuzuye urukundo bwawe ari bwiza kuruta ubuzima+,
Iminwa yanje izogukeza+.
4 Gutyo nzoguhezagira nkiriho+;
Mw’izina ryawe nzoduza ibiganza vyanje+.
5 Umutima wanje uhāze nk’uwuriye igihimba ciza kuruta ibindi, emwe, ikinure+,
Akanwa kanje na ko gashikana ishemezo gakoresheje iminwa yuzuye akamo k’umunezero+.
6 Iyo nkwibutse ndi ku buriri bwanje+,
Mu materama y’ijoro ndakuzirikana+.
7 Kuko wambereye gitabara+,
Kandi mu gitutu c’amababa yawe ndiha akamo k’umunezero+.
8 Umutima wanje wagukurikiye ubutavirira+;
Ukuryo kwawe kurangumije+.
9 Nayo abaguma bandondera ngo bankureho+,
Bazokwinjira mu bihimba vy’epfo rwose vy’isi+.
10 Bazotangwa ku bubasha bw’inkota+;
Bazocika umugabane w’imbwebwe+.
11 Kandi umwami ubwiwe azonezererwa Imana+.
Uwo wese ayirahira azokwirata+,
Kuko akanwa k’abavuga ibinyoma kazozibwa+.