ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 32:32
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 32 Nimba rero ubababarira igicumuro cabo+. . ., atari ukwo na ho, ndakwinginze umpanagure+ mu gitabu cawe+ wanditse.”

  • Zaburi 69:28
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 28 Nibahanagurwe mu gitabu c’abazima+,

      Kandi ntibandikwemwo hamwe n’abagororotsi+.

  • Yesaya 4:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba: abasigaye i Siyoni n’abasigajwe i Yeruzalemu bazovugwa ko ari beranda kuri we+, uwo wese yanditswe ku bw’ubuzima i Yeruzalemu+.

  • Daniyeli 12:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 “Muri ico gihe Mikaheli+ azohaguruka, wa muganwa ahambaye+ ahagaze+ arwanira abana b’igisata cawe+. Kandi hazoba koko igihe c’amarushwa atari bwigere abaho kuva habaho ihanga gushika ico gihe+. Kandi muri ico gihe abantu bawe bazorokoka+, uwo wese azosangwa yanditswe muri ca gitabu+.

  • Abafilipi 4:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Egome, ndagusaba nawe nyene uwo dusangiye ingǒgo*+ w’ukuri, ugume usahiriza abo bagore bafatanije nanje+ kurwanira inkuru nziza, hamwe na Kelementi be n’abandi bakozi bagenzanje+, amazina yabo+ akaba ari mu gitabu c’ubuzima+.

  • Abaheburayo 12:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 mw’ikoraniro rya bose+, be n’ishengero ry’imfura+ zanditswe+ mw’ijuru, n’Imana yo Mucamanza wa bose+, n’ubuzima bw’impwemu+ bw’abagororotsi bagizwe abatagira akanenge+,

  • Ivyahishuwe 3:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Uwutsinda+ azokwambikwa rero impuzu zo hejuru zera+; kandi sinzogenda mpanaguye izina ryiwe mu gitabu c’ubuzima+, mugabo nzokwemanga izina ryiwe imbere ya Data+ n’imbere y’abamarayika biwe+.

  • Ivyahishuwe 13:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Kandi ababa kw’isi bose bazogisenga; nta n’umwe muri abo izina ryiwe ryanditswe mu muzingo+ w’ubuzima wa wa Mwagazi w’intama yicwa+, uhereye kw’ishingwa ry’isi+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika