Urutonde rw’Ishure ry’Igikenurwa ca Gitewokarasi Mu 2000
Ibikurikizwa
Mu mwaka w’2000 ibikurikira ni vyo biringanijwe ngo bizokurikizwe igihe Ishure ry’Igikenurwa ca Gitewokarasi rizoba ririko rirarongorwa.
ISOKO RY’AMAYAGWA: Bibiliya Yera, Umunara w’Inderetsi [w-RU], Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya [my-RU], Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare [fl-RU], ni vyo bizoba ishimikiro ry’ibigabu.
Ishure rikwiye gutangura KU GIHE n’ururirimbo, isengesho, n’amajambo magufi y’ikaze. Si ngombwa ngo havugwe ibiri ku rutonde biza gushikirizwa. Igihe umucungezi w’ishure yinjiza igihimba kimwekimwe cose, aravuga ikiganiro kiza kwihwezwa. Nimubigenze ugukurikira:
IKIGABU NO. 1: Iminuta 15. Ico gikwiye gushikirizwa n’umukurambere canke umukozi w’ishengero, kikazoba gishimikiye ku Munara w’Inderetsi. Gikwiye gushikirizwa nk’insiguro ncishabwenge y’iminuta 15 itagira isubiramwo ryo kubaza ibibazo. Igihe gishimikiye ku kiganiro co kwiga, gikwiye gushikirizwa nk’insiguro y’iminuta iva kw’10 gushika kw’12, hagakurikira isubiramwo ry’iminuta iva kuri 3 gushika kuri 5 hakoreshejwe ibibazo vyanditswe muri ico kinyamakuru. Intumbero ntikwiye kuba ukurangiza amayagwa gusa, ahubwo ikwiye kuba ukwerekeza ubwenge ku co amayagwa ashikirijwe amaze mu buzima, hakerekanwa ivyorushiriza gufasha ishengero. Umutwe werekanywe ukwiye gukoreshwa.
Abavukanyi bashingwa iyo nsiguro bakwiye kuraba neza kugira ntibarenze umwanya. Impanuro yo mu mwiherero yoshobora gutangwa mu gihe bikenewe canke igihe uwatanze insiguro abisavye.
IVYIYUMVIRO BIKURUBIKURU VYO MU GISOMWA CA BIBILIYA: Iminuta 6. Ico gikwiye gushikirizwa n’umukurambere canke umukozi w’ishengero azohuza ayo mayagwa n’ibikenewe iwanyu, mu buryo bushitse. Nta mutwe w’ikiganiro ukenewe. Ntikwiye kuba gusa incamake y’igisomwa catanzwe. Isubiramwo mfatirahamwe ry’imisegunda 30 gushika kuri 60 ry’ibigabane vyatanzwe rishobora gushirwamwo. Intumbero nyamukuru ariko, ni ugufasha abumviriza gutahura igituma n’ukuntu ayo mayagwa adufitiye akamaro. Umucungezi w’ishure azoca arungika abanyeshure mu masomero yabo atandukanye.
IKIGABU NO. 2: Iminuta 5. Ni ugusoma muri Bibiliya amayagwa yatanzwe, kugashingwa umuvukanyi. Ivyo ni ko bizogenda mw’ishure rikuru be no mu migwi yiyongereyeko. Ibigabu bisaba ugusoma mu bisanzwe ni bigufi bihagije kugira ngo bihe abanyeshure uburyo bwo kugira amajambo bashikiriza mu gutangura no mu gusozera. Amakuru y’ivyabaye, insobanuro zo mu vy’ubuhanuzi canke mu vy’inyigisho, hamwe n’ukuntu ingingo zirimwo zokurikizwa, vyoshobora gushirwamwo. Imirongo yose yatanzwe ikwiye gusomwa ata guhagarika. Birumvikana, mu gihe imirongo y’ugusoma idakurikirana, umunyeshure ashobora kuvuga umurongo ugusoma kubandanirizako.
IKIGABU NO. 3: Iminuta 5. Ico kizoshingwa umuvukanyikazi. Ivyo azoshikiriza bizoba bishimikiye kuri Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya. Gishobora gushikirizwa mu buryo bw’ugushinga intahe akaryo kizanye, ugusubira kuraba uwo twaganiriye, canke inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana, kandi Abagishikiriza bashobora kuba bicaye canke bahagaze. Umucungezi w’ishure azokwitaho canecane uburyo nya munyeshure aja gushikiriza amayagwa ajanye n’umutwe w’ikiganiro ciwe, n’ingene afasha uwo muntu canke uwo mwana aganirizwa, kugira ngo azirikane ku vyanditswe. Umunyeshure yashinzwe ico kigabu akwiye kuba azi gusoma. Umufasha umwe azogenwa n’umucungezi w’ishure, ariko uwundi mufasha yongeweko arashobora gukoreshwa. Igikwiye kwitwararikwa cane si ubwoko bw’ugushinga intahe bwakoreshejwe, ariko ni uburyo Bibiliya yakoreshejwe neza.
IKIGABU NO. 4: Iminuta 5. Ico kiganiro kizoba gishimikiye ku gitabu Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare, kikazoshingwa umuvukanyi. Ni insiguro ikwiye gutangwa hazirikanwa abumviriza bari mu Ngoro y’Ubwami.
*URUTONDE RW’UGUSOMA BIBILIYA RURENGEJWEKO: Urwo rwerekaniwe mu tuzitizo nyemfuruka inyuma y’inomero y’ururirimbo rw’umushamvu umwumwe wose. Umuntu akurikiye urwo rutonde, agasoma impapuro nka cumi ku mushamvu, Bibiliya yose uko ingana ashobora kuyisoma mu myaka itatu. Nta bihimba vyo kuri porogarama y’ishure canke mw’isubiramwo ryandikwa bishimikiye kuri urwo rutonde rw’ugusoma rurengejweko.
IBIMENYESHEJWE: Ushaka izindi nsobanuro z’inyongera ku vyerekeye impanuro, umwanya washinzwe, amasubiramwo yandikwa, hamwe n’itegura ry’ibigabu, tugusavye kuraba urupapuro 3 rw’Igikorwa Dukorera Ubwami co muri Munyonyo 1996.
URUTONDE
3 Nzero Igisomwa ca Bibiliya: Gusubira mu vyagezwe 4-6
Ururirimbo No. 9 [*Yeremiya 49-52]
No. 1: Iyi Yoba vy’Ukuri Ari yo Misi y’Iherezo? (w97-RU 1/4 rup. 4-8)
No. 2: Gusubira mu vyagezwe 6:4-19
No. 3: Ni Ibiki Imana Yatanguye Kurema? (my-RU Inkuru ya 1)
No. 4: Ni Iki Cotuma Umubano wo mu Rugo Ubamwo Agahimbare? (fl-RU rup. 5-10 ing. 1-17)
10 Nzero Igisomwa ca Bibiliya: Gusubira mu vyagezwe 7-10
Ururirimbo No. 49 [*Gucura intimba 1-5]
No. 1: Gukora Ibintu vy’Amabanga mw’Izina ry’Umwami (w97-RU 1/6 rup. 5, 6)
No. 2: Gusubira mu vyagezwe 8:1-18
No. 3: Imana Itegura Isi (my-RU Inkuru ya 2)
No. 4: Garagaza Ubukerebutsi mu Vyerekeye Uwo Muzokwubakana Uwo Ari We. (fl-RU rup. 11-13 ing. 1-6)
17 Nzero Igisomwa ca Bibiliya: Gusubira mu vyagezwe 11-14
Ururirimbo No. 132 [*Ezekiyeli 1-9]
No. 1: Ukugira Ibitegereka Kwawe Nikumenywe n’Abantu Bose (w98-RU 1/12 rup. 25-27 ing. 1-9)
No. 2: Gusubira mu vyagezwe 11:1-12
No. 3: Urugo Rwatanguye Gute? (my-RU Inkuru ya 3)
No. 4: Niwimenye Ukuntu Wewe Ubwawe Umeze (fl-RU rup. 13-15 ing. 7-12)
24 Nzero Igisomwa ca Bibiliya: Gusubira mu vyagezwe 15-19
Ururirimbo No. 162 [*Ezekiyeli 10-16]
No. 1: Igihe Co Gucereza n’Igihe Co Kuvuga (w98-RU 1/12 rup. 27-30 ing. 10-19)
No. 2: Gusubira mu vyagezwe 19:11-21
No. 3: Inkomoko y’Icaha (my-RU Inkuru ya 4)
No. 4: Tahura Ivya Mugenzawe Muzokwubakana (fl-RU rup. 15-18 ing. 13-21)
31 Nzero Igisomwa ca Bibiliya: Gusubira mu vyagezwe 20-23
Ururirimbo No. 13 [*Ezekiyeli 17-21]
No. 1: Umwana Wawe Yoba Akwiye Kuja mw’Ishure ry’Indaro? (w97-RU 1/10 rup. 29-31)
No. 2: Gusubira mu vyagezwe 20:10-20
No. 3: Ingaruka y’Icaha c’Abavyeyi Ba Mbere (my-RU Inkuru ya 5)
No. 4: Urukundo Nyakuri Ntiruhumye (fl-RU rup. 18-20 ing. 22-25)
7 Ruhuh. Igisomwa ca Bibiliya: Gusubira mu vyagezwe 24-27
Ururirimbo No. 222 [*Ezekiyeli 22-27]
No. 1: Intambwe za Mbere mu vy’Ukugendana n’Imana (w98-RU 1/12 rup. 8-10 ing. 1-12)
No. 2: Gusubira mu vyagezwe 25:5-16
No. 3: Dukunde Abavukanyi Bacu (my-RU Inkuru ya 6)
No. 4: Baba babaye Umubiri umwe (fl-RU rup. 20-23 ing. 26-32)
14 Ruhuh. Igisomwa ca Bibiliya: Gusubira mu vyagezwe 28-30
Ururirimbo No. 180 [*Ezekiyeli 28-33]
No. 1: Tugere Ikirenge mu ca Kirisitu (w98-RU 1/12 rup. 10-13 ing. 13-21)
No. 2: Gusubira mu vyagezwe 28:1-14
No. 3: Dushire Ubwoba mu Kwamamaza Inkuru Nziza (my-RU Inkuru ya 7)
No. 4: Nurimbure Imbere y’Ukwubaka (fl-RU rup. 23-25 ing. 33-39)
21 Ruhuh. Igisomwa ca Bibiliya: Gusubira mu vyagezwe 31-34
Ururirimbo No. 46 [*Ezekiyeli 34-39]
No. 1: Ubumwe bw’Isi Buzoza Gute? (w97-RU 1/11 rup. 4-7)
No. 2: Gusubira mu vyagezwe 32:35-43
No. 3: Umuryano Wuzura Isi (my-RU Inkuru y’8)
No. 4: Ubwo Uroroshe mu vy’Uguhinduka (fl-RU rup. 26-29 ing. 1-7)
28 Ruhuh. Igisomwa ca Bibiliya: Yosuwa 1-5
Ururirimbo No. 40 [*Ezekiyeli 40-45]
No. 1: Ingene Ukuri Guhindura Ubuzima (w98-RU 1/1 rup. 3-5)
No. 2: Yosuwa 2:8-16
No. 3: Tugendane na Yehova (my-RU Inkuru ya 9)
No. 4: Ivyiyumviro Biroranye mu vy’Ukumarana Inambu y’Umubiri (fl-RU 29-30 ing. 8-10)
6 Ntwar. Igisomwa ca Bibiliya: Yosuwa 6-9
Ururirimbo No. 164 [*Ezekiyeli 46–Daniel 2]
No. 1: Ishimikiro Nyakuri ry’Ukutihebura Muri Iki Gihe (w98-RU 1/2 rup. 4-6)
No. 2: Yosuwa 7:1, 10-19
No. 3: Isi ya Kera Ihera (my-RU Inkuru ya 10)
No. 4: Ntimumeranire Nabi Naho Mwoba Mutumvikanye (fl-RU rup. 31-33 ing. 11-16)
13 Ntwar. Igisomwa ca Bibiliya: Yosuwa 10-13
Ururirimbo No. 138 [*Daniel 3-7]
No. 1: Ni Kuki Amadini Ariko Asaba Ikigongwe? (w98-RU 1/3 rup. 4-6)
No. 2: Yosuwa 11:6-15
No. 3: Yehova Ni Imana y’Amahoro (my-RU Inkuru ya 11)
No. 4: Nimuseruranire Akari ku Mutima (fl-RU rup. 33-37 ing. 17-25)
20 Ntwar. Igisomwa ca Bibiliya: Yosuwa 14-17
Ururirimbo No. 10 [*Daniyeli 8–Hoseya 2]
No. 1: Bavyeyi Nimurinde Abana Banyu (w98-RU 1/3 rup. 7-10)
No. 2: Yosuwa 15:1-12
No. 3: Inkomoko y’Amadini Menshi (my-RU Inkuru ya 12)
No. 4: Terera Umukate Wawe Ku Mazi (fl-RU rup. 37-39 ing. 26-29)
27 Ntwar. Igisomwa ca Bibiliya: Yosuwa 18-20
Ururirimbo No. 105 [*Hoseya 3-14]
No. 1: Umuryango Abantu Barawukeneye (w98-RU 1/4 rup. 6-8)
No. 2: Yosuwa 18:1-10
No. 3: Uburyo Bwo Kuba Umukunzi w’Imana (my-RU Inkuru ya 13)
No. 4: Niwiheshe Icubahiro mu Gutegeka nk’Uko Bikwiriye (fl-RU rup. 40-43 ing. 1-10)
3 Ndam. Igisomwa ca Bibiliya: Yosuwa 21-24
Ururirimbo No. 144 [*Yoweli 1–Amosi 7]
No. 1: Ubwo Amatungo Yoshobora Kukuzanira Ubuhirwe? (w98-RU 1/6 rup. 4-6)
No. 2: Yosuwa 21:43–22:8
No. 3: Ni Gute Aburahamu Ari Se w’Abizera? (my-RU Inkuru ya 14)
No. 4: Umugabo Ni We Ajejwe Ibanga ryo Kurondera Ibitunga Abo mu Rugo (fl-RU rup. 44-46 ing. 11-16)
10 Ndam. Igisomwa ca Bibiliya: Abacamanza 1-4
Ururirimbo No. 43 [*Amosi 8–Mika 5]
No. 1: Ni Gute Woba Umurezi w’Intangakarorero (w98-RU 1/6 rup. 7-9)
No. 2: Abacamanza 3:1-11
No. 3: Ntiturabe Inyuma nka Muka Loti (my-RU Inkuru ya 15)
No. 4: Nutere Iteka Umukenyezi Wawe (fl-RU rup. 47-50 ing. 17-22)
17 Ndam. Igisomwa ca Bibiliya: Abacamanza 5-7
Ururirimbo No. 193 [*Mika 6–Zefaniya 1]
No. 1: Dutegekanye Hakiri Kare Kazoza k’Abacu (w98-RU 1/7 rup. 13-16)
No. 2: Abacamanza 5:24-31
No. 3: Ni Iki Kiranga Umugore Mwiza (my-RU Inkuru ya 16)
No. 4: Nushimishwe na Kamere Nziza Afise za Zina Mugore (fl-RU rup. 50-53 ing. 23-28)
24 Ndam. Isubiramwo Ryandikwa. Nimunonosore Gusubira mu vyagezwe 4–Abacamanza 7
Ururirimbo No. 91 [*Zefaniya 2–Zekariya 7]
1 Rus. Igisomwa ca Bibiliya: Abacamanza 8-10
Ururirimbo No. 38 [*Zekariya 8–Malaki 4]
No. 1: Ushaka ko Abana Bawe Bogira Kazoza Kameze Gute? (w98-RU 1/8 rup. 4-6)
No. 2: Abacamanza 9:7-21
No. 3: Ntidufate Minenerwe Ibintu Vyeranda (my-RU Inkuru ya 17)
No. 4: Nushigikire Umugabo Wawe (fl-RU rup. 54-56 ing. 1-8)
8 Rus. Igisomwa ca Bibiliya: Abacamanza 11-14
Ururirimbo No. 82 [*Matayo 1-8]
No. 1: Ukuntu Abakirisu Babona Imigenzo Ijanye n’Urupfu (w98-RU 1/8 rup. 18-21)
No. 2: Abacamanza 13:2-10, 24
No. 3: Nidushitse Ivyo Twasezeranye (my-RU Inkuru ya 18)
No. 4: Umugore Aroranye Uwo Ari We (fl-RU rup. 56-60 ing. 9-16)
15 Rus. Igisomwa ca Bibiliya: Abacamanza 15-18
Ururirimbo No. 26 [*Matayo 9-14]
No. 1: Woshobora Kwizera Ijwi Ryawe ryo mu Mutima (w98-RU 1/9 rup. 4-7)
No. 2: Abacamanza 17:1-13
No. 3: Inkomoko y’Ihanga ry’Abisirayeli (my-RU Inkuru ya 19)
No. 4: Ukuntu Ubona ivy’Ukumarana Inambu y’Umubiri Biri n’Ico Bivuze (fl-RU rup. 60-62 ing. 17-20)
22 Rus. Igisomwa ca Bibiliya: Abacamanza 19-21
Ururirimbo No. 42 [*Matayo 15-21]
No. 1: Raba Neza ko Ushira Ibintu vya Mbere mu Kibanza ca Mbere (w98-RU 1/9 rup. 19-21)
No. 2: Abacamanza 19:11-21
No. 3: Imigenderanire Mibi Iraduta mu Kaga (my-RU Inkuru ya 20)
No. 4: Ukwiyuha Iryosozi n’Ukuba Imvuzi ya Cane Ntibiranga Ubukerebutsi (fl-RU rup. 62-65 ing. 21-27)
29 Rus. Igisomwa ca Bibiliya: Rusi 1-4
Ururirimbo No. 120 [*Matayo 22-26]
No. 1: Ingene Wosenga mu Kuri (w98-RU 1/10 rup. 4-7)
No. 2: Rusi 3:1-13
No. 3: Ntitugirire Ishari Abandi (my-RU Inkuru ya 21)
No. 4: Igihe co Gucereza n’Igihe co Kuvuga (fl-RU rup. 65-67 ing. 28-35)
5 Ruh. Igisomwa ca Bibiliya: 1 Samweli 1-3
Ururirimbo No. 191 [*Matayo 27–Mariko 4]
No. 1: Ntiturenze Urugero mu Gusaba Inkwano (w98-RU 1/10 rup. 18-21)
No. 2: 1 Samweli 1:9-20
No. 3: Yehova Arashima Abahamwa Bahorwa Ukugororoka (my-RU Inkuru ya 22)
No. 4: Barareshwa Ata Jambo Rivuzwe (fl-RU rup. 67-69 ing. 36-40)
12 Ruh. Igisomwa ca Bibiliya: 1 Samweli 4-7
Ururirimbo No. 85 [*Mariko 5-9]
No. 1: Ni Kuki Hahimbazwa Umusi w’Ukwibuka Ubugeni? (w98-RU 1/11 rup. 20-21)
No. 2: 1 Samweli 4:9-18
No. 3: Yehova Ntaheba Abizigirwa Biwe (my-RU Inkuru ya 23)
No. 4: Ico Urukundo Rusobanura vy’Ukuri (fl-RU rup. 71-75 ing. 7-19)
19 Ruh. Igisomwa ca Bibiliya: 1 Samweli 8-11
Ururirimbo No. 160 [*Mariko 10-14]
No. 1: Rya Zina Rituma Tugira Ukwizera Nyakuri (w98-RU 1/12 rup. 4-7)
No. 2: 1 Samweli 8:4-20
No. 3: Twambare Umutima w’Ikigongwe (my-RU Inkuru ya 24)
No. 4: Urukundo Nyakuri Ruri n’Inguvu Kandi Rurarinda Amagume (fl-RU rup. 76-77 ing. 20-22)
26 Ruh. Igisomwa ca Bibiliya: 1 Samweli 12-14
Ururirimbo No. 172 [*Mariko 15–Luka 3]
No. 1: Ugushimikira ku Dusembwa Bishobora Gusenyura Ukudahemuka (w97-RU 1/8 rup. 20-23 ing. 1-11)
No. 2: 1 Samweli 14:1-14
No. 3: Duharire Abandi vy’Ukuri (my-RU Inkuru ya 25)
No. 4: Erekana Urukundo Kugira ngo Rwongerekane (fl-RU rup. 77-80 ing. 23-31)
3 Muk. Igisomwa ca Bibiliya: 1 Samweli 15-17
Ururirimbo No. 8 [*Luka 4-8]
No. 1: Uragaba ku Bwoko bw’Uguhemuka kwo mu Buryo bw’Urwenge (w97-RU 1/8 rup. 23-25 ing. 12-21)
No. 2: 1 Samweli 16:4-13
No. 3: Tube Intahemuka ku Mana (my-RU Inkuru ya 26)
No. 4: Tubungabunge Ingabire Yehova Agaba (fl-RU rup. 85-87 ing. 11-14)
10 Muk. Igisomwa ca Bibiliya: 1 Samweli 18-20
Ururirimbo No. 156 [*Luka 9-12]
No. 1: Yezu Aza nk’Igisuma (w97-RU 1/3 rup. 24-27 ing. 1-8)
No. 2: 1 Samweli 19:1-13
No. 3: Abisirayeli Baba Abaja mu Misiri (my-RU Inkuru ya 27)
No. 4: Ingingo Abubatse Bakwiye Gufata (fl-RU rup. 87-89 ing. 15-22)
17 Muk. Igisomwa ca Bibiliya: 1 Samweli 21-24
Ururirimbo No. 33 [*Luka 13-19]
No. 1: Ukugene Dushobora Kuguma Turi Maso (w97-RU 1/3 rup. 27-29 ing. 9-21)
No. 2: 1 Samweli 24:2-15
No. 3: Ingene Musa Yarokotse (my-RU Inkuru ya 28)
No. 4: Nimufate Ingingo y’Ukuntu Muzorera Umwana Ataravuka (fl-RU rup. 90-93 ing. 23-27)
24 Muk. Igisomwa ca Bibiliya: 1 Samweli 25-27
Ururirimbo No. 60 [*Luka 20-24]
No. 1: Nitugaragaze Ubukerebutsi mu Mvugo no mu Migenzo Yacu (w97-RU 1/4 rup. 9-11 ing. 1-9)
No. 2: 1 Samweli 25:23-33
No. 3: Tugaragaze Umutima wo Kurorera Yehova (my-RU Inkuru ya 29)
No. 4: Abana Ni Impera Yehova Atanga (fl-RU rup. 94-96 ing. 28-32)
31 Muk. Igisomwa ca Bibiliya: 1 Samweli 28-31
Ururirimbo No. 170 [*Yohani 1-6]
No. 1: Niduhange Amaso Yehova ngo Aduhe Ubukerebutsi (w97-RU 1/4 rup. 11-14 ing. 10-20)
No. 2: 1 Samweli 31:1-13
No. 3: Imana Ihishura Izina Ryayo (my-RU Inkuru ya 30)
No. 4: Uruhara Ruhambaye Rwega Nyina w’Ibibondo (fl-RU rup. 98-101 ing. 4-10)
7 Myand. Igisomwa ca Bibiliya: 2 Samweli 1-4
Ururirimbo No. 22 [*Yohani 7-11]
No. 1: Ugutsinda Imyitwarariko Nyamukuru yo mu Buzima (w97-RU 1/3 rup. 13-16 ing. 1-13)
No. 2: 2 Samweli 2:1-11
No. 3: Dutinyuke mu Kuja ku Ruhande rw’Abasavyi ba Yehova (my-RU Inkuru ya 31)
No. 4: Uruhara Ruhambaye rwa Se w’Ibibondo (fl-RU rup. 102-106 ing. 11-18)
14 Myand. Igisomwa ca Bibiliya: 2 Samweli 5-8
Ururirimbo No. 174 [*Yohani 12-18]
No. 1: Ikintu Tugira Gikuru Hamwe n’Ivyo Tubwirizwa (w97-RU 1/3 rup. 16-18 ing. 14-22)
No. 2: 2 Samweli 7:4-16
No. 3: Izina rya Yehova Nyenubushobozi Ryamamara mw’Isi (my-RU Inkuru ya 32)
No. 4: Se w’Abana Na Nyina w’Abana Ni Abagenzi (fl-RU rup. 106-109 ing. 19-23)
21 Myand. Igisomwa ca Bibiliya: 2 Samweli 9-12
Ururirimbo No. 107 [*Yohani 19–Acts 4]
No. 1: Ubukerebutsi Burakenewe Bimwe Bidasanzwe (w97-RU 1/4 rup. 14-16 ing. 1-10)
No. 2: 2 Samweli 11:2-15
No. 3: Yehova Azotsinda Abamurwanya (my-RU Inkuru ya 33)
No. 4: Ugutera Iteka Abavyeyi Ubwo Biroroshe (fl-RU rup. 110-111 ing. 24-27)
28 Myand. Isubiramwo Ryandikwa. Nimunonosore Abacamanza 8–2 Samweli 12
Ururirimbo No. 177 [*Ivyakozwe 5-10]
4 Nyak. Igisomwa ca Bibiliya: 2 Samweli 13-15
Ururirimbo No. 183 [*Ivyakozwe 11-16]
No. 1: Reka Ubukerebutsi Bukurinde (w97-RU 1/4 rup. 17-21 ing. 11-21)
No. 2: 2 Samweli 13:20-33
No. 3: Umukate Uvuye mw’Ijuru (my-RU Inkuru ya 34)
No. 4: Ukuntu i Muhira Homera (fl-RU rup. 112-113 ing. 28-32)
11 Nyak. Igisomwa ca Bibiliya: 2 Samweli 16-18
Ururirimbo No. 129 [*Ivyakozwe 17-22]
No. 1: Ubuzima Bwawe Bufise Intumbero Nki? (w97-RU 1/3 rup. 8-10 ing. 1-9)
No. 2: 2 Samweli 16:5-14
No. 3: Amabwirizwa Makuru Yehova Yaduhaye (my-RU Inkuru ya 35)
No. 4: Nurere Abana Kuva Bakiri Bato (fl-RU rup. 114-118 ing. 1-11)
18 Nyak. Igisomwa ca Bibiliya: 2 Samweli 19-21
Ururirimbo No. 19 [*Ivyakozwe 23–Abaroma 1]
No. 1: Ubu Ni Igihe c’Ukwihesha Izina Ryiza (w97-RU 1/3 rup. 10-13 ing. 10-21)
No. 2: 2 Samweli 20:1, 2, 14-22
No. 3: Ntidusenge Ibigirwamana (my-RU Inkuru ya 36)
No. 4: Fasha Umwana Wawe Akure (fl-RU rup. 119-122 ing. 12-15)
25 Nyak. Igisomwa ca Bibiliya: 2 Samweli 22-24
Ururirimbo No. 98 [*Abaroma 2-9]
No. 1: Ubwiza bw’Ubusuku Umuntu Akoranye Ubugingo Bwose (w97-RU 1/11 rup. 9-11 ing. 1-12)
No. 2: 2 Samweli 23:8-17
No. 3: Dusenge Yehova nk’Uko Abidusaba (my-RU Inkuru ya 37)
No. 4: Gutanga Inyigisho Zihambaye Rwose mu Buzima (fl-RU rup. 122-128 ing. 16-29)
2 Git. Igisomwa ca Bibiliya: 1 Abami 1-2
Ururirimbo No. 36 [*Abaroma 10–1 Ab’i Korinto 3]
No. 1: Twigire ku Kuntu Yehova Abona Ubusuku Bukoranywe Ubugingo Bwose (w97-RU 1/11 rup. 11-14 ing. 13-21)
No. 2: 1 Abami 2:1-11
No. 3: Twame Twizigira Yehova mu Gihe c’Ingorane (my-RU Inkuru ya 38)
No. 4: Shinga Ingingo Nziza (fl-RU rup. 128-130 ing. 30-35)
9 Git. Igisomwa ca Bibiliya: 1 Abami 3-6
Ururirimbo No. 106 [*1 Ab’i Korinto 4-13]
No. 1: Ubugabo Nyakuri n’Ubugore Nyakuri (w97-RU 1/7 rup. 8-10 ing. 1-10)
No. 2: 1 Abami 4:21-34
No. 3: Twumvire Abo Yehova Yagenye (my-RU Inkuru ya 39)
No. 4: Inkoni y’Ugutoza Umwana Indero (fl-RU rup. 131-134 ing. 1-8)
16 Git. Igisomwa ca Bibiliya: 1 Abami 7-8
Ururirimbo No. 76 [*1 Ab’i Korinto 14–2 Ab’i Korinto 7]
No. 1: Abakirisu b’Abagabo n’Abagore—Ni Abagabo Nyakuri n’Abagore Nyakuri (w97-RU 1/7 rup. 11-13 ing. 11-23)
No. 2: 1 Abami 7:1-14
No. 3: Duheshe Yehova Icubahiro Muri Vyose (my-RU Inkuru ya 40)
No. 4: Shinga Akarimbi Ntabanduka (fl-RU rup. 134-138 ing. 9-16)
23 Git. Igisomwa ca Bibiliya: 1 Abami 9-11
Ururirimbo No. 97 [*2 Ab’i Korinto 8–Abagalatiya 4]
No. 1: Igikorwa c’Ubwubatsi bwa Gikirisu (w98-RU 1/11 rup. 22-25 ing. 1-11)
No. 2: 1 Abami 11:1-13
No. 3: Uburyo Rudende Turonkeramwo Agakiza (my-RU Inkuru ya 41)
No. 4: Ivy’Ukwinezereza Bikwiye Gucungerwa (fl-RU rup. 138-140 ing. 17-21)
30 Git. Igisomwa ca Bibiliya: 1 Abami 12-14
Ururirimbo No. 113 [*Ab’i Galatiya 5–Ab’i Filipi 2]
No. 1: Mbega Igikorwa Cawe Kizorinda Umuriro? (w98-RU 1/11 rup. 25-27 ing. 12-19)
No. 2: 1 Abami 13:1-10
No. 3: Ntidushirire Abandi Imbere Ibibatsitaza (my-RU Inkuru ya 42)
No. 4: Igihe Ubatoza Indero, Nimuseruranire Akari ku Mutima (fl-RU rup. 140-142 ing. 22-25)
6 Muny. Igisomwa ca Bibiliya: 1 Abami 15-17
Ururirimbo No. 123 [*Ab’i Filipi 3–1 Ab’i Tesalonike 5]
No. 1: Igikorwa co Kwubaka Dukorera Muri Twebwe (w98-RU 1/11 rup. 27-29 ing. 1-7)
No. 2: 1 Abami 15:9-24
No. 3: Dukomere Kandi Dushire Amanga (my-RU Inkuru ya 43)
No. 4: Toza Abana Indero mu Rukundo (fl-RU rup. 142-145 ing. 26-31)
13 Muny. Igisomwa ca Bibiliya: 1 Abami 18-20
Ururirimbo No. 159 [*2 Ab’i Tesalonike 1–2 Timoteyo 3]
No. 1: Nugume Wironderera Ubukiriro (w98-RU 1/11 rup. 29-32 ing. 8-18)
No. 2: 1 Abami 20:1, 13-22
No. 3: Dutsindanishirizwe Ibikorwa Nka Rahabu (my-RU Inkuru ya 44)
No. 4: Gutegekanya Uguseruriranira Akari ku Mutima (fl-RU rup. 146-147 ing. 1-4)
20 Muny. Igisomwa ca Bibiliya: 1 Abami 21-22
Ururirimbo No. 179 [*2 Timoteyo 4–Abaheburayo 7]
No. 1: Impwemu y’Imana Iragerura ivy’Ugukenera Amategeko (w98-RU 1/4 rup. 15-17 ing. 1-7)
No. 2: 1 Abami 22:29-40
No. 3: Twiyeze Kandi Dukurikire Ubuyobozi Kugira ngo Twinjire mw’Isi Nshasha (my-RU Inkuru ya 45)
No. 4: Remesha Umwana Wanyu Kugira ngo Abaganirire (fl-RU rup. 147-149 ing. 5-8)
27 Muny. Igisomwa ca Bibiliya: 2 Abami 1-3
Ururirimbo No. 148 [*Abaheburayo 8–Yakobo 2]
No. 1: Hoba Hariho Ico Tubazwa n’Inama Nyobozi? (w98-RU 1/4 rup. 17-19 ing. 8-15)
No. 2: 2 Abami 2:15-25
No. 3: Kugamburukira Yehova Bizoduhesha Intsinzi (my-RU Inkuru ya 46)
No. 4: Ugutahura Ivyo Imiyabaga Bakeneye (fl-RU rup. 150-155 ing. 9-19)
4 Kig. Igisomwa ca Bibiliya: 2 Abami 4-6
Ururirimbo No. 109 [*Yakobo 3–2 Petero 3]
No. 1: Abigishwa ba Kirisitu Ni nk’Abasoda (w98-RU 1/4 rup. 19-20 ing. 16-19)
No. 2: 2 Abami 5:20-27
No. 3: Icaha Kirazana Ingaruka Mbi (my-RU Inkuru ya 47)
No. 4: Guseruriranira Akari ku Mutima mu Guhana no mu Guhanura (fl-RU 155-157 ing. 20-22)
11 Kig. Igisomwa ca Bibiliya: 2 Abami 7-9
Ururirimbo No. 117 [*1 Yohani 1–Ivyahishuriwe 1]
No. 1: Imana Yararuhutse Ibikorwa Vyayo (w98-RU 1/8 rup. 12-14 ing. 1-11)
No. 2: 2 Abami 7:1, 2, 6, 7, 16-20
No. 3: Dukorane Ubukerebutsi (my-RU Inkuru ya 48)
No. 4: Ukubona ko Umwumwe Ari n’Ico Amaze (fl-RU rup. 157-159 ing. 23-27)
18 Kig. Igisomwa ca Bibiliya: 2 Abami 10-12
Ururirimbo No. 181 [*Ivyahishuriwe 2-12]
No. 1: Niwinjire mu Karuhuko k’Imana (w98-RU 1/8 rup. 14-17 ing. 12-20)
No. 2: 2 Abami 11:1-3, 9-16
No. 3: Agakiza Kava Kuri Yehova (my-RU Inkuru ya 49)
No. 4: Ugukingirwa n’Ivyanditwe Muri Bibiliya Vyerekeye Ukwigenza Runtu (fl-RU rup. 159-160 ing. 28-30)
25 Kig. Isubiramwo Ryandikwa. Nimunonosore 2 Samweli 13–2 Abami 12
Ururirimbo No. 217 [*Ivyahishuriwe 13-22]