Abacamanza
12 Maze abagabo ba Efurayimu barakoranywa, bajabuka berekeza mu buraruko, hanyuma babwira Yefuta bati: “Kubera iki wajabutse kurwanya bene Amoni ntudutere akamo ngo tujane nawe+? Inzu yawe turayiguturirirako n’umuriro+.” 2 Mugabo Yefuta ababwira ati: “Twe n’abantu banje twari dufitaniye amatati adasanzwe na bene Amoni+. Mwebwe narabatabaje rero, mugabo ntimwankiza mu kuboko kwabo. 3 Mbonye ko utankijije, nca niyemeza gushira ubuzima bwanje mu kaga*+, nja kurwanya bene Amoni+. Nuko Yehova abatanga mu kuboko kwanje. Kubera iki none uyu musi muduze kundwanya?”
4 Ubwo nyene Yefuta akoraniriza hamwe abagabo bose ba Gileyadi+ maze arwanya Efurayimu; abagabo ba Gileyadi batangura kwica Efurayimu, kuko bano bari bavuze bati: “Ewe Gileyadi, muri abantu bahunze bava muri Efurayimu, hagati muri Efurayimu, hagati muri Manase.” 5 Gileyadi afata ivyambu vya Yorodani+ imbere ya Efurayimu; maze abagabo ba Efurayimu bariko barahunga iyo bavuze ngo: “Nimundeke njabuke,” abagabo ba Gileyadi baca babwira umwe wese bati: “Uri Umwefurayimu?” Avuze ati: “Oya!”, 6 baca bamubwira bati: “Turakwinginze uvuge ngo Shiboleti+.” Na we yaca avuga ngo “Siboleti,” kuko atashobora kuvuga neza iryo jambo. Baca bamufata bakamwicira ku vyambu vya Yorodani. Nuko ico gihe hagwa abantu ibihumbi mirongo ine na bibiri bo muri Efurayimu+.
7 Yefuta acira imanza Isirayeli imyaka itandatu, hanyuma Yefuta Umugileyadi arapfa, maze ahambwa mu gisagara ciwe i Gileyadi.
8 Inyuma yiwe, Ibuzani w’i Betelehemu+ atangura gucira imanza Isirayeli+. 9 Agira abahungu mirongo itatu n’abakobwa mirongo itatu. Atuma hanze*, bazanira abahungu biwe abakobwa mirongo itatu bavuye hanze. Acira imanza Isirayeli imyaka indwi. 10 Maze Ibuzani arapfa, hanyuma ahambwa i Betelehemu.
11 Inyuma yiwe, Eloni Umuzebuloni+ atangura gucira imanza Isirayeli. Acira imanza Isirayeli imyaka cumi. 12 Maze Eloni Umuzebuloni arapfa hanyuma ahambwa i Ayaloni mu gihugu ca Zebuloni.
13 Inyuma yiwe, Abudoni mwene Hileli Umunyapiratoni+ atangura gucira imanza Isirayeli. 14 Agira abahungu mirongo ine n’abuzukuru mirongo itatu bagendera ku ndogobwa zikuze+ mirongo irindwi. Acira imanza Isirayeli imyaka umunani. 15 Maze Abudoni mwene Hileli Umunyapiratoni arapfa hanyuma ahambwa i Piratoni mu gihugu ca Efurayimu, ku musozi w’Umumaleki+.