Hoseya
12 “Efurayimu arya umuyaga+ kandi yoma inyuma umuyaga wo mu buseruko bukarinda bwira+. Agwiza ukubesha n’ukunyaga+. Bagirana isezerano na Ashuri+, bakajana amavuta mu Misiri.
2 “Yehova arafitaniye imburano na Yuda+, egome, kugira ngo agire ico abaza Yakobo nk’uko inzira ziwe ziri+; azomwishura nk’uko ibikorwa vyiwe biri+. 3 Yafashe mwene wabo igitsintsiri bari mu nda+, kandi yanyinyanye n’Imana akoresheje inguvu ziwe zose+. 4 Yagumye anyinyana n’umumarayika, amaherezo aranesha+. Yararize, kugira ngo yisabire ubutoni+.”
Imana yamusanze i Beteli+, maze ivuganira na we ng’aho+. 5 Yehova Imana nyen’ingabo+, Yehova ni ryo zina yibukirwako+.
6 “Nayo wewe, ubwirizwa kugaruka ku Mana yawe+, ukagumya ubuntu bwuzuye urukundo+ be n’ubutungane+; niwame witeze Imana yawe+. 7 Nayo umucuruza, mu kuboko kwiwe hari umunzane w’ubuhendanyi+; yakunze ukugunga+. 8 Efurayimu aguma avuga ati: ‘Ni ukuri narabaye umutunzi+; narironkeye ibintu vy’agaciro+. Ku bijanye n’ubucumukure bwanje bwose, ntibazombonako ikosa ryokwitwa igicumuro+.’
9 “Mugabo jewe ndi Yehova Imana yawe kuva igihe wava mu gihugu ca Misiri+. Nzosubira gutuma uba mu mahema nko mu gihe c’imisi mikuru yashinzwe. 10 Navuganye n’abahanuzi+, nagwije ukwerekwa, kandi biciye ku kuboko kw’abahanuzi nagumye ntanga ibigereranyo+.
11 “I Gileyadi habonetse ivy’amageza+ be n’ivy’ububeshi+. I Gilugali bashikanye amashūri+. Vyongeye, ibicaniro vyabo bimeze nk’ibirundo vy’amabuye mu mirongo y’ubusizi yo mu mirima+. 12 Nuko Yakobo ahungira mu karere ka Siriya+, Isirayeli+ aguma akora ngo aronke umugore+, aragira intama kugira ngo aronke umugore+. 13 Yehova yaraduganye Isirayeli amukura mu Misiri biciye ku muhanuzi+, kandi yarinzwe biciye ku muhanuzi+. 14 Efurayimu yarababaje+ Imana bimwe bibi, kandi ibikorwa vyiwe vy’ugusesa amaraso abirekera kuri we+; iceyi ciwe, Shebuja wiwe Ahambaye azokimwishura+.”